FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 8, 2025 at 07:02 PM
https://www.facebook.com/share/p/16JLS9PEUe/ 🔴 Kahise kacu : Amaherezo y'abatwaye Uburundi. Kuva Uburundi bwikukiye muri mukakaro 1962, bumaze kurongorwa n'abagabo 11 (abami 2 n'abaperezida 9). Mu gihe uno musi imyaka 5 irumanye Prezida Nkurunziza asandavye, twashimye kugaruka ku vyagiye birashikira abatwaye Uburundi mu mpera y'ubutegetsi bwabo. Abadakunda ibisomwa birebire mwihangane. Abafise ico batwunganira namwe turabahaye ikaze. 🔴 Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge (1911-1977) Igihe Uburundi bwikukira ku wa mbere mukakaro 1962, bwari burongowe n'Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge. Mwambutsa yari asanzwe ari Umwami kuva se, Mutaga IV Mbikije, atanze ku wa 30.11.1915. Ariko, mu myaka 46 yambere y'ingoma yiwe, Uburundi bwari mu buja bw'abakoloni b'abadagi mu nyuma haza ababiligi. Mwambutsa yabaye Umwami yuzuye ikiringo c'umyaka ine gusa : kuva Uburundi bwikukiye ku wa 01.7.1962 gushika akuwe ku Ngoma ku wa 08.7.1966. Ivyago bikomeye vy'Ingoma y'Umwami Mwambutsa vyatanguye mw'ijoro ry'uwa 18-19 gitugutu 1965. Ikirimba c'Umwami caratewe n'abasirikare bari bashaka kumugandagura n'ukumubogoza. Bikunze kuvugwa ko bari abasirikare b'abahutu bari barongowe na Capitaine Antoine Serukwavu, yari umunyamabanga was Leta ajejwe Gendarmerie. Imana yarakinze Umwami ararusimba, yarashoboye kunyegera abateye baramura, imbere yo gutabarwa n'abasirikare bari barongowe na Capitaine Michel MIcombero, yari umunyamabanga wa Leta ajejwe igisirikare. Inyuma y'ico gitero, Umwami Mwambutsa yarahungiye gato mu buseruko bwa Congo (RDC), agarutse mu Burundi, aca afata urugendo rumujana i Genève mu Buswisi. Mwambutsa ntiyigeze agaruka mu Burundi, yamaze hafi amazi umunani atwarira Uburundi i Genève. Ico Abarundi batamenyeshejwe muri ico gihe nuko Umwami wabo yari agwaye cancer. Ku wa 08 mukakaro 1966, Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge yarakuwe ku Ngoma n'umuhungu wiwe w'imyaka 18, Umuganwa Samuragwa Karoli Ndizeye, ashigikiwe n'abasirikare bari barongowe na Capitaine Michel Micombero. Umwami Mwambutsa ntiyigeze asubira kubona Uburundi gushika asandabe ku wa 26 ndamukiza 1977 i Genève mu Buswisi, ari naho yashinguwe mw'itongo ry'abapfuye ry'i Meyrin. Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge yajanye agahinda kenshi, birashoboka ko ariwe ndongozi y'Uburundi yakorewe amabi menshi. Abavyeyi biwe, Umwami Mutaga IV Mbikije nUmwamikazi Ngezahayo, bagandaguwe Mwambutsa afise imyaka ine. Imfura yiwe Ludoviko Rwagasore yagandaguwe ku wa 13.10.1961 afise imyaka 29. Umuhungu yari asigaranye, Umwami Ntare V Charles Ndizeye, yaronse amosha mabi atembagaza se, mu nyuma aricwa. Umuvukanyi wiwe, umwe rudende, Umuganwa Ignace Kamatari yagandaguwe mu 1964. Amatungo y'Umwami atari make yaranyazwe, abiwe basigara mu bukene. Inyuma yo gutembagazwa, Umwami Mwambutsa yamaze imyaka 11 mu buhungiro i Genève mu Buswisi, arahava arasandaba ku wa 27.4.1977. Prezida Bagaza yoba yarashatse ko ikiziga c'Umwami gitahukanwa mu Burundi, ariko Mwambutsa yari yasize yanditse ko adakeneye kuzotahanwa mu Burundi. Umwami Mwambutsa yashinguwe mw'itongo ry'abapfuye ry'i Meyrin mu Buswisi. Muri 2012, Leta ya Prezida Nkurunziza yarasavye amamiliyoni Umwami wa Maroc kugira itahukane ibisigarira vya Mwambutsa. Umwami Mwambutsa yarazuwe, ariko haca haduka Imana hagati y'abo mu muryango bari bashigikiye ko atahanwa n'abandi bagwanira ko ugushaka kwa Mwambutsa kwubahirizwa. Ibisigarira vya Mwambutsa vyamaze imyaka itanu mu buruhukiro, araheza asubira guhambwa irya kabiri ku wa 30.6.2017 mw'itongo ry'abapfuye ry'i Meyrin nyene. Aya niyo maherezo y'Umwami yahemukiwe n'igihugu ciwe, uwo bose bahurizako ko yakunda Abarundi bose adacaguye. 🔴 Umwami Ntare V Charles Ndizeye Uwarongoye Uburundi ubugira kabiri kuva twikukiye yabaye Umwami Ntare V Karoli Ndizeye. Umuganwa Ndizeye yari umuhungu w'Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge, akaba na murumuna w'Umuganwa Ludoviko Rwagasore kuri se. Umuganwa Karoli Ndizeye yafashe ubutegetsi ku wa 08 mukakaro 1966, afadikanije n'abasirikare bari barongowe na Capitaine Michel Micombero. Ku wa mbere nyakanga 1966, Karoli Ndizeye yimitswe nk'umwami w'Uburundi kw'izina rya Ntare wa gatanu. Igihe yimikwa, Ntare V yari asigaje amezi abiri ngo akwize imyaka 19 y'amavuka. Ku wa 28 munyonyo 1966, mu gihe yari mu rugendo i Léopoldville (Kinshasa) mu gihugu ca Congo, Umwami Ntare V Karoli Ndizeye yaratembagajwe n'abasirikare bari barongowe n'umushikirangoma wa mbere, Capitaine Michel Micombero. Ntare V ntiyabaye agitaha mu Burundi, yamaze imyaka itandatu ari impunzi mu Budagi. Aho mu Budagi, Umwami Ntare V yarakorana n'amahinguriro adandaza ibirwanisho n'ibikoresho vya gisirikare, akayafasha kuronka ibihugu biyagurira. Muri ntwarante 1972, Umwami Ntare V yagiye mu Buganda kwumvikana n'ubutegetsi bwa Prezida Idi Amin Dada ingene yobushorera ibirwanisho. Akiri mu ndege yahuye n'umushikiranganji w'Uburundi w'imigenderanire, Arthemon Simbananiye, baraganira, ubutegetsi bwa Prezida MIcombero buba buramenye iyo Charles Ndizeye agiye. Umwami yaragurishijwe. Inyuma y'ibiganiro hagati ya Leta y'Uburundi n'iya Uganda, Prezida Idi Amin Dada yahenze Umwami Ntare V ko bamujanye gutembera, gutyo amwuriza indege amurungikira ku ruyeri Prezida Michel Micombero i Bujumbura. Ku wa 30.3.1972, Karoli Ndizeye yururutse ku kibuga c'indege ca Bujumbura, asanga arindiriwe n'ama jeep y'igisirikare. Yaciye ahagarikwa ubwo nyene, ajanwa gupfungwa i Gitega. Yapfunzwe ukwezi mu gikoni c'ingoro yahoze ari iya se i Gitega. Mw'ijoro ry'uwa 29.4.1972, Ntare V yarasohowe aho yari apfungiwe, ajanwa mw'ikambi y'abakomando i Gitega. Isaha zine z'ijoro, Umwami wa nyuma w'Uburundi, Ntare V Charles Ndizeye, yacumiswe baillonnette hanyuma araswa amasase atatu mu gahanga, arasandaba, ata rubanza na rumwe aciriwe, atabwiwe ico azira. Bivugwa ko ikiziga ciwe cazohowe mu nkorofani, kija gutabwa mu kinogo rusangi. Kugeza uyu musi ntawuzi iyo bamutaye. Ayo niyo maherezo y'Umwami wa nyuma w'Uburundi, murumuna wa Rwagasore, akaba n'umuhungu wa Mwambutsa. Yari yavutse ku wa 02.12.1947, yagandaguwe afise imyaka 24 y'amavuka. 🔴 Prezida Michel Micombero Uwagatatu yarongoye Uburundi ni Capitaine Michel Micombero, kuva ku wa 28 munyonyo 1966 gushika ku wa mbere munyonyo 1976. Niwe yatembagaje ingoma y'ubwami aca aba uwambere arongoye igihugu yitwa Perezida wa republika. Ku wa 01.11.1976, Prezida Michel Micombero yari yitegurira guhimbaza imyaka 10 yari amaze ku butegetsi. Wari umusi w'akaruhuko (umusi mukuru wa Ekleziya Katolika ihimbaza aberanda bose). Umukuru w'ingabo zacungera Umukuru w'igihugu yinjiye ku Kirimba, asaba kubonana na Prezida MIcombero. Niho Lieutenant-Général Michel Micombero yamenyeshwa ko yatembagajwe n'abasirikare, aca arasohoka, yinjizwa muri jeep y'igisirikare, gutyo ubutegetsi bwiwe buba burarangiye. Amaze gutembagazwa, Prezida Micombero yabanje gupfungirwa mu ntara ya Ngozi, mu nyuma baramurekura ahungira muri Somalia kwa mugenzi we Prezida Siad Barré. Muri ico gihugu c'Ubuhungiro, Prezida Micombero yaciye aca kwiga muri kaminuza. Amaze kurangiza amashure mu 1982, Prezida Micombero yoba yarasavye ko yokwitahukira mu Burundi, akiberaho ubuzima busanzwe, hari n'ibihugu nka Algeria vyoba vyaramusavye ko yojayo akigisha muri kaminuza. Ivyo vyose vyoba vyaratera ubwoba intwaro ya Prezida Bagaza. Havugwa vyinshi bitandukanye kuri ivyo bihe vya nyuma vy'ubuzima bwa Prezida Micombero. Muri mukakaro 1983, Prezida Micombero yinjiye ibitaro vya gisirikare vy'i Mogadiscio muri Somalia mu gihe yariko yumva atemerewe neza. Ku wa 16 mukakaro 1983, umutima wa Prezida Micombero warahagaze giturumbuka (arrêt cardiaque), ubuzima buba burarangiye. Mu mwanya wa mbere ubutegetsi bwa Prezida Bagaza bwaranse ko ikiziga ca Prezida Micombero gitahukanwa mu Burundi, mu nyuma buravyemera ariko butegeka ko abaduga kumushingura baba abantu bakeyi. Prezida Micombero yashinguwe iwe muri komine Rutovu, mu ntara ya Bururi. Urupfu giturumbuka be n'ingorane zo ku mushingura zatumye haduka igihuha gikomeye ko Prezida Micombero yoba yahawe uburozi biciye mu rushinge yatewe kandi ko vyoba vyakozwe n'iperereza rya Prezida Bagaza. Prezida Bagaza yariyamirije rwose abavuga ivyo bintu. Prezida Michel Micombero yari yavutse ku wa 26 myandagaro 1940, yasandavye ku wa 16 mukakaro 1983 asigaje ukwezi kumwe ngo akwize imyaka 43, inyuma y'imyaka 7 mu buhungiro. 🔴 Prezida Jean-Baptiste Bagaza Uwakane yarongoye Uburundi ni Colonel Jean-Baptiste Bagaza, kuva ku wa mbere munyonyo 1976 gushika ku wa 3 nyakanga 1987. Muri nyakanga 1987, Prezida Jean-Baptiste Bagaza yari asigaje amezi abiri ngo ahimbaze imyaka 11 ku butegetsi. Imigenderanire yiwe n'ibihugu vya Bulaya yari yifashe nabi, imigenderanire na Ekleziya Katolika yari yaratabagaye, yaricura ko hari abasirikare bashobora kumutembagaza. Yategerezwa kwitaba inama y'abakuru b'ibihugu bivuga igifaransa, i Quebec muri Canada. Ku wa 03.9.1987, mu gihe Prezida Bagaza yari hiyo mu nama, niho abasoda batobato bagumuka, bafata intwazangabo baja kuzipfungira kuri Mess des Officiers i Bujumbura, bongera barafata ibibanza bikuru bikuru vyose vy'igihugu. Mu nyuma, ba basoda bagiye muri Mess des Officiers, basoma urutonde rw'abo bakeneye, barabasohora, babasaba gutora Umukuru w'igihugu mushasha. Ni gutyo Major Pierre Buyoya, intwazangabo yari azwi nk'incabwenge yize cane muri za Kaminuza za gisirikare i Bulaya (Ububiligi, Ubufaransa, Ubudagi), akaba yari arongoye ibiro vya gisirikare bijejwe imyimenyerezo no gutegura intambara (G3), yaca atorwa kuba Umukuru w'igihugu. Intwaro ya Prezida Bagaza iba irarangiye. Inyuma yo gutakaza ubutegetsi, Colonel Jean-Baptiste Bagaza yabaye mu buhungiro imyaka 6, mu bihugu vy'Ubuganda na Libya, imbere yo gutahuka mu Burundi mu 1993 ku ntwaro ya Prezida Ndadaye. Iyo myaka y'ubuhungiro yayimaze yaratandukanijwe n'abana biwe, bo bari basigaye mu Burundi. Aho Prezida Buyoya agarukiye ku butegetsi mu 1996, Prezida Jean-Baptiste Bagaza yabayeho igihe kitari gito acunzwe icamaso (résidence surveillée), asubira gutora agahengwe ku ntwaro za Domitien Ndayizeye na Petero Nkurunziza. Prezida Jean-Baptiste Bagaza yahitanywe n'urw'akarago, asandabira mu bitaro i Bruxelles mu gihugu c'ububirigi, ku wa 04 rusama 2016. Prezida Bagaza yashinguranywe iteka ryinshi, aherekejwe n'abategetsi bahambaye b'igihugu, muri rusama 2016, mu gisagara ca Bujumbura. Jean-Baptiste Bagaza yavutse ku wa 29 myandagaro 1946 mu Rutovu mu ntara ya Bururi, akaba yasandavye asigaje amezi atatu ngo akwize imyaka 70. 🔴 Prezida Pierre Buyoya. Major Pierre Buyoya yatwaye Uburundi incuro zibiri. Ku wa 03.9.1987 yatembagaje Prezida Jean-Baptiste Bagaza, amara imyaka 6, imbere yo gushikiriza ubutegetsi Melchior Ndadaye ku wa 10.7.1993. Ku wa 25.7.1996 naho yatembagaje Prezida Sylvestre Ntibantunganya, amara imyaka 7, imbere yo gushikiriza ubutegetsi Domitien Ndayizeye ku wa 30.4.2003. Prezida Buyoya yaragize amahirwe ntiyatembagazwa na rimwe. Igihe cose yavuye ku butegetsi, yarabushikiriza neza uwamusubiriye. Muri 2003, yavuyeho asiga amategeko akingira abahoze batwara Uburundi, nkuko vyumvikanywe mu masezerano ya Arusha. Niwe muprezida wamengo ntazigera ahura n'ivyago bikurikira abahoze batwara Uburundi. Igihe Prezida Ndayizeye ahagarikwa muri 2006, intumbero yo gufata na Prezida Buyoya yarabayeho, ariko Nkurunziza aragabishwa n'amakungu ko atohirahira ngo abikore. Ivyago vya Prezida Buyoya vyaje mu mpera y'ubuzima bwiwe. Ibwirizwa Shingiro rya 2018 ryarafuse ko abahoze barongoye Igihugu babandanya kuba abakenguzamateka ubuzima bwose. Uwo mwaka nyene, Prezida Buyoya yarashizweko umutahe Mpuzamakungu. Muri munyonyo 2020, Prezida Buyoya yaciriwe igihano co gupfungwa ubuzima bwose, yagirijwe ko ari mu bateguye igandagurwa rya Prezida Ndadaye mu 1993. Yaciriwe urubanza atigeze aburana. Yaciye asaba ubuhungiro mu gihugu ca Mali, aho yari amaze imyaka aserukira ishirahamwe ry'Ubumwe bw'Afrika. Ku wa 17.12.2020, Prezida Buyoya yapfiriye mu Bufaransa agiye kwivuza ingwara ya koronavirisi. Prezida Buyoya yabanje guhambwa i Bamako muri Mali. Inyuma y'imyaka hafi ine, ibisigarira vya Prezida Buyoya vyaratahanywe muri mukakaro 2024, birashingurwa iwe muri komine Rutovu, mu ntara ya Bururi. Leta ya Prezida Ndayishimiye ntiyashimye kumuha iteka rihabwa abahoze barongoye Igihugu. Prezida Pierre Buyoya yavutse ku wa 24.11.1949. yashengeye ku wa 17.12.2020 afise imyaka 71. 🔴 Prezida Melchior Ndadaye Melchior Ndadaye yabaye uwagatandatu yarongoye Uburundi, aba n'umukuru w'igihugu wa mbere atowe n'abanyagihugu. Inyuma yaho atorewe ku wa mbere ruheshi 1993, Prezida Melchior Ndadaye yarongoye Uburundi kuva ku wa 10 mukakaro 1993 gushika ku wa 21 gitugutu 1993. Umusi wa nyuma w'intwaro yiwe, ku wa 21.10.1993, Prezida Ndadaye yiriwe umusi wose mu nama y'abashikiranganji yagiye kurangira mw'ijoro. Bakiri mu nama, nyamugigima iravuga, umwe mu bashikiranganji aranatwenza bagenziwe ko nyamugigima iba ari agasema ku Mwami nkuko abarundi babigendereje. Igihe ca samunani y'ijoro niho vya muzinga vyatangura kwasirana mu gisagara ca Bujumbura, Umukuru w'igihugu n'umuryango wiwe barashobora gusohoka ingoro y'umukuru w'igihugu, mu gihe yariko icucagirwa amasase n'amabombe. Prezida Ndadaye yavuye mu Ngoro ari muri blindé ya gisirikare, ajanwa muri Camp Muha, ikambi yari ijejwe kumucungera. Muri iyo kambi niho yafatiwe n'abasirikare bari bagumutse, baje bava mu yandi makambi nka Camp Muha. Umukenyezi wiwe n'abana bararokotse, bajanwa mu buserukizi bw'Ubufaransa mu Burundi. Prezida Melchior Ndadaye we yajanywe mw'ikambi Bataillon Para i Bujumbura, arapfungwa akanya gato, mu nyuma aricwa anigishijwe umugozi. Hari n'abandi bategetsi bahambaye biciwe uwo musi muri iyo kambi. Amaze kwicwa, Prezida Ndadaye yahambwe incuro nyinshi mu bibanza bitandukanye mu ntumbero yo kunyegeza ikiziga ciwe, kugeza ubwo abasirikare bemera kumushikiriza abanywanyi biwe bari mu myiyerakano bamusaba. Prezida Ndadaye yashinguranywe iteka ku wa 06.12.1993, imbere y'ingoro yabamwo ari Umukuru w'igihugu, co kimwe na bagenziwe. Prezida Melchior Ndadaye yavutse ku wa 28 ntwarante 1953, yagandaguwe ku myaka 40 n'amezi 7. Niwe wenyene mu batwaye Uburundi afatwa nk'incungu y'igihugu (Héros National). 🔴 Prezida Cyprien Ntaryamira Cyprien Ntaryamira yabaye uwindwi arongoye Uburundi kuva bwikukiye, yatwaye kuva ku wa 05 ruhuhuma 1994 gushika ku wa 06 ndamukiza 1994. Prezida Ntaryamira yarongoye igihugu mu gihe kitoroshe mu Burundi no mu karere. Kugira yimikwe, ibwirizwa shingiro ryabanje guhindurwa kubera amatora y'abanyagihugu bose atashoboka. Inyuma y'amezi abiri gusa arongoye Uburundi, ku wa 06 ndamukiza 1994, Prezida Ntaryamira yazindutse aja i Arusha muri Tanzania mu nama y'abakuru b'ibihugu yari itumbereye kugondoza Prezida Juvenal Habyarimana w'Urwanda ngo ashire mu ngiro amasezerano y'i Arusha yari yasinye hamwe na FPR ku wa 4 myandagaro 1993. Inama yarize n'ikibazo c'Uburundi. Bivugwa ko iyo bama yabayemwo ibintu vyinshi bitangaje vyasa n'ivyo kuyitevya kugira abakuru b'ibihugu batahe bwije. Ku mugoroba, hageze gutaha, Prezida Cyprien Ntaryamira yasanze indege yiwe yagize akagorane, bariko barayisanura. Niho Prezida Juvenal Habyarimana w'Urwanda yoba yamusavye ko bogenda bajanye mu yiwe yananyaruka cane. Prezida Ntaryamira yuriye iyo ndege ya Habyarimana ari kumwe n'abashikiranganji babiri, Victor Ciza na Cyriaque Simbizi. Vyari bitangaje ingene atajanye n'uwujejwe umutekano wiwe canke uwujejwe protocole. Indege yavuye i Arusha isaha icumi n'imwe z'umugoroba, isaha zibiri z'ijoro ica iraraswa igeze i Kanombe mu Rwanda. Nta n'umwe yarokotse mu bari bayirimwo. Prezida Ntaryamira n'abashikiranganji babiri bari kumwe nawe bashinguwe i Bujumbura mu kibanza citiriwe incungu za demokarasi. Prezida Cyprien Ntaryamira yari yavukiye i Mageyo muri komine Mubimbi ku wa 06 ntwarante 1955, yasandavye ku myaka 39. 🔴 Prezida Sylvestre Ntibantunganya Prezida Sylvestre Ntibantunganya yabaye Umukuru w'igihugu agira umunani. Yarongoye Uburundi kuva ku wa 06.4 1994 gushika ku wa 25.7.1996. Prezida Ntibantunganya yatwaye Uburundi mu gihe kigoye cane. Uburundi bwari mu ntambara hagati y'igisirikare ca kera cagirizwa ko cagandaguye Prezida Ndadaye n'umurwi CNDD-FDD wafatwa ko ari ikiroberi cashinzwe n'umugambwe FRODEBU wa Sylvestre Ntibantunganya. Umukuru w'igihugu yari hagati y'imicanwa ibiri itoroshe. Yari umukuru w'igisoda ariko co kikamwagiriza ko akorana n'abaroberi ba CNDD-FDD. Abaroberi nabo bamufata nk'umuhemu abandanya gushigikira igisirikare camwiciye abiwe. Leta ya Prezida Ntibantunganya yari igizwe n'imigambwe itagira ico ihurizako na kimwe. Intwaro yarangwa n'ukunyinyurana gusa. Ku wa 23.7.1996, Prezida Ntibantunganya yagiye i Bugendana mu gikorwa co gushingura abatutsi barenga 600 bari bishwe bunyamaswa n'umuhari CNDD-FDD. Aho ni mu gihe ababuze ababo bafata ko Ntibantunganya akorana na CNDD-FDD yari yabahekuye. Prezida Ntibantunganya yapfuye kwururuka indege i Bugendana, yakirwa n'induru y'ababuze ababo, mbere batangura kumutera amabuye. Yisanze ataco ashoboye, aca yurira kajugujugu, asubira inyuma. Uwo mugoroba nyene yaraye ahungiye mu buserukizi bwa Leta zunze ubumwe z'Amerika i Bujumbura. Ku wa 24.7.1996, umushikiranganji wa mbere, Antoine Nduwayo, yarisabiye ko Leta arongoye yobogozwa kubera itari igishoboye gukingira Abarundi. Ku wa 25.7.1996, intwaro ya Prezida Ntibantunganya yarabogojwe n'abasirikare, asubirirwa na Prezida Buyoya. Inyuma yo gutembagazwa, Prezida Ntibantunganya yaramaze igihe anyegeye muri Ambassade y'abanyamerika, mu nyuma aravayo, arahabwa ivyubahiro vy'uwahoze arongoye igihugu. Yarasubiriye arahunga Uburundi Ku ntwaro ya Prezida Nkurunziza, muri 2015, yagirizwa ko ari mu biyamirije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Yahungiye mu Bubiligi, aho yamaze hafi umwaka n'igice, araheza ahunguka muri kigarama 2016. Ubu Prezida Ntibantunganya aratekanye mu Burundi. Mu matora ya 2020, Ntibantunganya yahisemwo gushigikira Général-Major Evariste Ndayishimiye, mu gihe umugambwe wiwe, FRODEBU, wari watanze Léonce Ngendakumana ngo yitoze mu kibanza c'umukuru w'igihugu. Rimwe na rimwe aboneka nk'uwugereye Prezida Ndayishimiye, ariko akanatanga impanuro mu gihugu. Sylvestre Ntibantunganya yavutse ku wa 08.5.1956, ubu afise imyaka 69. 🔴 Prezida Domitien Ndayizeye Domitien Ndayizeye yabaye umugabo agira uwicenda yarongoye Uburundi kuva bwikukiye. Yabutwaye kuva ku wa 30.4.2003 gushika ku wa 26.8.2005. Umuntu aravye uko Prezida Ndayizeye yatwaye Uburundi n'ingene yarangije neza agashikiriza ubutegetsi ata nkomanzi, yari kwibaza ko ariwe mu batwaye Uburundi batokwigeze bahura n'ivyago inyuma. Ariko siko vyagenze. Inyuma y'umwaka umwe gusa ashikirije ubutegetsi, yarambitswe ibara n'uwamusubiriye, arafatwa arapfungwa. Kw'igenekerezo rya 21.8.2006, Prezida Domitien Ndayizeye yarakuweko ubudahangarwa bw'umukenguzamateka, aca arafatwa arapfungwa. Prezida Ndayizeye yagirijwe ko yari mu mugambi wo gutembagaza no kwica Prezida Nkurunziza. Parquet yamusabiye gupfungwa ubuzima bwose. Amaradiyo yigenga (canecane umuyobozi wa RPA Alexis Sinduhije), amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, abaserukira ibihugu vyabo, barerekanye ko Prezida Ndayizeye yariko ararenganywa mu ntumbero y'ubutegetsi bwa Nkurunziza yo kunumya abatavuga rumwe n'ubutegetsi. Prezida Domitien Ndayizeye yahavuye yezwa, ararekurwa ku wa 15.01.2007. Hari ibindi bihano yagiye arafatirwa, nko kuzibira amabarabara yaja ku nzu yiwe White Stone i Bujumbura, kugira ubutegetsi bwitukane abari bamupangiye. Ariko ubu vyaraheze aratekanye. Prezida Domitien Ndayizeye yavutse ku wa 02.5.1953. Ubu afise imyaka 72. Ni umwe mu bavuga ijambo rihumuriza mu Burundi. 🔴 Prezida Pierre Nkurunziza Uwicumi mu yarongoye Uburundi yabaye Petero Nkurunziza. Prezida Nkurunziza yashikiriye ubutegetsi muri myandagaro 2005 atowe n'inama nshingamateka na nkenguzamateka, aguma arongoye igihugu mu kiringo c'imyaka 15 gushika ku wa 08 ruheshi 2020. Niwe mukuru w'igihugu yatwaye Uburundi igihe kirekire kuva twikukira. Muri ruheshi 2020, Prezida Petero Nkurunziza yari asigaje amezi abiri ngo ashikirize ubutegetsi uwari aherutse gutorwa ngo amusubirire. Imbere yo kuva ku butegetsi, Nkurunziza yari yishiriyeho itegeko ridasanzwe rizomukingira atakiri Umukuru w'igihugu. Yari guhabwa umuliyaridi w'amafaranga avuye mu mabanga, yari kugumana icubahiro kingana n'icicegera c'umukuru w'igihugu, yari kwubakirwa ingoro mu kibanza yihitiyemwo, yari gupangirwa ingoro abamwo n'iyindi akoreramwo, yari kwama arihirwa ivyangombwa vyose vyo kubaho (we n'umuryango wiwe), yokwamye abanza kubazwa ku bibazo vyose bihambaye vy'igihugu (na canecane ibijanye n'ubutare), yari guhabwa ikambi izomucungera, n'ibindi vyinshi. Ku mbure niwe yobaye Umukuru w'igihugu yirinda ivyashikiye abandi batongoye Uburundi. Kw'igenekerezo rya 06.6.2020, mu gihe yariko arorera ihiganwa ry'umupira ku kibuga ciwe cari ahavuka muri komine Mwumba mu ntara ya Ngozi, Prezida Nkurunziza yumvise imisonga myinshi mu nda, maze ataha ihiganwa ridaheze. Iryo joro yaraye arajanwa mu bitaro "Natwe Turashoboye" vy'i Karusi. Ico gihe yari ameze nabi cane. Bukeye, ku wa 07.6.2020, Prezida Nkurunziza yaratoye mitende, araterefona abatari bake, mbere aravugana n'abo yari guha imibonano ku wa 09.6.2020. Ariko mu bucagucagu bwo ku wa 08.6.2020, vyarayangaye. Mu gatondo, Prezida Nkurunziza yumvise ashaka kwihagarika, yikurako "respirateur" yamufasha guhema. Ageze mu kazu ka surwumwe, yikubita hasi, aba aracikanye. Mu nyuma ivyageragejwe vyose ngo bamugarure ntivyakunze. Ku wa 09.6.2020, ku muhingamo, Leta y'Uburundi yatangaje ko umutima wa Prezida Nkurunziza wahagaze giturumbuka. Kuva Nkurunziza apfuye, havugwa vyinshi ku vyamwishe. Hari abaganga bavuga ko yishwe n'umugera wa koronavirisi. Hari abandi benshi bemeza ko yishwe n'ishano. Muri abo harimwo uwahoze amwegereye cane, Général Alain Guillaume Bunyoni amaze imyaka ibiri apfunzwe. Mu vyatumye apfungwa harimwo amatohoza yariko arakora ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza. Umumenyeshamakuru Bob Rugurika we aremeza ko Nkurunziza yicishijwe na Prezida Ndayishimiye. Umuntu aravye ivyavuzwe mu nyuma, urupfu rwa Prezida Nkurunziza rurashusha n'urwa Prezida MIcombero. Prezida Pierre Nkurunziza yavutse ku wa 18 kigarama 1964 i Buye mu ntara ya Ngozi, yasandavye ku myaka 55 n'inusu. Yashinguranywe iteka ku murwa mukuru w'intara ya Gitega. 🔴 Prezida Evariste Ndayishimiye Evariste Ndayishimiye niwe aramutswa igihugu muri kino gihe. Yoba we azosimba ivyago biherekeza abatwaye Uburundi ? Tubihe kazoza. 🔴 Gusozera Gutwara Uburundi kenshi birangira nabi cane. 6 kuri 11 mu barongoye Uburundi bavuye ku butegetsi batembagajwe n'abasirikare (Mwambutsa IV, Ntare V, Michel Micombero, Jean-Baptiste Bagaza, Melchior Ndadaye na Sylvestre Ntibantunganya). 3 kuri 11 (Umwami Ntare V Charles Ndizeye, Prezida Melchior Ndadaye na Prezida Ntaryamira) barishwe nabi cane. Umwe yagandaguwe umusi atembagazwa, uwundi yishwe inyuma yo gutembagazwa, uwundi yarasiwe mu ndege. 2 kuri 11 barakekwa ko boba barahawe isumu (Prezida Micombero na Prezida Nkurunziza), mu gihe bose havuzwe ko umutima wahagaze giturumbuka. 6/11 barabaye impunzi inyuma yo kurongora Uburundi (Mwambutsa IV, Ntare V, Michel Micombero, Jean-Baptiste Bagaza, Pierre Buyoya na Sylvestre Ntibantunganya). 5/11 barapfunzwe inyuma y'ubutegetsi (Ntare V Charles Ndizeye, Michel MIcombero, Melchior Ndadaye, Jean-Baptiste Bagaza, Domitien Ndayizeye). 2/11 barahambwe hanze y'Uburundi (Mwambutsa IV, Pierre Buyoya), naho umwe yahavuye atahanwa inyuma y'imyaka ine. 1/11 yaraciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwose, inyuma y'ubutegetsi (Prezida Buyoya). Abatwara Uburundi n'abazobutwara, muze muraca bugufi, kazoza kanyu kaba katoroshe. --------------------- 🔴 Musomyi, hari gishasha wungutse muri kahise k'Uburundi ?
👍 🙏 👌 😢 ❤️ 15

Comments