FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 9, 2025 at 02:20 PM
https://www.facebook.com/share/14pQ7gLskW/ 🔴 #amatora Intahe y'umunywanyi wa CNDD-FDD yabaye mu gikorwa co guharura amajwi mu gisagara ca Bujumbura. Mw'ijoro ryo ku wagatatu rishira ku wakane (4-5.6.2025), twarabasangije intahe y'indongozi ya CNDD-FDD yavuga ingene ubusuma bw'amatora bwari buteguwe guhera muri iryo joro gushika bahejeje guharura amajwi. Ivyo yavuze vyose niko vyagenze. Ubu naho yadusangije intahe yiwe, ukugene yabaye mu bikorwa vyo kwiba amatora. Ndabibutse ko wenyene yari yemeza ko 70% y'abagumyabanga, harimwo n'abategetsi, bari biteguye gutora iyindi migambwe, aruko ko hari hakozwe integuro ituma bidashoboka. Hano abanza kutwibutsa bikuru bikuru yari yatuburiye, hanyuma aduhe ivyo yabayemwo. Intahe yiwe twayikuyemwo ivyo tubona ko bigiye ahabona vyoca bimufatisha. 🔴 Twibukanye uko integuro y'ubusuma yari imeze. "Ndabaramukije. Jewe narababwiye ko ndi umunywanyi wa CNDD-FDD, kandi ko ndi mu bajejwe gukurikirana ivy'amatora. Ku wagatatu ku mugoroba narabasangiije uko ubusuma bw'amatora bwari buteguwe. Ndibaza ko ivyo nababuriye vyose mwavyiboneye. Munkundire ndabibutse ibikuru bikuru : 1. Abagize ibiro vy'itora bategerezwa kuba aba CNDD-FDD kugira ubusuma bworohe. Iki ndibaza ko abagiye gutora ko biboneye ko henshi Imbonerakure arizo zari zihagarariye amatora. 2. Abagize ibiro vy'itora (BV) n'aba mandataires ba CNDD-FDD batanguye gutora isaha icenda z'ijoro, baruzuza ibikenewe, barunda amakarata y'itora mu masandugu y'itora. Ndibaza ko henshi abagiye gutora biboneye ko amasandugu yasa n'ayuzuye bagitangura gutora. 3. Carazira kwerekana ko amasandugu yera imbere y'uko amatora atangura. Ndibaza ko ata hanu nahamwe abanyagihugu beretswe ko amasandugu yera (ata kirimwo) imbere yo gutangura gutora. 4. Aba CNDD-FDD bararikiwe kuza gutora hakiri kare cane, kugira Abo mu yindi migambwe bashike basanga amasandugu yuzuye, badashobora kumenya ivyabaye. Ndibaza ko henshi mu gihugu, isaha icumi na zibiri z'igitondo zageze bamaze gutangura gutora. Na Reveriyano Ndikuriyo yaravyivugiye ko abanywanyi bashitse aho batorera isaha icenda z'ijoro. 5. Kugura aba mandataires b'imigambwe kugira bemere gusinya ivyegeranyo no guharura amajwi bitaratangura. Ndibaza ko vyabaye. 6. Guharura amajwi bikorwa n'abantu bateguwe neza n'umugambwe ku buryo n'majwi y'abandi bakandida asomwa ko ari CNDD-FDD, kubuza abandi ba mandataires gusuzuma ko ibisomwe ari vyo vyanditswe. Ndibaza ko henshi cane aba mandataires bavyiboneye. 7. Gutora ku mugaragaro, gutorera abanyagihugu, kubera n'aba CNDD-FDD batacizewe n'ubutegetsi. Ndibaza ko henshi abagiye gutora bavyiboneye. 8. Gukoresha igisirikare n'igipolisi mu kubuza abadakenewe kwegera amabiro y'itora hataragera no kuzivya uwogorana abaza ibibazo vyinshi mu kumwagiriza ko ariko atoba amatora. Sinkekeranya ko n'ivyo abanyagihugu babibonye." Uwokenera ubutumwa uyu mugumyabanga yaduhaye ku wagatatu ku mugoroba, yobusanga ngaho : https://www.facebook.com/100044589066824/posts/1261086518720972/ 🔴 Intahe yo ku musi w'amatora "Ubu naho ndipfuza kubasangiza ivyo jewe nyene niboneye n'amaso yanje. Jewe sinaraye kuri bureau de vote. Ariko natonze hakiri kare. Nakoreye canecane (....), ariko kandi narashoboye kugendera n'izindi bureaux de vote. Nashitse kuri bureau de vote imbere y'isaha icumi n'imwe z'igitondo (5h). Amasandugu yaza ari mu kwuzura. Twebwe umu mandataire wa UPRONA yashitse inyuma y'isaha icumi na zibiri z'igitondo (6h), twqramwankiye kwinjira twitwaje ko yari yacerewe. Yaragerageje incuro zitatu zose kwinjira, hamwe aravuga ko yavuganye n'abakuru, twaciye dukoresha abapolisi, turamwumvisha ko abandanije aca afatwa. Twari dufise umu observateur wa Ekleziya Katolika, we yaje atevye rwose, nta kinini yabonye, ariko mu mpera yaradufashije kwiba. Ngishika naratoye. Naho ndi umugumyabanga azwi cane, bampaye ikirata bamaze kuvivura n'ikaramu. Urumva ko bantoreye, bakampa nkanzinga gusa, nkajana mw'isandugu. Nta rangi bigeze banshirako ku rutoke. Hariho umuntu wo mu wundi mugambwe nari nemereye ko nzomuha ijwi, nagumye numva ndamufitiye ideni naho bari bantoreye. Haciye amasaha, narasubiriye ndatora, naho nyene bampaye ico bamaze kuvivura. Mu nyuma naratoye irya gatatu, ho barandetse, bampaye amakarata atanu, ndaja kwiherera. Aho niho nashoboye gutanga ijwi kuri wa muntu naryemerera. Uko natoye kenshi niko vyagiye biragenda no ku bandi bose twari kumwe. Abagize bureau de vote bose bari aba CNDD-FDD. CNDD-FDD burya yari ifise kandi aba mandataires babiri babiri muri bureau de vote yose, abo bahembwa 30.000 Fbu. Reveriyano Ndikuriyo we nyene yaravuze ko CNDD-FDD yari ifise aba mandataires 14.000 mu gihugu cose. Ariko kuri abo babiri hariyongerako izindi mbonerakure nka 20 wasanga zitegera abantu, zibabwira uko batora, bamwe zikanabaherekeza mu kazu k'itora. Hari ikindi gikomeye cabereye aho nari. Abakandida ba CNDD-FDD mu bajenama ba komine wasanga ariho bari mu bakurikirana amatora. Canecane wasanga ari barya bita aba suppléants. Kubera bataba bazwi cane, barabashizemwo mu bakurikirana amatora. Nk'abo murumva ko batoreka gufasha kwiba. Baca bahinduka ababuranyi n'abacamanza ! Kubera twebwe twari mu gace karwiriyemwo abakuru, iyo haje umuntu w'incabwenge, uyo ntaco twavuga co kumubwira aho atora. Ariko haje umuntu asanzwe twamuha ikarata ivivuye. Hariho abo twasanze baramenye kuduhana, bakaca bavivura ahagira kabiri kugira ikarata ibe impfagusa." 🔴 Guharura amajwi "Isaha icenda twaciye twugara. Abacerewe ntitwabemereye gutora. Tumaze kwugara, twebwe nyene twabanje gusubira gutora. Turuzuza ivyo dushoboye vyose. Icadutangaje, na wa mu observateur wa Ekleziya Katolika yarasavye amakarata, nawe nyene aruzuza arashiramwo. Gusa ntituzi we ico yatoye. Guharura, twebwe ntivyari bigoye kubera atawari atuvanze. Hari uwusoma, hakaba uwusuzuma ibisomwe, n'uwundi yaza arandika ku rubaho. Amajwi menshi cane ya UPRONA n'aya Mkombozi twasoma CNDD-FDD. Muri iyo bureau CNL na Coalition Burundi bwa Bose zaronse amajwi make cane. Ayo twivye ni aya UPRONA na Mkombozi. Tumaze guheza guharura, twaragize ibibazo bibiri : 1. Amajwi twaharuye yari menshi cane, yari arenze abiyandikishije be n'abo twari turekuriwe kurenzako. Aho rero twumvikanye kugabanya amajwi y'impfagusa n'abatoye ubusa. 2. Twasanze CNDD-FDD twayihaye hafi 92% mu gihe twari dufise itegeko ryo kuyiha 99%. Ico caratugoye rwose. Twarasubiyemwo, turayidugiriza, ariko vyaranse ko dushikira 99%. Aho rero twabiretse gutyo, tuti muri CECI bazomenya uko babihinyanyura. Hariho abo vyagoye cane kuturusha, nko mu Nyakabiga. Twararungitse ababafasha guhinyanyura kugira baduze amajwi ya CNDD-FDD. Bagerageje ariko ntibashoboye nabone kuduza cane." 🔴 Inkurikizi zirashobora kuba zibi cane ! "Nabonye mubaza impamvu amajwi ateba gushirwa ahabona. Burya inyuma yo guharura ku ma bureaux de vote, haraba ikindi gikorwa gikomeye ku ma CECI. Abo nibo bahinyanyura neza Ku buryo bashikira intumbero umugambwe uba wabahaye. Narumvise Reveriyano Ndikuriyo avuga ngo abazoja kuvuga ko bibwe bazogende bajanye ivyegeranyo biatakorewe mu Buyenzi. Ngo uwuzozana ivyo mu Buyenzi bazomifata bamupfunge. Burya umuntu arashobora kuba afise icegeranyo ciza bita F2 ariko muri CECI ugasanga carahinduwe. Wewe uzanye icavuye muri bureau de vote, ugasanga carahinduwe, uzoca wagirizwa ko wagikoresheje mu Buyenzi. Burya mu mugambwe nibo bazotegeka bati UPRONA ironka abashingamateka bangana gutya, canke uwundi mugambwe turawuha aba. Aho rero kugira bikunde bizosaba ko hari ibiharuro bagaruka guhinyanyura. Hari amakuru dufise ateye ubwoba. Naho Ndayishimiye yoba aryohewe ngo bamuhaye intsinzi, aya amatora arimwo umutego atazi. Niyaraba nabi azogira ingorane atiteze (.....). " 🔴 Uyu muntu hariho amakuru ateye ubwoba yaduhaye. Ntidushimye kuyashira ahabona. Ivyo yavuze nivyashika, tuzobabwira ko yari yabitubwiye. ----------------------------- Insiguro y'amajambo agoye : 1. KUVIVURA : ni ugushira akamenyetso ko kwemeza (bita "vu" mu gifaransa) imbere n'umukandida utoye. 2. Bureau de vote : ibiro vy'itora 3. Mandataire : ni inderetsi irungikwa n'umugambwe canke umu candidat kuraba uko amatora agenda 4. Observateur : ni inderetsi y'amatora irungikwa na société civile. 5. Suppléant : ku ntonde n'abakandida usangako incuro zibiri z'abakenewe gutorwa. Nko muri komine hoba hakenewe abajenama 20, ku rutonde rw'abitoza usangako abantu 40. Abo 20 barengako nibo bita aba suppléants.
😢 3

Comments