FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 31, 2025 at 12:56 PM
https://www.facebook.com/share/p/15UwBxwKL4/ 🔴 Akaborerwe k'ubutegetsi ! Icigwa kigora cane abiyumva nk'ibihangange. Aho hirya muri RDC, bafise umushikiranganji ajejwe ubutungane w'imyaka 37. Ubu amaze umwaka ari umushikiranganji. Yumvikanye kenshi cane asabira igihano co gupfa abantu, canecane abatavuga rumwe na Prezida Tshisekedi. RDC yari yarahagaritse gushira mu ngiro ico gihano, Mutamba we yaje avuga ko gitegerezwa kuja mu ngiro. Muri nzero 2025, Constant Mutamba yatangaje ko yipfuza gushiraho igihano co gupfa ku bantu bagiriye icaha co kunyuruza amafaranga ya Leta. Yavuga ko n'uwuzonyuruzwa urufaranga rumwe azoca yicwa ! Hari akajambo namwandikiye kuri Twitter, muri kigarama 2024, igihe yariko arigamba ko anezerejwe n'uko hari abari bahejeje guhabwa igihano co gupfa, mbere akipfuza ko baca bicwa. Namubwiye nti : "Mushikiranganji Constant Mutamba, mu gihugu canje c'Uburundi, hari umushikiranganji yari igihangange yitwa Bunyoni, haraciye imyaka 10 yipfuje ko hagarukanwa igihano co gupfa, kugira yice abatavuga rumwe n'ubutegetsi. Iyo abishobora kukigarukana, aba yishwe muri 2024, hakoze ico gihano nyene !" None muri ino ndwi, Inama Nshingamateka ya RDC yaremeje ko Constant Mutamba akurikiranwa mu butungane, aho ariko yagirizwa kunyuruza imiliyoni 20 z'amadolari ! Iyaba ca gihano co gupfa yari yamaze kugishiraho ku banyuruza amatungo ya Leta, niwe cari gukorako ubwambere. 🔴 Bategetsi, mu bibanza murimwo, be mwibuka ko hari igihe mutazoba muvyicayemwo. Be mwibuka ko, imbere yanyu, hari abandi benshi bavyicayemwo. Ingingo mufata, be muziroreshako. Vyobafasha.
👍 🙏 😂 ❤️ 😮 25

Comments