
FOCODE Magazine
June 5, 2025 at 11:44 AM
https://www.facebook.com/share/p/18o3KTEDVZ/
#amatora y'uno musi : n'abanywanyi ba CNDD-FDD bumiwe babonye ibiriko biraba.
Intahe y'umukenyererarugamba wo mu Nyabunyegeri :
"Ndabaramukije neza bubahwa. Jewe nashaka kubamenyesha ibiriko bibera aha kuri centre de vote Nyabunyegeri, umutumba Nyabunyegeri, zone Rubirizi, commune Ntahangwa yagutse (yahora ari Mutimbuzi). Akamaramaza kahari mu gutora, ushitse muri bureau utoreramwo, baguhaye Impapuro, ahari ubwiherero uhasanga imbonerakure ifise irangi ikubwira ngo shira aha nyene imbere y'Inkona, igaca ikuzingira birya bipapuro ngo genda ! Jewe nsanzwe ndi umunywanyi wa CNDD FDD, ariko ibintu biriko biraba ni iryambere ndabibonye kuva nakwiza imyaka yo gutora !musemerere kumbure 2030 bokwikebuka, ivyo bintu bakabiheba, umwenegihugu bakareka kumunyaga uburengazira bwiwe bwo gutora murakoze."
Ukaba ukeneye intahe nyinshi z'ibiriko biraba, fyonda ngaho, ubikurikire kuri Telegram : https://t.me/PacifiqueNininahazwe
👍
🙇♂️
3