FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 4, 2025 at 07:10 PM
https://www.facebook.com/share/1RjYAPisFR/ 🔴 #ubucakara Amagorwa ya Ety Beckham Bukuru, indongozi ya CNDD-FDD yafashwe yamamaza Dieudonné Nahimana ! Uyu musore azwi cane kw'izina rya Ety Beckham Bukuru. Arongoye umugambwe CNDD-FDD muri kamwe mu ducumbiri tw'umutumba Ndava (Village), muri zone Ndava, komine Buganda (ubu ni komine Bukinanyana yagutse), mu ntara ya Cibitoke (ubu igiye kuba intara nshasha ya Bujumbura). Mu ndwi iheze, Ety Beckham Bukuru na bagenziwe babiri (barimwo umuganga w'ibitungwa ku mutumba wa Ndava yitwa Osias) barafashwe bajanwa gupfungwa mu gasho ka komine Buganda. Icaha cabo ngo ni ukuba bafashwe bariko bamamaza uwigenga Dieudonné Nahimana, ari mu bitoza mu bashingamateka. Barafashwe barapfungwa, baraborezwa igufa, barakubitwa barashaya. Mu nyuma bahavuye barekurwa babanje kwakwa uburenganzira bwabo bwa politike. 🔴 Igihano co kuguma yambaye umwambaro wa CNDD-FDD no kutazoja gutora nk'abandi Barundi ! Niko Ety Beckham Bukuru na bagenziwe bararekuwe barataha, ariko ibihano bibariko navyo ni akamaramaza. Babanje kwemera ko bazoguma bambaye umwambaro wa CNDD-FDD, imisi yose kugeza amatora aheze. Igihano ca kabiri kwabaye ukubaka amakarata yabo y'itora, ngo Imbonerakure zizobatorera. Igihano ca nyuma kwabaye kuberekana mu nama y'umugambwe ngo bishikanye, baca bongerako ko uwuzubabona bariko baramamaza uwundi mugambwe utari CNDD-FDD canke uwundi mukandida, ko azoca arya akara Imbonerakure zikaza kubakorerako ! 🔴 Intwaro y'ubucakara ! Ibi bintu ni akamaramaza, ni ugushira Abarundi mu buja n'ubucakara. Musenyeri Mukuru Simoni Ntamwana niwe yigishije urwaruka ko kizira ko hari uworutegeka kumutora canke gutora uko ashaka kubera impera. Simoni Ntamwana yavyise kuba UMUJA ! Simoni Ntamwana yatwigishije ko ata muntu n'umwe akwiye kugira UMUJA mugenziwe. Kugira ivyiyumviro vya politike ni uburenganzira bwa kiremwamuntu. Kuja mu mugambwe wiyumvamwo ni uburenganzira bwa kiremwamuntu, no kuwuvamwo ni uburenganzira bwa kiremwamuntu. Umurundi wese arafise uburenganzira bwo gutora uwo ashaka. Nta n'umwe amutegeka uwo atora.
😢 😮 2

Comments