FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 6, 2025 at 08:43 PM
https://www.facebook.com/share/1SHycDRx84/ 🔴 Prezida wa Tchad, Maréchal Mahamat Idriss Deby, yafashe ingingo yo guhagarika guha visa abanyamerika bashaka kuja muri Tchad ! Mu butumwa yatanze ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Prezida Deby yagize ati : "Nategetse Leta guhagarika guha visa abanyamerika. Tchad nta ndege ifise zo kugabira abandi, nta mamiliyaridi y'amadolari ifise yo gufashisha abandi, ariko Tchad irafise iteka ryayo." 🔴 Prezida Deby yishuye Prezida Trump wa Leta zunze ubumwe z'Amerika. Ingingo ya Prezida Mahamat Idriss Deby yafashwe nk'inyishu ku ngingo Prezida Donald Trump aherutse gufata yo guhagarika burundu guha visa abanyagihugu bava mu bihugu 12 : Afghanistan, Birmanie,Tchad, Congo-Brazzaville, Guinée équatoriale, Érythrée, Haïti, Iran, Libya, Somalia, Soudani na Yémen. Iruhande y'ivyo 12, hari ibindi bihugu 7 navyo vyafatiwe ingingo zo kugabanya rwose guhabwa visa zo kuja muri Amerika : Burundi, Cuba, Laos, Sierra Leone,Togo,Turkménistan na Venezuela. Prezida Mahamat Idriss Deby yisunze umugenzo ujanye n'imigenderanire y'ibihugu uvuga ko ico ikindi gihugu kigukoreye arico nawe ucishura. Niko kuvuga ko nawe ahagaritse gutanga visa ku banyamerika nkuko nabo bahagaritse kuziha abanya Tchad. Uburundi ntaco buravuga ku ngingo bwafatiwe na Prezida Donald Trump.
👍 😂 😢 😮 🙏 10

Comments