
FOCODE Magazine
June 5, 2025 at 03:23 AM
https://www.facebook.com/100044589066824/posts/pfbid02aE3FYie8QHsahHwxUi6JYy1ZzQqFD3CPnV4dfPUxUo9b2CyUH9Ekt7dHpixnYgT3l/
🔴 *Uko igikorwa co kwiba #amatora kiriko kiragenda kuva muri rino joro.*
Umwe mu batunganya ibikorwa vya CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura yahisemwo kuburira Abarundi ibiriko biraba, agirako atanga uko ubusuma bw'amatora bwateguwe n'umugambwe CNDD-FDD buriko burashirwa mu ngiro kuva ku mugoroba wo kuri uyu wagatatu (04.6.2025) gushika igikorwa co guharura amajwi kirangiye. Iyi ndongozi ya CNDD-FDD yemeza ko hariho aba CNDD-FDD benshi bashavuye ku buryo biteguriye gutora iyindi migambwe, ariko akemeza ko, aravye urugero ubusuma bwateguwemwo, ataco biza guhindura. Ku bwiwe, ibizova mu matora vyaramaze gutegurwa.
Hano tubasangize uko yaduhaye ibintu biza gukurikirana.
🔴 *Inama zahuje aba mandataires ba CNDD-FDD inyuma y'umutaga.*
Ku muhingamo wo ku wagatatu (04.6.2025), abazoserukira CNDD-FDD mu matora bose bahamagawe ku ngoro z'umugambwe mu makomine y'igisagara ca Bujumbura. Hano dufate akarorero ka komine yagutse ya Mukaza. Iyo komine igizwe n'amazone atanu, ariyo: Zone Muyira, Zone Bwiza, Zone Nyakabiga, Zone Buyenzi na Zone Mukaza (yahoze ari zone Rohero). Nkuko muza kubibona mu butumwa, uwutwara CNDD-FDD muri komine bamwita SCOM (secrétaire communal), muri zone bamwita SZ (secrétaire zonal), nkuko bafise na SQ (secrétaire de quartier).
Mu matelefone yabo, aba mandataires ba CNDD-FDD muri Mukaza bahawe ubutumwa bugira buti :
"UBUTUMIRE
Uno musi igihe c' isaha icenda n'inusu (15h30min) kuri Permanence Mukaza, haratumiwe umuntu wese aziko ari ku rutonde des mandataires politiques du parti CNDD-FDD buri zone uko ari zitanu (5) zigize komine MUKAZA yagutse.
MN: Buri mu Sz, yoza azananye na ses mandataires politiques kugirango ntihaze habe ukwihenda.
William, SCOM. MUKAZA YAGUTSE."
Uko vyagenze muri Mukaza niko vyagenze no mu zindi permanences zose za CNDD-FDD. Ako kari akanya ko guhabwa amategeko y'ibiza gukurikira gushika amatora arangiye.
🔴 *Ivyapfundikiwe muri izo nama.*
1. Icambere nuko aba mandataires bategerezwa kuba bashitse mu bibanza bazokoreramo isaha zibiri z'ijoro (20h).
2. Ica kabiri nuko aba mandataires ba CNDD-FDD, co kimwe n'abatwara ama bureaux de vote, bategetswe kurara aho nyene ku ma bureaux de vote.
3. Ica gatatu nuko abajejwe umutekano bashizwe aho Ku ma bureaux de vote ngo bahacungere ku buryo gushika aho bukera isaha icumi na zibiri z'igitondo, ata wundi n'umwe azoba arekuriwe kwegera izo bureaux de vote.
4. Ica kane nuko kuva aho isaha zibiri z'ijoro CENI yategerezwa kuba iriko irashikana ibikoresho vyose buzokoreshwa mu matora.
5. Ica gatanu ari naco gihambaye nuko kuva isaha icenda z'ijoro, abakozi ba bureaux de vote be n'aba mandataire ba CNDD-FDD batangura kwuzuza ibijanye n'amakarata y'itora basanganywe y'umurengera. Barongera batorere abo bantu bose.
6. Aba mandataires b'iyindi migambwe bazokwakirwa inyuma y'isaha icumi na zibiri z'igitondo (6h), ico gikorwa kimaze kurangira. Umwanya wose bazoba batarabirangiza neza abajejwe bureaux de vote bazoguma bigiza kure abanyagihugu be n'abo bamandataires mu kubabwira ko hari ivyo bakiriko baratunganya.
7. Imbonerakure n'abanywanyi ba CNDD-FDD basabwa kuzozinduka cane, abe aribo batora ubwambere. Abandi bo mu yindi migambwe bazoshika ibikorwa bigeze kure.
8. Haraye hateguwe abazozanira ivyayi n'imikate vyo mu gatondo kugira abo baraye ku ma bureaux de vote baze baronke ico bafungura mu gatondo.
🔴 *Mu bice bimwebimwe hazobaho igikorwa co kugura aba mandataires b'iyindi migambwe.*
Hariho uduce tumwe tumwe mu gisagara ca Bujumbura twatowe ko aritwo indongozi zizokwitwararika kurusha ahandi. Akarorero ni nko mu bice bimwe vya Kanyosha. Aho rero igiteguwe nuko aba mandataires b'iyindi migambwe, bagishika mu gatondo, bazobona bahabwa amabahasha (enveloppes) arimwo amafaranga. Ntibazomenya ico bayabahereye. Ariko bumaze kwira, amatora aheze, bazobona babereka aho basinya. Ni ukuvuga ko bazoba bemeje ivyegeranyo batarinze no gusoma ivyanditswemwo. Uko ngo niko vyakozwe no muri 2020.
Umu mandataire bazoha aho asinya, agatangura kugorana kandi bamuhaye amahera mu gatondo, azoca afatwa yagirizwe gutoba amatora.
🔴 *Ibiteguwe mu mwanya wo guharura amajwi.*
Umwanya wo guharura amajwi, haratagekanijwe ubusuma bukomeye.
1. Abajejwe guharura amajwi bategerezwa kuba abagize bureau de vote. Abo nabo hafi bose ni abanywanyi ba CNDD-FDD. N'uwutari umunywanyi wayo aba azwi neza ko yegereye CNDD-FDD kandi yiteguriye kuyifasha kwiba amajwi.
2. Imbere yo guharura amajwi barayakura mw'isandugu bakayasuka aho bose babona. Harabaho uwusoma ijwi, hakabaho uwuraba ibisomwe ari vyo, hakaba n'uwuza aruzuza uko imigambwe n'abakandida bigenga bariko bararonka amajwi. Uyu aharura n'uyu asuzuma ko ibisomwe ari ukuri bategerezwa kuba ari aba CNDD-FDD.
3. Ivyo bano basoma nivyo vyandikwa ko biri kuri bulletin de vote. Aba mandataires b'imigambwe ntibarekuriwe kuja gusuzuma ko ibiriko birasomwa ari vyo koko abanyagihugu batoye. Uyu ni umwanya uhambaye cane.
4. Aba mandataires ntibarekuwe kwegera abariko baraharura amajwi. Baguma kure yabo, ariko bagakurikira uko ibisomwa arivyo vyandikwa ku migambwe n'abandi bakandida.
Ibisigaye birasanzwe. Bamaze guheza guharura, ivyavuye mu matora birandikwa, hagakorwa ivyegeranyo nkuko bisanzwe.
🔴 *Hari ibintu bitatu bihambaye cane abo mu yindi migambwe bokwitwararika.*
1. Kwitwararika ko bokwerekwa neza imbere yo gutangura amatora ko amasandugu yera ata majwi arimwo.
2. Kwitwararika ikibazo c'abantu baza gutora incuro nyinshi canke bakazana amakarata menshi
3. Kugwanira ko ijwi ryose risomwa haza kuba abo mu yindi migambwe barisuzuma kugira ntibahendwe hagasomwa ibitari vyo.
Ariko kandi ntibokwibagira gusuzuma ko umuntu wese ashobora gutora yiherereye.
🔴 *CNDD-FDD ifise ubwoba ku banywanyi bayo nyene.*
Uwuduhaye ubutumwa yanditse ati :
"Narakubwiye ko jewe nsanzwe ndi muri CNDD-FDD kugira turonke amahoro n'umutekano. Ucuvyumva. Amakuru mfise nuko nka 70% y'abagumyabanga batazotora CNDD-FDD, bazotora iyindi migambwe kandi ni abukuri, bambara imyambaro y'umugambwe, bafise n'amabanga. Ico kenshi mwebwe mutamenya ni ishavu abagumyabanga bafise, ariko bagategerezwa kubinyegeza. Hari n'ibintu vyinshi ubona bikorwa ku rwenge bijanye no kunaniza ibikorwa vy'igihugu. Hariho utuntu twinshi tuba, iyaba muzi kubirana twobereka ingene aba CNDD-FDD bo nyene bananiza n'impaka ibikorwa vya Leta.
Ariko naho bimeze uko, amatora, yarahejeje kwibwa. Ibizova mu matora vyaramaze gupangwa. Burya nk'ibibanza bazoha UPRONA barabizi. Ivyo bazoha irya CNL yindi barabizi. Hariho n'utugambwe twinshi twitoje be n'abigenga bitoje bahawe amahera na CNDD-FDD. N'ivyo bazovuga inyuma y'amatora bazobihabwa na CNDD-FDD."
Uwaduhaye amakuru yavuze ko ubu bwoba butumvikana tubona CNDD-FDD iriko irerekana buva ku kuba abatwara Igihugu batizeye ko bashigikiwe n'abagumyabanga. Ubundi iyaba bazi neza ko bari kumwe n'ababo, ntacari gutuma hategurwa buno busuma bwose. Yanavuze ko atawokangwa n'abarya bitaba amakoraniro. Yavuze ko henshi vyagiye birasaba kwugara amasoko, amashure n'iyindi mirimo yose mu bibanza kwiyamamaza vyaba biriko biraberamwo. Abanywanyi ba CNDD-FDD nabo barazi ko kizira kwerekana ikiri ku mutima. Yagize ati : "none mu 1993, Buyoya yari afise abantu bangana gute mu myiyamamazo ? Abarundi ni abanyabwenge, ico bafise ku mutima baramenya kukibika iyo babaye."
-------------------
🔴 *Ubu butumwa burakwiye guhanahanwa rwose muri iri joro n'iki gitondo. Maze abaja gukurikirana Amatora bamenye ivyo baza kwitwararika.*
👍
😭
👎
😢
😮
🫣
8