FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 1, 2025 at 04:45 PM
https://www.facebook.com/share/p/14goEevSuy/ 🔴 #amatora Ico Abarundi bazotakaza mu matora yimirije. Mbe ni igiki gihambaye mu gutora umushingamateka ? Umushingamateka afise ibikorwa bitatu bihambaye cane : - gutora amategeko - kugenzura ibikorwa vya Leta - guserukira abanyagihugu Ku ncuro igira icenda, Abarundi barimirije gutora abashingamateka. Ni amatora azovyara gusubira inyuma gukomeye mu bijanye n'ingene ivyiyumviro bitandukanye bivugwa mu Nama Nshingamateka, mbere ibibazo bihanze Abarundi bigatera bigabanuka ingene bivugwa. Igikorwa co kugenzura Leta cari gisanzwe atakiriho vy'ukuri, ubuho kizosubira inyuma rwose. Ni igiki abarundi bagiye gutakaza mu vyahahora ? Ni igiki bokwisunga mu gutora ? 🔴 Amajwi yahora yubahuka kuvuga agiye kuzima ! Naho Inama Nshingamateka yari yiganjemwo CNDD-FDD, hahoramwo igice kitari gito ca CNL. Hari abashingamateka batatu banditse amateka mu kiringo giheze ca 2020-2025 : Agathon Rwasa, Pascal Gikeke na Pamphile Malayika. Incuro nyinshi cane, bano batatu barabajije ibibazo vy'inkoramutima, ku buryo vyari bisigaye biryoshe gukurikira ibivugwa mu Nama Nshingamateka. Igihe cose abo batatu bafashe ijambo, haba hagira havugwe ijambo rikomeye ku binyegezwa biri mu ntwaro. Igihe Prezida Ndayishimiye yariko agwiza kabiri amafaranga yo kumugaburira (akiha gusumisha imiliyoni zibiri ku musi), Agathon Rwasa niwe yubahutse kuvyiyamiriza, naho atumvirijwe. Ni nde wundi agiye kwubahuka kubaza ikibazo kijanye n'umukuru w'igihugu iyo akoze ibitabereye ? Pascal Gikeke yarabajije kenshi ibibazo bijanye n'ubutunzi. Niwe yubahutse kwiyamiriza amatungo CNDD-FDD yiha, ingene yakira ibiturire vy'abarwizatunga bakaca bakora ivyo bishakiye. Yariyamirije abategetsi bakoresha izina ry'imana mu gusigura amafuti, yariyamirije iyugarwa ry'imbibe z'Uburundi n'Urwanda, n'ibindi vyinshi. Iyo afashe ijambo, abashikiranganji benshi bahora bajugumira. Ni nde azosubira kuryogora ku bibazo bihambaye gutyo ? Pamphile Malayika twaramwumvise kenshi, avugira abanyagihugu bagowe. Yarabajije ivy'abanyuruzwa bakaburwa irengero, yarakaze ku kibazo c'igitoro. Ni nawe yubahutse gusaba umushikiranganji wa mbere gutanga imihoho kubera Leta ya Gervais Ndirakobuca ata nyishu ifise ku bibazo bihanze Abarundi. Ubu aho kubaza abanyuruzwa, uwubanyuruza, Shabani Nimubona, niwe azoba afise ijambo mu Nama Nshingamateka. 🔴 Ni ibiki umunyagihugu yokwisunga mu gutora umushingamateka ? Politike ni ingwano y'inyungu. Umunyagihugu akwiye kwama azi inyungu ziwe, agashira ku muzirikanyi ko ijwi rihambaye mu gutora abazoja kumugwanira. Rana uwo muntu ariko aritoza ko yubahuka kuvuga ingorane zawe. Nimba atanazivuga mu kwiyamamaza, ntazigera azivuga ageze mu kibanza c'iteka. Raba ko arinda iyo hageze ibibazo bikomeye, raba mu mateka yiwe ko azwi nk'uwubahuka kuvugira anarenganywa. 1. Nimba uri mu rwaruka, raba ko avuga ibibazo vyawe, raba ko atomora inyishu zikwiriye, raba ko ashoboye kwiyamiriza politike iguhonyora. 2. Nimba ufise ikibazo co kwiyunguruza, raba ko avuga ikibazo cawe, umviriza ko afise inyishu kw'ikena ry'ibitoro kandi ko yubahuka kwiyamiriza ababoheye amaboko abarundi i mugongo ku kijanye n'igitoro. Raba inyishu atanga ko zifaditse. 3. Nimba ufise abawe bapfungiwe ubusa canke impunzi, raba ko hari ico abavugako, raba ko azogufasha gutora umuti. 4. Nimba uri umurimyi, umviriza ko avuga ibibazo vyawe. Mbega arazi ko utaronka ifumbire kandi warayirishe ? Mbega arazi ibibazo rimwe na rimwe ugira hageze gushora ? Mbe hari ico avuga ku makori y'umurengera ? ... Raba ntuhendwe ngo ushigikire inyungu z'umurwi kanaka witoza, kuko baraguhenda ngo inyungu zabo nizo rwawe. Umviriza ko inyungu zawe bazivuga, ico kirahambaye cane. Ntabwo abashingamateka aribo bubaka amashure, bubaka amavuriro, bubaka amabarabara... Aho benshi baba bariko baraguhenda. Ukumva abakoresha amajambo maremamare adasiguye ingene aja mu ngiro, uramenya ko ari ababesha. Umuntu avuze ngo azokomeza demokarasi, aba avuze iki ? Avuze ko azozana ubutungane kuri bose, aba avuze iki ? Avuze amahoro n'umutekano, aba avuze iki ? Avuze ko azozana iterambere, aba avuze iki ? Ayo ni amajambo ameze nk'igipfungu. Navuge ingingo zitomoye zikwerekeye, nawe wumvirize ko avuga ivyo ushaka, ubone kumuha ijwi ryawe. 🔴 Mu Nama Nshingamateka ihavuye ni bake cane baserukiye umunyagihugu canke intara zabatoye. Benshi baserukiye imigambwe yabo. Umunyagihugu agowe, ntibigeze abona umushingamateka amugarukirako canke avuga ikibazo ciwe. Abanyagihugu nibatakanura, bizoguma gutyo, ahubwo bitere vyunyuka. 🔴 Musomyi, ni uyuhe Mushingamateka yagushimishije mu kiringo giheze ? Ni nde ubona abereye ikidari mu bijanye n'uguserukira inyungu z'abanyagihugu ?
👍 😢 🙏 😮 7

Comments