FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 9, 2025 at 08:15 AM
https://www.facebook.com/share/p/1AqiQG5wjC/ 🔴 #akabazo k'umunyagihugu kuri Prosper Ntahorwamiye atwara CENI. Hari umunyagihugu yadusavye ko tumubariza kano kabazo : "Jewe ndi Umurundi aba muri Kenya. Abarundi baratoye ku wakane (05.6.2025). Ariko twumva ngo hazoca indwi yose kugira tumenye ivyavuye mu matora. Uburundi ni agahugu gato cane. Ahantu hose telefone zirakora ku buryo ibiro vyose bigiheza guharura amajwi bica birungika ivyavuye mu matora. Mw'ijoro rimwe gusa, ibiharuro vy'igihugu cose vyoba vyabonetse. Mbere na twebwe twatoreye mu mahanga ndazi ko ibiharuro vyamaze gushika mu gihugu. Bigenda gute ngo ku musi ugira gatanu abe ata biharuro vy'amatora biriho ? Mu gihe c'ubu, mu bihugu bikora ku mugaragaro, umusi w'amatora, iryo joro barakora ico bita veillée électorale. Kira bureau iheza guharura amajwi ikaca irungika, ugasanga Igihugu cose kiriko kirabikurikira kuri Televiziyo. Abamenyeshamakuru nabo baguma batanga ibiharuro uko babironka. Iwacu guharura amajwi umengo ni ukudandaza urumogi. Ibanga rimwe vy'akataraboneka. None si amajwi y'Abarundi ? Nk'ubu iyi misi yose amajwi ari hehe ? Acunzwe na nde ? Abitoje bakurikirana gute amajwi baronse iyo ageze mu kiringo c'indwi yose ? Abarundi bazomenya gute ko ivyo batoye arivyo muzosoma ? Ubwo ntimuriko muratora ivyanyu ? Ubwo ntimuriko murahinyanyura ?" Utu tubazo tw'uyu munyagihugu turatomoye. Kumbure abo vyerekeye bazomwishura. ----------------------- 🔴 Uno musi turatangura kubasangiza intahe za bamwe mu bahagarikiye amatora (membres des bureaux de vote + mandataires). Abipfuza kuduha intahe mubandanye kuzirungika.
👍 😂 💪 🥲 7

Comments