FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 4, 2025 at 07:45 AM
https://www.facebook.com/share/12Kwxrn2PVj/ 🔴 #impahazwa Ni nde azotunganiriza Pierre Nkurunziza ? Haraciye indwi zibiri dushize ahabona ikibazo c'umunyororo Petero Nkurunziza, amaze imyaka 9 yararekuwe na sentare, ariko akaba avundiye mu Mpimba ! Abiwe batumenyesheje ko Petero Nkurunziza agwaye, baragiye kumuraba vuba ntivyakunda ko bamubona, kubera amagara amukitse. Kuva twanditse, parquet ya Mukaza yararungitse abaja gukurikirana ico kibazo. Muri parquet bavuga ko ata na dosiye ya Petero Nkurunziza bafise. Iri ni ibara mu gihugu, aho umuntu apfungwa imyaka 9, ata n'umwe amukurikirana, parquet ikavuga ko itagira dosiye. None itagira dosiye ni kuki itamurekura ? 🔴 Tubibutse uko iyi dosiye yagenze 07.4.2016 : Petero Nkurunziza yarahagaritswe n'iperereza ku Musaga. 12.4.2016 : Petero Nkurunziza yarajanywe muri Parquet ya Mairie ya Bujumbura (niko yari icitwa ico gihe), aca arara yinjijwe ibohero rikuru rya Mpimba. Dosiye ya Petero Nkurunziza muri Parquet Mairie Bujumbura (ubu ni parquet Mukaza), ifise inomero RMP 154912 / BF 20.5.2016 : Petero Nkurunziza, amaze kuburana muri chambre de conseil (TGI Mairie), yarahawe umwidegemvyo w'agateganyo (liberté provisoire). 30.5.2016 : Petero Nkurunziza yarahawe ordonnance ya Procureur wa Mairie ya Bujumbura, yamurekura vy'agateganyo nkuko abacamanza bari babitegetse. Parquet ntiyigeze yunguruza iyo ngingo. Kuva ubwo, Petero Nkurunziza ntiyigeze ahamagarwa kuburana muri Sentare. Ubu abayeho gutyo, mu Mpimba, atagira ikimupfunze. 🔴 Ikibi Petero Nkurunziza yakorewe na Colonel Serges Nibigira batazira Gikona ! Muri iyo myaka, hari abandi benshi barekurwa na Sentare ariko bakagumizwa mu munyonyo. Ariko abafatanywe na Petero Nkurunziza bose bararekuwe barataha, inyuma y'ikigongwe catanzwe n'umukuru w'igihugu. Ariko, hageze aho Petero Nkurunziza nawe yotashe, uwari umuyobozi w'ibohero rya Mpimba, Colonel Serges Nibigira batazira Gikona, yafashe dosiye yiwe arayibika. Kuva ubwo, ntawuzi aho dosiye ya Petero Nkurunziza iri. Uwo Gikona, nawe yahavuye akurwa mu mabanga, aca yinjizwa ibohero, ubu yoba ageze mw'ibohero rya Muramvya. 🔴 Turasubiriye gutera akamo bano bategetsi : nimutunganirize Petero Nkurunziza ! 1. Hari umushikiranganji Domine Banyankimbona ajejwe ubutungane, akaba ari nawe agaba amabohero yose y'Uburundi. Mushikiranganji, uri n'umuvyeyi, raba urangize amabanga utunganirije iyi #nzirakarengane Petero Nkurunziza. Vyura umutima wa kivyeyi, wibuke ko mu gihe uzoba utagikomeye , kumbure umwana wawe ariwe azoba ari ahari Petero Nkurunziza uno musi. 2. Procureur Général de la République Léonard Manirakiza, niwe ufise urupfunguzo rwosohora Petero Nkurunziza. Kumbure niwe wategetse parquet ya Mukaza ngo ije kuraba ivyarivyo. None boba baraguhaye raporo ko ata na dosiye yiwe bafise ? No gute mupfunga umuntu imyaka 9 ata na dosiye mufise ? Ni gute kuva babonye ko ata dosiye bafise, hongerako indwi zibiri atarekuwe ? PGR, imbere y'Imana Mushoboravyose, warahiriye Abarundi muri nzero 2024 (mu gikorane ca Kanguka) ko ata muntu uzorenganya. Dufate ko imbere utari uzi kano karenganyo, none ubu naho ko ubizi, ni kuki Petero Nkurunziza akiri mu Mpimba ? 3. Musenyeri Martin Nyaboho. Urongoye umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH. Wahamagariwe kurwanira agateka ka zina murundi wese. Niwe kandi wigisha rya jambo ry'urubanza rwa nyuma ngo : "nari imbohe urandaba". Turetse ko ari Ibwirizwa ry'Imana, ubu nico uhemberwa mu makori y'Abarundi. Kuva umenye ko Petero Nkurunziza ariko ararenganywa gutya kwose, woba uraja kumuraba ? Woba urarungika intumwa kumuraba ?
👍 😢 ❤️ 😭 🙏 7

Comments