FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 7, 2025 at 10:05 AM
https://www.facebook.com/share/19DRibU7Y4/ 🔴 Igisirikare kimwe rudende mw'isi gishira ahabona amasanamu y'abasorikare bajejwe iperereza canke ubutasi ! Ibi tubisanga ku rubuga X (Twitter) ry'igisoda c'Uburundi, aho hirya y'ejo rwashizeko amafoto y'abasorikare bari bamaze imisi mu vyigwa vyo gukora ubutasi (renseignement, espionnage). Ni inkuru yaraye itangaje benshi kuko ubundi ibihugu vyose biranyegeza cane amasura y'abajejwe ubutasi. Nkuko bizwi hose mw'isi, iyo uwejejwe ubutasi (espion) amenyekanye, akazi kiwe kaba gaheze. 🔴 Aba vuba muzohura mutazi ko ari abasirikare... Abasirikare bahejeje iri shure, baca bahabwa igisata c'iperereza mu gisirikare (renseignement militaire) kizwi cane kw'izina rya G2. Baraheza bagasanzagizwa mu bisata bitandukanye, mu makambi aho bacunga abasirikare benewabo, hari abarungikwa hanze y'Uburundi kurondera amakuru mu bihugu, hari n'abarungikwa mu banyagihugu kwumviriza amakuru. Umwe mu bakozi b'iperereza rya gisirikare yatubwiye ko nk'aba bigeme hari bamwe usanga barungikwa mu ma quartiers no mu masoko kudandaza ibitumbura, ifu, ivyamwa n'ibindi vyinshi. Maze bakaba bajejwe kwumviriza ibivugirwa mu masoko no mu ma quartiers. Hari abandi usanga bagendana Bibiliya, bakarungikwa no mu masengero. Uwutabazi akabita abasenzi bakomeye, ntamenye ko bari Ku kazi. Bagenda bambaye impuzu zisanzwe ku buryo atawumenya ko ari abasirikare. Hari abigeme nk'abo mu misi iheze bakoze ibara barafatisha abantu batari bake. Baganiriza abantu (canecane abahoze mu gisirikare canke abasore bazwi ko badakunda CNDD-FDD), bakaganiriza ibijanye na M23, ivya Red-Tabara, bakumvisha abantu ibijanye no gufata umuheto. Bahurira n'abantu mu ma groupes WhatsApp, mu nyuma bakabandikira inbox. Hari benshi baguye muri iyo mitego, hanyuma barafatwa n'iperereza, kubera kwizera abo batazi. Abo bagabo hari bamwe usanga banyonga amapikipi yo kwunguruza abantu, hari bamwe uzosanga baguma batembera mu duce dutandukanye, hari abaguma baja gutonda imirongo mu barindiriye ibisi. Aho hose bumviriza ibivugwa. 🔴 Umuntu yakoze ibi bintu arakwiriye guhanwa. Ariko nimba ari umwishikira, ntawuzomukorako. Mu Burundi gukora amakosa uno musi bifatwa nk'ubuhizi. Ntimurumva abo bushika bakigamba ngo : "mbega urazi ko jewe nkora mw'iperereza ? Urazi ko nogukoza ico nshaka ata nkurukizi ?" Mu bindi bihugu, abakozi b'iperereza wobahonyorako utazi ico bari ! ------------------------------ Umusirikare asomye iyi nkuru, yongeyeko ati : "Wibagiye kwongerako ko abo basodakazi babatuma no muma hoteli ugasanga baja gusasa ibitanda. Iyo bikenewe n'ikimaraya akemera akagikora kugira ashikire uyo ashaka gukuramwo amakuru. Bashobora kumutuma kuba umuyaya, ukamukoresha utazi ko ufise umusodakazi mu nzu. Abahungu nabo barashobora gukora ikiboyi canke akakubera umunyezamu. Abantu bokwitondera cane abo bakoresha muri kino gihe."
👍 🙏 ❤️ 😮 7

Comments