FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 1, 2025 at 11:45 AM
https://www.facebook.com/share/p/1XrvsX7jec/ ------------------------- 🔴 Hari amakuru tugitohoza avuga ikurwa mu mabanga rya Eliphaz Niyongabo yahora arongoye iperereza mu gisagara ca Bujumbura. Eliphaz Niyongabo yoba yagirizwa ubusuma budasanzwe, bwoba buciye imiliyaridi zitatu z'amarundi. Hari abatwandikiye ko bumwe muri ubwo busuma yoba yagiye arabukorera ku bunywero bw'ibitoro, aho yoba yasaba ibitoro bitari bike abeshe ko abitumwa n'umupfasoni w'umukuru w'igihugu, Angeline Ndayishimiye. Hari abavuga ko yoba yahora yaka amahera abantu, na canecane abarwizatunga, nahone akavuga ko ayatumwa na Angeline Ndayishimiye. Amakuru ataratomoka neza avuga ko Eliphaz Niyongabo yoba yarahagaritswe. Ariko turavabihozako, ntiharagera ko tuyemeza nk'inkuru ntabanduka. 🔴 Eliphaz Niyongabo yarakoze amabi menshi cane. Hagati ya 2023 na 2025, Eliphaz Niyongabo yaranyuruje abantu benshi mu gisagara ca Bujumbura. Yafatwa nk'#intakorwako kubera ubucuti bwa be Angeline Ndayishimiye, basanzwe banava hamwe muri komine Rutegama. N'imbere ya 2023, Eliphaz Niyongabo yasheshe amaraso menshi, yongera anyuruza abatari bake mu ntara zitandukanye yakoreyemwo. Iyi nkuru tuzoyigarukako. 🔴 Uwomenya umukuru mushasha w'iperereza mu gisagara ca Bujumbura, yotwandikira inbox canke kuri WhatsApp +32465651905.
👍 ❤️ 😂 4

Comments