FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 7, 2025 at 02:49 PM
https://www.facebook.com/share/p/1CTaKL5Xgq/ 🔴 #ndondeza Ari hehe Gamaliel Niyonzigama ? Benshi bamuzi kw'izina rya Gamaliel Gasore, canecane abo biganye mu mashure nka ETAL. No kuri Facebook yitwa Gamaliel Gasore. Hari abandi bavuze ko bamuzi kw'izina rya Gamaliel Niyonsavye. Abiwe batumenyesheje ko izina ryiwe ry'ukuri ni Gamaliel Niyonzigama. Avuka mu ntara ya Kayanza, komine Butaganzwa, zone Butaganzwa, umutumba Mufumya, agacimbiri Bavumu. Yarangije amashure kuri ETAL mu Buyenzi, ni umu "technicien laborantin". Arangije amashure, yarigishije kuri École Paramédicale Kamenge, mu nyuma arakorera ku bitaro mu Kayanza. Yarakoreye no kuri Hôpital Kanyinya mu Kirundo. Arubatse, akaba n'umuvyeyi w'abana batatu. Urugo rwiwe ruri mu Gasenyi (aho bita ku masalon), mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura. Ubu yakora canecane ivyiwe, akadandaza imiti n'ibikoresho vya laboratoire. Mu vya politike, Gamaliel Niyonzigama ni umunywanyi wa CNDD-FDD. Arazwi mu Mbonerakure. Mu Kirundo batubwiye ko bazi Gamaliel nk'imboberakure itinyitse yakorana n'iyindi yitwa Nkurunziza izitwara muri Nyange-Bushaza ikunze kuvugwa mu mabi menshi. 🔴 Gamaliel Niyonzigama yarabuzwe irengero kuva ku musi w'Imana uheze (01.6.2025). Abiwe bavuga ko, ku musi w'Imana uheze (01.6.2025), Gamaliel Niyonzigama yamanutse i Bujumbura ava mu Kayanza, ari kw'ipikipiki. Ari hafi gushika mu gisagara, yaratarefonye, aravuga ko ageze haruguru ya Bujumbura. Kuva ubwo abiwe ntibazi iyo ari. Abiwe bavuga bati : "Twaherutse avuga ko agira ashike ageze ruguru y'igisagara gato, kuva dimanche passé ku mugoroba ntawasubiye kumwumva, uretse ko yarondeye umuntu ku yindi numéro itari iyiwe, biranka ko avuga kuko vyumvikana ko hari abamuhagaze impande bamutegeka ivyo avuga. N'ubu indwi izohera ejo ntawurasubira kumwumva, kandi na numéro yaciyeko ubu irugaye." Abiwe baragerageje kumurondera hose, baraja mu busho butandukanye, barabaza mu ma zones hose barabura. Barituye abategetsi, mbere n'abindani bose muri DOCUMENTATION, ariko ntacavuyemwo." 🔴 Uwomenya ivyashikiye Gamaliel Niyonzigama yotwandikira muri Ndondeza kuri WhatsApp +32465651905.
😢 1

Comments