
FOCODE Magazine
June 3, 2025 at 05:19 AM
https://www.facebook.com/share/p/15nVKi9FJ1/
🔴 Amaherezo y'abarongoye Inama Nshingamateka y'Uburundi.
Mu gihe Abarundi bimirije gutora abashingamateka ku ncuro y'icenda, turabire hamwe amaherezo y'abagiye bararongora urwo rwego. Mu makuru aberekeye, turabona ingene imigenderanire y'urwo rwego n'abatwara igihugu itama yoroshe, turabona ingene ikibanza c'Inama Nshingamateka kitama gitahurwa, ahandi naho igahinduka igikoresho c'uwutwara Uburundi. Amateka y'aba bantu atwibutsa amagorwa Uburundi bugenda baracamwo kuva mu ntango ya za 1960.
🔴 Cyprien Kiyuku (nzero-nyakanga 1961).
Uyu nta kinini tumuziko.
Inyuma y'amatora y'abatwara amakomine yabaye mu mpera za 1960, ababiligi batwara Uburundi ico gihe bashatse guca bakurikiza amatora y'abashingamateka. Ayo matora yo mu makomine yari yakozwe umuganwa Ludoviko Rwagasore apfunzwe ic'amaso i Bururi. Ababiligi baratinya rwose Rwagasore, barondera gukora amatora atarimwo, na UPRONA bayiciye inguvu. Intumbero kwari ukugirako amatora y'abashingamateka, bagatorwa n'abajenama b'amakomine, kugira UPRONA na Rwagasore babure isaganirizo. UPRONA yarashoboye kwitwara muri ONU, iranka ivyavuye mu matora y'amakomine. Mu kurindirira itunganywa ry'amatora nyezina muri nyakanga 1961, ababiligi barashizeho Inama Nshingamateka y'imfatakibanza (Assemblée Législative Intérimaire) yari irongowe na Cyprien Kiyuku, umukuru w'umugambwe PDR. Imigambwe PDR, PDC , PP be n'iyindi bari barakoze urunani bita Front Commun (abarundi bo bita abarurimwo ngo ni 'abaforokome"), urunani rwari rushigikiwe n'ababiligi mu kugwanya UPRONA ya Rwagasore.
Mu matora y'abashingamateka yo ku wa 18.9.1961, UPRONA yaronse intebe 58 kuri 64. Mu nyuma, ababiligi bamaze kugenda, ya migambwe ntiyasubiriye kuvugwa.
Mu myaka y'inyuma, Cyprien Kiyuku yarajejewe amabanga menshi ahambaye, harimwo no kuba Umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi. Cyprien Kiyuku yaritavye Imana, yavuka muri komine Mukike, mu ntara ya Bujumbura (rural).
Ivyo Leta mbiligi ya Jean-Paul Harroy yagerageje mu 1960 mu gukumira UPRONA ya Rwagasore birashusha n'ivyo CNDD-FDD ikora mu gukumira CNL ya Rwasa.
🔴 Thaddée Siryuyumusi (nyakanga 1961 - rusama 1965).
Inama Nshingamateka yatowe muri nyakanga 1961 yari irongowe na Thaddée Siryuyumusi. Nk'umukuru w'Inama Nshingamateka, Thaddée Siryuyumusi yaragize uruhara rukomeye mu rugendo rwadushikanye ku ntahe y'ukwikukira muri mukakaro 1962.
Thaddée Siryuyumusi yarongoye Inama Nshingamateka mu gihe kitoroshe. Inyuma y'igandagurwa rya Rwagasore, UPRONA yiciyemwo ibice bibiri : Groupe Casablanca yari igwiriyemwo abatutsi, yafatwa ko yegereye ibihugu nk'Uburusiya n'Ubushinwa ; Groupe Monronvia yari igwiriyemwo abahutu, yafatwa ko yegereye Amerika n'ibihugu vya Bulaya y'uburengero. Naho yari umututsi w'umuhima, Thaddée Siryuyumusi niwe yaserukira Groupe Monronvia mu Nama Nshingamateka, mu gihe umushikiranganji wa mbere, André Muhirwa yari indongozi ya Casablanca. Muri ntwarante 1963, André Muhirwa yarategetse ifatwa n'ipfungwa ry'umukuru w'Inama Nshingamateka, Thaddée Siryuyumusi. Thaddée Siryuyumusi yarekuwe abifashijwe n'Umwami Mwambutsa muri Rusama 1963, maze mu Nama Nshingamateka baca basubira kumutora ku majwi 33 kuri 64. Nawe ntiyatevye kwihora, yaciye akoresha amatora, Inama Nshingamateka ica irasenyura Leta ya André Muhirwa muri ruheshi 1963, habona kuza Petero Ngendandumwe wo muri Monronvia.
Mu ntango za nzero 1965, umushikiranganji wa mbere Petero Ngendandumwe yaragandaguwe, bica vyongereza indyane hagati ya Casablanca na Monronvia. Izi ndyane nizo zatumye Umwami Mwambutsa atumako ayandi matora y'abashingamateka muri rusama 1965. Amatora yabaye ikiringo c'Inama Nshingamateka yahahora kitarahera. Aho muri rusama 1965, Thaddée Siryuyumusi yatowe mu Nama Nkenguzamateka, urwego rushasha rwari rugiyeho irya mbere.
Muri gitugutu 1965, Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zarahagaritswe. Muri ntwarante 1966, Thaddée Siryuyumusi yaragenywe kuba Ministre d'Etat. Muri mukakaro 1966, Umuganwa Samuragwa Charles Ndizeye yaratembagaje Ingoma ya se Mwambutsa, inyuma y'amezi ane nawe aca abogozwa na Capitaine Michel MIcombero. Thaddée Siryuyumusi ntiyasubiriye guhabwa amabanga ahambaye ya politike ku ntwaro ya Prezida MIcombero. Yaranapfunzwe hagati ya 1969 na 1971 yagirizwa inyandiko zishigikira intwaro ya cami.
Prezida Bagaza yarahaye Thaddée Siryuyumusi umudari w'intwari, aranamugabira inzu. Thaddée Siryuyumusi yitavye Imana muri 2001, atakivugwa muri politike y'Uburundi. Yavuka mu ntara ya Ngozi.
🔴 Émile Bucumi (rusama - gitugutu 1965)
Mu matora y'abashingamateka yo mu 1965, UPRONA yaronse intebe 23 kuri 33, 10 zisigaye ziba iza PP. Naho womengo UPRONA yari yatsinze, abashingamateka baciye bigabura ku moko. Hageze igenwa ry'umushikiranganji wa mbere, indyane zirakomera. Abahutu bashaka ko hagenwa Gervais Nyangoma, abatutsi bagashaka Thaddée Siryuyumusi, Umwami Mwambutsa aravyanka, aca agena umuganwa Léopold Biha, ata mugambwe n'umwe yarimwo.
Aho niho havuye ko abasirikare b'abahutu bagerageje gutambegaza Ingoma y'Umwami Mwambutsa muri gitugutu 1965. Mu nyuma, hakurikiye iyicwa ry'abategetsi batari bake bagirijwe ko bari kumwe n'abasirikare bashatse guhirika Umwami.
Umukuru w'Inama Nshingamateka yo mu 1965 yari Émile Bucumi. Ari mu bategetsi bishwe bagirizwa ko bari kumwe n'abasirikare bashatse gutembagaza Umwami. N'umukuru w'Inama Nkenguzamateka y'ico gihe, Joseph Bamina, nawe yarishwe. Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zaciye zihagarikwa. Mu kiringo c'imyaka 17, Uburundi bwabayeho butagira Inama Nshingamateka.
Émile Bucumi yishwe amaze amezi atanu arongoye Inama Nshingamateka y'Uburundi. Yari yatowe ubwambere mu bashingamateka ku wa 18.9 1961. Mu nyuma yabaye muri Groupe Casablanca. Muri rusama 1963 naho yari yatowe kuba Icegera c'umukuru w'Inama Nshingamateka. Yavuka mu ntara ya Gitega.
🔴 Émile Mworoha (1982-1987)
Inyuma y'itorwa ry'Ibwirizwa Shingiro ryo mu 1981 ku ntwaro ya Prezida Bagaza, haratunganijwe amatora y'abashingamateka mu 1982. Ni amatora yateguwe mu ntwaro y'umugambwe umwe. Umugambwe UPRONA wahisemwo abakandida 104, maze abanyagihugu batoramwo abashingamateka 52. Abashingamateka 13 bagenwa n'umukuru w'igihugu. Bose uko bari abashingamateka 65 bava mu mugambwe UPRONA.
Iyo Nama Nshingamateka yari irongowe na Professeur Émile Mworoha, icegera ciwe akaba Adrien Sibomana. Iyi yabaye Inama Nshingamateka itekanye, nkuko bigenda mu mugambwe umwe. Ibikorwa vyayo vyahagaritswe n'itembagazwa ry'ubutegetsi ryakozwe na Major Pierre Buyoya ku wa 03.9.1987. Haca haca iyindi myaka 6 ata Nama Nshingamateka iriho.
Inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Bagaza, Émile Mworoha yagumye mu gihugu, abandanya kwigisha kahise muri Kaminuza. Rimwe na rimwe yaragenywe mu mirwi y'igihugu yari ijejwe ibibazo bitandukanye. N'ubu aracari muzima, avuka mu ntara ya Kayanza.
Bamwe bariko barihaya ngo amatora y'uno mwaka niyo ya mbere atekanye mu Burundi, barabesha. Ayambere atekanye yabaye mu 1982. None amatora atagiramwo ihiganwa ry'ukuri yoreka gutekana gute ?
🔴 Pontien Karibwami (mukakaro i - gitugutu 1993)
Muri ruheshi 1993, Abarundi baratoye abashingamateka. Ku ntebe 81 zari zitegekanijwe, FRODEBU yaronse 85, UPRONA 16. Ni amatora yabaye mu gihe kitoroshe, inyuma y'itsindwa rya Prezida Buyoya. Hari benshi mu batoye Buyoya banse gusubira gutora hageze amatora y'abashingamateka, bamwe bakora imyiyerekano yo gutabura amakarata y'itora. Ni gutyo UPRONA yaronse hafi 34% mu matora y'umukuru w'igihugu, ariko ironka 21% mu matora y'abashingamateka.
Umukuru w'Inama Nshingamateka w'ico gihe yari Pontien Karibwami wo muri FRODEBU. Yamaze amazi atatu gusa mu mabanga, aca aragandugurwa mw'itembagazwa ry'ubutegetsi ryo ku wa 21.10.1993. Icegera ciwe, Gilles Bimazubute nawe nyene yaragandaguwe. Pontien Karibwami na Gilles Bimazubute ntibari basangiye ubwoko. Pontien Karibwami yavuka mu ntara ya Gitega.
🔴 Sylvestre Ntibantunganya (kigarama 1993 - gitugutu 1994)
Inyuma y'igandagurwa rya Prezida Ndadaye, umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire n'amakungu, Sylvestre Ntibantunganya niwe yahavuye atorwa kurongora umugambwe FRODEBU wari ku butegetsi. Ku wa 23.12.1993, Sylvestre Ntibantunganya yaratowe kurongora Inama Nshingamateka, asubirira Pontien Karibwami yari yagandaguwe muri gitugutu.
Kuva muri ndamukiza 1994, Sylvestre Ntibantunganya yanabaye Umukuru w'igihugu w'imfatakibanza, asubirira Prezida Cyprien Ntaryamira yari yarasiwe mu ndege ya Prezida Habyarimana mu Rwanda. Ku wa 01.10.1994, Sylvestre Ntibantunganya yaremejwe nk'umukuru w'igihugu "bwegu", maze hategurwa ingene asubirizwa mu burongozi bw'Inama Nshingamateka.
Sylvestre Ntibantunganya ni muzima, ari mu Burundi nk'uwahoze arongoye igihugu. Mu 1996 yaratembagajwe ku butegetsi, aramara igihe yarahungiye mu buserukizi bw'Amerika mu Burundi, mu nyuma arabuvamwo. Muri 2015, nk'umwe mu biyamirije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, yarahunze igihugu, hanyuma aragaruka mu Burundi inyuma y'umwaka n'igice aba mu Bubiligi. Sylvestre Ntibantunganya avuka mu ntara ya Gitega.
🔴 Jean Minani (kigarama 1994 - nzero 1995 ; nzero 2002 - myandagaro 2005).
Jean Minani yarongoye Inama Nshingamateka incuro zibiri. Ubwambere yayitwaye ukwezi kumwe gusa, kuva muri kigarama 1994 gushika muri nzero 1995. Ico gihe yari yasubiriye Sylvestre Ntibantunganya yari arongoye igihugu. Cari igihe kitoroshe, abanyapolitike bama mu mpari. Imigambwe itavuga rumwe na FRODEBU yariyamirije Jean Minani, birangira avuye mu mabanga, mu nyuma arahunga igihugu. Yagiye kugaruka mu Burundi, inyuma y'amasezerano ya Arusha yo muri myandagaro 2000.
Irya kabiri, Jean Minani yarongoye Inama Nshingamateka kuva muri nzero 2002 gushika muri myandagaro 2005. Mu matora ya 2005 no mu ya 2010, Jean Minani yaratowe kuba umushingamateka. Muri 2015, yahavuye ahunga Uburundi nk'umwe mu biyamirije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Ari mubo ubutegetsi bwa Nkurunziza bwarondera kwica. Muri ruhuhuma 2021, Jean Minani yashizwe ahabona mubo ubutegetsi bwaciriye gupfungwa ubuzima bwose no kunyagwa ivyabo ngo bashatse gutembagaza Prezida Nkurunziza ku wa 13.5.2015. Urwo rubanza ntirwigeze rusomwa.
Uyu mugendanyi wa Prezida Melchior Ndadaye ni umwe mu Barundi bahamwe n'intwaro zitandukanye, kugeza n'uyu musi. Muri kino gihe, Jean Minani arongoye urunani CNARED-Giriteka, aracari mu buhungiro. Jean Minani avuka mu ntara ya Kirundo.
🔴 Léonce Ngendakumana (1995-1996 ; 1998-2002)
Aho Jean Minani yankirwa kurongora Inama Nshingamateka muri nzero 1995, yasubiriwe na Léonce Ngendakumana, araheza arayirongora kugeza muri mukakaro 1996, igihe Prezida Buyoya atembagaje intwaro ya Prezida Ntibantunganya. Ico gihe ibikorwa vy'Inama Nshingamateka vyaciye bihagarikwa imyaka ibiri.
Mu nyuma harabayeho ibiganiro hagati ya Leta ya Prezida Buyoya na Léonce Ngendakumana, bumvikana ishirwaho ry'Inama Nshingamateka Mfatakibanza. Ico gihe mu Nama Nshingamateka harongeweko abashingamateka bavuye mu yindi migambwe, FRODEBU nayo irasubiriza abari barapfuye canke barahunze. Léonce Ngendakumana yaciye asubira kurongora Inama Nshingamateka kuva mu 1998 kugeza muri 2002, abisa Muganga Yohani Minani.
Léonce Ngendakumana aracari muzima. Muri 2005 yarasubiriye gutorwa mu bashingamateka. Kuva muri 2006 yararongoye umugambwe FRODEBU igihe kitari gito. Incuro nyinshi yaratumweko mu butungane arahakwa gupfungwa, haba ku ntwaro ya Prezida Buyoya, haba no ku ntwaro ya Prezida Nkurunziza. Kugeza ubu, Léonce Ngendakumana ni umwe mu Barundi bubahuka kuvuga ibitagenda neza mu gihugu. Léonce Ngendakumana avuka mu ntara ya Bujumbura (rural).
🔴 Immaculée Nahayo (2005-2007)
Immaculée Nahayo niwe mukenyezi umwe rukumbi amaze kurongora Inama Nshingamateka y'Uburundi.
Mu matora y'abashingamateka yo muri 2005, umugambwe CNDD-FDD waronse intebe 64 kuri 118, FRODEBU intebe 30, UPRONA intebe 15, CNDD ya Nyangoma intebe 4, MRC-Rurenzangemero intebe 2, Abatwa intebe 3. Ayo niyo matora yashikanye CNDD-FDD ku butegetsi.
Immaculée Nahayo niwe yatowe kurongora iyo Nama Nshingamateka. Ariko muri 2007, indyane zikomeye zaradutse muri CNDD-FDD, hagati ya Prezida Nkurunziza na Hon. Hussein Radjabu yari arongoye umugambwe CNDD-FDD. Umugambwe wiciyemwo kabiri, kugeza no mu Nama Nshingamateka. Uruhande rwa Nkurunziza rwahavuye rufata ingingo yo kwirukana abashingamateka bose bari bashigikiye Hussein Radjabu, uyo nawe arafatwa arapfungwa. Iyo ngingo yabaye akataraboneka mu mateka y'Uburundi, aho abashingamateka birukanwa mu Nama Nshingamateka ngo nuko badashigikiye umukuru w'igihugu.
Ni gutyo na Immaculée Nahayo, nk'umwe mu bashingamateka bari bashigikiye Hussein Radjabu, yirukanywe mu bashingamateka, atakaza ikibanza co kurongora urwo rwego. Mu nyuma, Immaculée Nahayo yariyegereje uruhande rwa Nkurunziza, aragenwa kuba Umushikiranganji, hanyuma aba umuhanuzi mukuru mu biro vy'umukuru w'igihugu. Immaculée Nahayo yasandavye muri 2018. Yavuka mu ntara ya Kayanza.
Tubibutse ko Immaculée Nahayo yari umupfakazi wa Simon Nyandwi, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yakomoka muri CNDD-FDD, yishwe ahawe ishano mu ntango za 2005. Simon Nyandwi yari umushikiranganji akundwa cane, mbere bamwe batangura kuvuga ko ariwe abereye kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu... Bivugwa ko ikibanza cahawe Immaculée Nahayo ari icari cagenewe Simon Nyandwi.
🔴 Pie Ntavyohanyuma (2007-2015).
Inyuma y'ikurwa rya Immaculée Nahayo, Dr. Pie Ntavyohanyuma niwe yatowe aramusubirira, maze arongora Inama Nshingamateka kuva muri 2007 gushika muri 2015.
Nkuko twabibonye, muri 2007, abatwara Uburundi barerekanye ko Inama Nshingamateka bayifata nk'igikoresho bagira uko bashatse. Kwirukana abashingamateka bitorewe n'abanyagihugu, ukizanira abandi kugira ugumane ibiharuro bituma ushobora gutwara ntaho bitandukaniye no gukora "coup d'État". Nkurunziza na bagenziwe barabikoze ataco binona.
Mu matora y'abashingamateka ya 2010, imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD yaravuye mu matora, bituma inguvu za CNDD-FDD zongerekana mu Nama Nshingamateka, mbere iboneraho gutora amategeko acinyiza Abarundi. Muri ayo matora CNDD-FDD yaronse intebe 81 kuri 106, UPRONA yaronse intebe 17, FRODEBU- Nyakuri ya Jean Minani yaronse intebe 5, Abatwa intebe 3. Aho muri 2010, Piyo Ntavyohanyuma niwe yasubiriye gutorwa mu kibanza c'umukuru w'Inama Nshingamateka.
Iki kiringo catanguye umengo kiroroshe cane kuri Pie Ntavyohanyuma. Ariko carangiye nabi, canecane kubera intumbero ya Prezida Nkurunziza yo kwiha ikiringo ca gatatu abanje guhonyora Ibwirizwa Shingiro. Mu mwanya wa mbere, Nkurunziza yashatse guhindura Ibwirizwa Shingiro aciye mu Nama Nshingamateka. Piyo Ntavyohanyuma yashimye gukoranya abarundi bo mu mirwi itandukanye (imigambwe, amashirahamwe yigenga, amashengero) ngo baganire, batange intumbero babona kuri ico kibazo. Yahabereye umushingantahe akomeye cane. Vyarangiye Inama Nshingamateka yanse guhindura Ibwirizwa Shingiro, Nkurunziza arumirwa. Ntavyohanyuma yagumanye ubushingantahe, maze no mu Nama y'Inararibonye ya CNDD-FDD, aba mu bahanuye Nkurunziza ko atokwubahuka ngo ate igihugu mu kaga mu kwitoza ubwa gatatu. Guhera ubwo, Pie Ntavyohanyuma yafashwe ko ari umwansi w'ubutegetsi bwa Nkurunziza.
Pie Ntavyohanyuma ntiyashoboye kurangiza ikiringo ciwe. Ku wa 28.6.2015, yarahunze Uburundi. Yagiye nkuko yoba agiye mu rugendo rw'akazi, aca agumayo, aratangaza icese ko adashigikiye ihonyangwa ry'Ibwirizwa Shingiro Nkurunziza yariko arakora. Kuva ubwo, Pie Ntavyohanyuma amaze imyaka 10 mu buhungiro. Ariko, kugeza ubu, niwe yarongoye Inama Nshingamateka y'Uburundi igihe kinini (Imyaka 8). Piyo Ntavyohanyuma avuka mu ntara ya Kayanza.
🔴 Pascal Nyabenda (2015-2020)
Amatora y'abashingamateka yo muri 2015 ni amwe mu matora mabi cane yabayeho mu Burundi. Yabaye mu kajagari, abarundi batari bake bariko bariyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Amatora yageze kuba hafi inusu y'umuliyoni w'abarundi bari mu buhungiro mu bihugu bibanyi vy'Uburundi. Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ntiyitavye ayo matora, ariko igitangaje urunani rw'abatavuga rumwe na Leta (Amizero y'Abarundi) rwarahawe amajwi n'intebe kandi rutigeze rwiyamamaza. Bamwe mu bahawe izo ntebe baranse kuzijamwo. CNDD-FDD yaronse intebe 86 kuri 121, Urunani Amizero y'Abarundi rwahawe intebe 30, UPRONA yaronse intebe 2, Abatwa intebe 3.
Pascal Nyabenda niwe yatowe ngo arongore iyo Nama Nshingamateka. Ni Inama Nshingamateka yafatiwemwo ingingo zibi cane nko kuva muri Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu (CPI) kubera gutinya ko abategetsi bo mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza bohava bakurikiranwa ku vyaha vy'agahomerabunwa bariko barakora. Mu mpera z'ikiringo, iyo Nama Nshingamateka yaratoye itegeko ritangaje rigira Prezida Nkurunziza Imboneza y'ikirenga mu gukunda Igihugu (Guide Suprême du Patriotisme), rumwemerera umuliyaridi w'amafaranga azoterekererwa avuye mu mabanga, kumwubakira Ikirimba, kumupangira aho aba n'aho akorera, kumurihira ivyo azokenera vyose mu kubaho be n'umuryanngo wiwe, imuha icubahiro gisumba ic'abandi bahoze batwara Uburundi, imutegurira ikambi izomucungera, imuha ububasha bwo kuzokwama abazwa ingingo zijanye n'ibibazo bikomeye vy'igihugu, harimwo n'ibijanye no gucukura ubutare, n'ibindi vyinshi. Umwe mu bashingamateka b'ico gihe, Fabien Banciryanino, yariyamirije bikomeye iryo tegeko ritumvikana.
Prezida Nkurunziza yari yipfuje kuzosubirirwa na Pascal Nyabenda, maze akaguma atwara Uburundi aciye muri Nyabenda. Ivyo vyaramwankiye ku munota wa nyuma, abasirikare bahoze bagwana muri CNDD-FDD basa n'abamugumukanye. Vyarangiye hitoje Général Evariste Ndayishimiye.
Prezida Nkurunziza yahavuye ashengera giturumbuka, itangazo rya Leta rivuga ko yahagaze umutima giturumbuka. Ariko kugeza ubu havugwa vyinshi, harimwo ko yoba yahawe ishano. Pascal Nyabenda ntiyemerewe kumusubirira vy'imfatakibanza nkuko Ibwirizwa Shingiro ryabitegekanya, ahubwo Evariste Ndayishimiye yagiriyeko yinjira mu mabanga.
Pascal Nyabenda yaritoje mu bakenguzamateka muri 2020, ariko abajenama b'amakomine baturuka muri CNDD-FDD bahawe itegeko ryo kudatora Pascal Nyabenda !
Inyuma yo kurongora Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yarahawe ayandi mabanga akanya gato. Ubu asa n'uwibagiwe mu gihugu. Pascal Nyabenda avuka mu ntara ya Bubanza.
🔴 Daniel Gélase Ndabirabe (2020-2025)
Mu matora yo muri 2020, umugambwe CNDD-FDD waronse intebe 86 kuri 123, umugambwe CNL waronse intebe 32, UPRONA yaronse intebe 2, Abatwa 3.
Gélase Daniel Ndabirabe niwe yatowe kurongora iyo Nama Nshingamateka. Ni umwe mu bakuru b'Inama Nshingamateka yatangaje Abarundi mu bintu avuga bigakwega impari. Umukuru w'Inama Nshingamateka abayeho asubiramwo ivyo Leta ivuga gusa. Bagenziwe mu Nama Nshingamateka ariko arabarongora, umengo ariko akoresha inama abana. Hageze ko abashikiranganji baza kwitaba Inama Nshingamateka, ni kenshi Gélase Daniel Ndabirabe ariwe abishurira ibibazo. Gélase Ndabirabe arangije ikiringo ciwe ahejeje intumbero yari yihaye yo gutoza umurwi mushsha wa CNIDH. Yabikoze abanje guhonyora amategeko ku rugero rweruye.
Gélase Ndabirabe yaranzwe n'inzigo ikomeye k'uwo yasubiriye, Pascal Nyabenda. Benshi bibuka amwandikira ngo asubize tablette y'akazi. Gélase Ndabirabe arangije hari benshi bibaza ingene yari yahawe amabanga ahambaye nk'ayo. Ntawuzi ko n'ubu atazoyagarukamwo, na rirya ari ku rutonde rw'abitoza mu bashingamateka ba CNDD-FDD. Gélase Daniel Ndabirabe avuka mu ntara ya Kayanza.
🔴 GUSOZERA.
Kuva muri nzero 1961, Inama Nshingamateka y'Uburundi imaze gutwarwa n'abagabo 11 be n'umukenyezi 1. Babiri muri bo bagandaguwe bakiri muri ayo mabanga, babiri barahunze bakiri muri ayo mabanga, umwe yarabogojwe ku nguvu, bibiri bayahagaritse ikiringo kitarahera kubera Inama Nshingamateka yari ikuweho canke ihagaritswe. Indwi kuri 12 baracari bazima, babiri bari mu buhungiro hanze y'Uburundi.
Inama Nshingamateka yagiye irahura n'ibihuhusi vyinshi. Ibihe bibi vya politike vyama bihungabanya Inama Nshingamateka. Incuro zine Inama Nshingamateka yarahagaritswe, hamwe iranafutwa. Kuva twikukiye mu 1962, Abarundi baramaze kumara imyaka 25 batagira Inama Nshingamateka. Ku ntwaro nka zose, Inama Nshingamateka ifatwa nk'agakino, abatwara Igihugu bajana iyo bashaka. Hari bamwe mu Barundi batanabona ico urwo rwego rumaze, kubera ataco ruvuga ku bibazo bihambaye bihanze igihugu.
---------------
🔴 Musomyi, hari gishasha ukuye muri iyi nkuru ijanye na #kahisekacu
👍
🙏
😢
😮
12