
FOCODE Magazine
June 4, 2025 at 02:27 PM
https://www.facebook.com/share/15N85SbuMs/
🔴 Ubusuma butegekanijwe muri aya matora ya 2025 !
Mu matora yose amaze gukorwa mu Burundi, amatora y'uno mwaka niyo ari ku rugero rw'ubusuma rutari bwigere buboneka. Buri kanya, kuri runo rubuga, turonka ubutumwa rw'abazoba bari mu ma biro y'itora batubwira ibitegekanijwe vyo kwiba ayo matora. Ni benshi batubwira ko bicuza kuba baremeye kuja kuyahagarikira. Hari n'imboberakure zitwandikira ivyo zatumwe, usanga navyo bifise ico bipfana n'ivyo nyene twahawe n'abatwara ama bureaux de vote. Aya matora yibwe kuva mu nteguro yayo, azibwa kugeza ku munota wanyuma yayo.
🔴 Integuro ikumira.
Mu ntango hakozwe ibishoboka vyose kugira ngo umugambwe ugira kabiri mu gihugu ntuze witabe amatora. Kuva muri 2022, harakozwe amatohoza akomeye mu gihugu ajanye no kumenya uko Abarundi babona intwaro ya CNDD-FDD. Amasoko dufise mw'iperereza yaratubwiye ko raporo batanze yerekana ko hamwe Agathon Rwasa yokwitaba amatora, no kumwiba bitari gushoboka uyu mwaka. Niho hiyumvirwa inzira zose zo kumukura mu matora. Kumwica no kumupfunga barabitinye. Inguvu zashizwe mu kumwaka umugambwe no gushiraho amategeko atuma adashobora kwitoza nk'uwigenga canke ngo yifatanye n'uwundi mugambwe. Igihe yinjiye mu Runani Uburundi Bwa Bose, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwarabonye ko hariho akantu gato bwihenzeko,basanga biracashoboka ko Rwasa yitoza. Niho CENI yahabwa itegeko ryo kumwankira. Muri Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro naho bateye ubwoba abarongoye urunani ko badakuyemwo Rwasa, urunani rwose ruca rutakaza uburenganzira bwo kwitoza. Nuko Rwasa n'abiwe baba barakumiriwe.
Ubu nibwo busuma bukomeye cane bwabaye kuko abatwara bahisemwo kwiha intsinzi babanje kwirukana uwufise amahirwe yo kubatsinda.
🔴 Ubusuma mu kwubaka inzego za CENI
Gushiraho inzego zizocungera amatora gisa n'igikorwa c'umugambwe umwe. N'abitwa ko bavuye ahandi benshi usanga ari abayoboke ba CNDD-FDD mu mpisho.
CENI yonyene irongowe n'uwari umunyamabanga mukuru wa Leta, Prosper Ntahorwamiye. Mu matora ya 2010 na 2015, azwi nk'uwagize uruhara ntangere mu busuma bw'amatora. Ni umwe mu bategetsi atagira ubwizigirwa na bukeya yohabwa n'abatavuga rumwe na CNDD-FDD. Benshi mu bagize CENI bameze gutyo, kugeza aho bashiramwo na Sylvestre Nyandwi yari amaze imyaka 7 atoteza abatavuga rumwe na CNDD-FDD mu kubapfungira ubusa, akiri Procureur Général de la République
Hageze kwubaka CEPI na za CECI vyabandanije gutyo, CNDD-FDD yishiriyeho abantu bayo bacunga amatora. Bigeze ku ma biro y'itora yo nka hose usanga Imbonerakure arizo zizohagararira amatoro.
🔴 Amatora atagira inderetsi zigenga
Gutunganya amatora ni kimwe, kuronka inderetsi zigenga kandi zimewe ni ikindi gihambaye. Kuva muri 2015, nta société civile yigenga vy'ukuri ishoboye gukurikirana Amatora ikiriho mu Burundi. CNDD-FDD yo nyene irafise amashirahamwe yayo aheza agasasira ubusuma buba buriko burakorwa.
Imigambwe yitoza irarekuriwe kurungika abakurikirana amatora (mandataires), muri 2020 hari inderetsi za CNL nyinshi zapfunzwe ku musi w'amatora. Uyu mwaka hoho inguvu z'inderetsi zizoba ari nke caaaane. Uyu mwaka kirazira ko inderetsi zizoba zifise amatelefone ngo zivuge ibiriko biraba aho ziri.
Turetse ko amaradiyo mu Burundi atacigenga nka kera, ubuho nta narekuriwe gutanga ibiharuro biba biriko birava ku ma biro y'itora.
🔴 Iterabwoba ku banyagihugu
Mu mitumba abanyagihugu bakekwa ko badashigikiye CNDD-FDD bamaze imisi baterwa ubwoba ko bahirahiye ntibayitore bazomenya iyo bataha. Abakuru b'imitumba n'uducumbiri bategekwa kuzoherekeza abanyagihugu babo bakitwararila bidasanzwe abatavuga rumwe n'ubutegetsi. Abanyagihugu bategekwa kuzokwerekana ico batoye.
Nko mu ntara ya Buhumuza, abahagarikira amatora batwandikiye ko utuzu two kwihereramwo mu gutora tuzoba dupanze ku buryo Imbonerakure zishobora kurabira mu madirisha ivyo umuntu atoye.
🔴 Ubusuma mu mwanya w'amatora
1. Hari Imbonerakure zemeza ko zifise amakarata menshi zozokoresha mu gutora incuro nyinshi. Mu gisagara ca Bujumbura, Imbonerakure zatubwiye ko zifise amakarata y'abapfuye, y'abapfunzwe, y'abatakiri mu Burundi. Hari n'abandi benshi batahawe amakarata yabo y'itora. Kuri abo banyuma UPRONA ivuga ko yashoboye kuronka ko uwiyandikishije wese azoshobora gutora.
2. Abahagarikira amatora batwandikiye ko Ku biro vyose hazoba hari abajejwe umutekano be n'ipikipiki izoba ijejwe kujana gupfunga inderetsi z'amatora zizoba ziriko ziragorana. Aho bavuga ko nk'inderetsi iziyamiriza abatoye kenshi izoca yagirizwa gutoba amatora.
3. Imbonerakure z'i Bujumbura zatwandikiye ko zizokwiragira ku mabiro y'itora zikiyita inderetsi za UPRONA, z'urunani Burundi bwa Bose canke z'iyindi migambwe. Zonyene zivuga ko hariho imyanya zizoteza akajagari kugira zice zijanwa gupfungwa n'inderetsi z'ukuri.
🔴 Ubusuma mu mwanya wo guharura amajwi
Aha niho hategekanijwe umwanya wundi uhambaye wo kwiba amajwi. Abahagarikira amatora batwandikiye bavuga ko bahawe itegeko ryo guharura ari bonyene kandi biyugaranye. Bavuga ko amajwi y'iyindi migambwe bazosoma ayangana n'ayo bazoba babwiwe ko baha iyindi migambwe. Ayandi yose azokwitwa aya CNDD-FDD.
Uyu niwo mwanya umuntu wese azokakaza azoca afatwa agapfungwa. Bamwe mu bahagararira amatora batwandikiye ko bicuza kuba baremeye ico gikorwa. Bavuga ko nabo buzuye ubwoba kubera hari urugero rw'amajwi babwiwe CNDD-FDD itegerezwa gushikana. Bavuga ko batazi uko bizobagendera hamwe ico gikorwa cobananira.
🔴 Impanuro
Inderetsi z'imigambwe zikwiye kuzotonda kare ahabera amatora, zigafatana mu nda, zikirinda guta bureau de vote mu mwanya uwariwo wose.
Inderetsi z'imigambwe zikwiriye kuzoraba neza ko umunyagihugu ashobora gutora mu mwiherero koko, zigasaba ko ata bantu baja mu madirisha gukurikirana ingene abantu batora.
Inderetsi z'imigambwe zikwiye kwiga hakiri kare ingene zizotanga amakuru y'ibiriko biraba, zikabivuga hakiri kare.
Inderetsi z'imigambwe zikwiye kuzokurikirana rwose igikorwa co guharura amajwi, zikiyamiriza ingendo ivuga ko abagize bureau de vote aribo bazoharura biyugaranye.
Inderetsi z'imigambwe zokwitondera agasomborotso k'imbonerakure zizoba zigamije kubapfungisha.
🔴 Ikibazo ca internet
Ku misi y'amatora, internet kenshi barayica mu Burundi canke ugasanga WhatsApp ntikora. Ababishoboye bokwitegura, muri telefone zabo bagashiramwo application yitwa Telegram. Abayikeneye muce ngaho : https://play.google.com/store/apps/details?id=org.telegram.messenger
Abandi boshiramwo VPN zituma iyo bugaye application mushobora kuguma muyikoresha nk'abatari mu Burundi.
🔴 Gusozera
Ntawoja ngaho ngo yihende ngo amatora y'ejo azotuma haba impinduka mu Burundi. Ni amatora y'ubusuma buhebuje. Ubuhojojo bw'abakandida batigeze baniyamamaza buruzuye,akazi kabo ni ako gusohora amatangazo yo gukeza CENI, Leta na CNDD-FDD kuva itariki 7 ruheshi 2025.
Naho biri gutyo, Abarundi bogerageza ibishoboka bagatora uko bavyumva,bakanacunga amatora yabo.
👍
😢
😊
12