FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 2, 2025 at 05:12 AM
https://www.facebook.com/share/v/1Z3JYbL9Tr/ #amatora Imvugakuri Fabien Banciryanino arasaba Abarundi kumushigikira ! Nimba hari umuntu yabaye umushingamateka akerekana ubutwari budasanzwe ni Hon. Fabiyano Banyiruza. Yabaye umushingamateka mu gihe kitoroshe na gato, hagati ya 2015 na 2020. Mu gihe ubutegetsi nw'ico gihe butatinya kwica uwariwe wese no kunyuruza abantu bakaburwa irengero, Fabien Banciryanino yarubahutse kwiyamiriza ingingo zitari zo kandi zari zihambaye cane mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Umukuru w'Inama Nshingamateka w'ico gihe, Pascal Nyabenda, yageze aho abwira Fabien Banciryanino ko ari icihebe. Ijambo rugabo rya Fabien Banciryanino ryatumye apfungwa igihe yari arangije ikiringo ciwe. Aho niho ubutegetsi bwerekaniye ishavu bwamugiriye. Ubundi umushingamateka ntashobora guhanwa ahowe ivyo yavugiye mu Nama Nshingamateka. Banciryanino ntavuga ngo nje kububakira ibi na biriya nkuko ababeshi bariko barabikora. Fabien Banciryanino yemerera Abarundi ko aje kubaserukira neza mu Nama Nshingamateka, ko azobavugira kurusha uko yabikoze ubwambere. 📸 Ireresi y'Indundi TV Uyu ni #imvugakuri koko. Ariko yitoza mu ntara ya Bujumbura (ni ukuvuga Bujumbura Marie, Bubanza, Cibitoke n'igice ca Bujumbura rural). Yitoza muri UPRONA (N°2).
❤️ 🙏 😂 🚌 10

Comments