FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 4, 2025 at 12:27 PM
https://www.facebook.com/share/v/1Y2rtrxFXe/ 🔴 Hamwe uyu muntu atosubira kuba umushingamateka, Abarundi bazoba bahomvye. Ntawundi nabonye mu Nama Nshingamateka yita ku kibazo c'umuntu arenganywa nkuko Fabien Banciryanino yabikoze. Yarageze naho yandika intonde z'abanyurujwe azirungikira Umushikiranganji Aimée Laurentine Kanyana. Naho woba uri umu CNDD-FDD, womenya ko niwarenganywa ugapfungirwa ubusa, umushingamateka azubahuka kuvuga azoba Fabien Banciryanino. Nta Mushingamateka wa CNDD-FDD azigera akuvugira. 🔴 Amatora y'ejo si amatora yo guhindura intwaro. Leta ya CNDD-FDD izobandanya gucinyiza Abarundi. Niyo mpamvu hadakenewe gutora ababesha ngo hariho ivyo baje kwubaka. Bazovyibaka batagira Leta ? Hakenewe uwoshobora gusemerera iyo CNDD-FDD iriko irahonyanga abarundi. Igihe abwira aya majambo umushikiranganji Pascal Barandagiye, murabona igitsure yamuravye. Ariko uno musi Barandagiye ari mubipfuza uwobavugira ! 🔴 #imvugakuri Banciryanino arakwiriye gushigikirwa. Kumutora ni nomero ya kabiri.
❤️ 👏 🙏 6

Comments