
FOCODE Magazine
May 30, 2025 at 12:36 PM
https://www.facebook.com/share/1RE52M2yKu/
🔴 #amatora Bimaze iki guha ijwi uwigenga mu gihe ata mahirwe afise yo gutorwa ?
Mu gihe umugambwe usabwa gukwiza 2% mu gihugu cose kugira uronke intebe mu Nama Nshingamateka, uwigenga asabwa gushikana 40% mu ntara yitojemwo !
Bishitse umugambwe ukaronka 40% mu ntara woca uhabwa hafi igice c'abashingamateka bose bo muri iyo ntara. Ni ukuvuga ko nko mu gisagara ca Bujumbura, uwo mugambwe woca uronka intebe hafi 12. Ariko uwigenga ashikanye ayo majwi, we yoronka intebe yiwe gusa. Aha rero niho umuntu aca yibaza ico bimaze guha ijwi uwigenga.
🔴 Abigenga 10 nibo bariko baritoza mu ntara ya Bujumbura.
Intara nshasha ya Bujumbura igizwe na Bujumbura-Mairie, igice ca Bujumbura rural, Bubanza na Cibitoke. Abigenga bariko baritoza mu bashingamateka ni 10. Bamwe muri bo ntawuza ko ari ukwitoza koko, nuko bashatse ko amazina yabo amenyekana gusa. Tubaravye ku mbuga zabo kuri Twitter, harimwo batatu twabuze, ata kintu na kimwe kibavuga ko bariko baritoza. Hari abandi bariko ariko n'imbuga zabo zitavuga imyayamazo yabo, ahubwo bishirirako ayandi makuru.
Hari batatu baboneka ko bariko baritoza koko :
1. Thomas Nzeyimana batazira Mkombozi. Uyu aranakoresha impano yiwe y'umuziki mu kwiyamamaza.
2. Dieudonné Nahimana, arakora imyayamazo mu ntara, bikaboneka ko anafise uburyo bwo kwiyamamaza butari buke.
3. Jules Niyongabo nawe nyene araboneka hamwe hamwe kandi urubuga rwiwe ararukoresha mu kwiyamamaza.
Umwe wese muri bano, kugira atorwe, vyomusaba kuronka 40% y'amajwi mu ntara yose ya Bujumbura (ni ukuvuga muri mairie, muri Bujumbura rural, i Bubanza no mu Cibitoke). Hamwe bishitse bakayakwiza ari babiri, imigambwe yose isigaye yoca igabura amajwi 20% gusa ariko ikaronka ibibanza 21, mu gihe abaronse amajwi 80% boca baronka ingene bibiri gusa !
🔴 Gutora abigenga bisa no kwonona amajwi
Kubera amategeko mabi CNDD-FDD yazanye yo gukumira abigenga, kubaha amajwi bisa no kuyata. Ntaco bimaze guha ijwi umuntu uzi neza ko adashobora gutorwa. Anatowe rwoba uruhombo kubera vyosaba amajwi menshi cane ariko akaronka intebe imwe gusa.
Kurunda amajwi ku bigenga batazoshika, bafasha CNDD-FDD. Abadashigikiye intwaro ya CNDD-FDD barashobora kwihenda mu guhunda amajwi abigenga. Ni amajwi azoba atakaye, kumbure aba yotumye haboneka umushingamateka yoshoboye kubaza ibibazo vy'inkoramutima. CNDD-FDD iba ihatomboreye kuko yo abayishigikiye baba bayihaye amajwi.
🔴 None akamaro k'abigenga ni akahe ?
Ico abigenga bashobora gufasha muri aya matora nuko bovuga ibibazo bihanze Abarundi. Igihe c'amatora nico gihe abantu bahabwa uburenganzira bwo gusohora ivyiyumviro baba badashobora kuvuga mu bindi bihe. Ni vyiza ko bofata kano karyo bakavugira abarundi.
Umuririmvyi Thomas Nzeyimana batazira Mkombozi biraboneka ko ariwe agerageza kubivuga aciye mu ndirimbo. Abandi benshi mu bigenga wumva ngo bariko bashimira umukuru w'igihugu na Leta, ukanayoberwa icatumye baja kwitoza. Birababaje kubona amategeko ahari atuma nka Mkombozi bidashoboka ko atorwa. Kumbure yokwubahutse kuvugira urwaruka.
🔴 Birakenewe ko amategeko ahinduka, kugira abigenga nabo baronke uburenganzira bungana n'ubw'abari mu migambwe. Birahambaye ko amategeko aba amwe kuri bose, abigenga bagasabwa 2% nkuko imigambwe ibisabwa. Abigenga bagahanmbwa uburenganzira bwo gukora intonde nk'abanyamigambwe. Ubundi ivyo vyose vyarahoraho, vyakuwe kugira Agathon Rwasa jtabikoreshe bamwatse umugambwe. Abariko baritoza nk'abigenga nibakoreshe kano kanya biyamirize ayo mategeko mabi akumira abigenga.
👍
👎
😂
11