
FOCODE Magazine
June 9, 2025 at 07:21 PM
https://www.facebook.com/share/p/1CuLeSJUcP/
#iconabonye (ico nabwiwe)
🔴 Prezida Nkurunziza yishwe n'iki ? Imyaka itanu iraheze Abarundi bakeneye kumenya ukuri.
Kw'igenekerezo rya 09.6.2020, hafi isaha icumi z'umuhingamo, umunyamabanga mukuru wa Leta akaba n'umuvugizi wa Leta y'Uburundi, Prosper Ntahorwamiye, yasomye itangazo rimenyesha Abarundi ko Prezida Pierre Nkurunziza yari yaraye apfuye mu bitaro "Hôpital du Cinquantenaire - Natwe Turashoboye" vy'i Karusi. Ku kijanye n'icishe Umukuru w'igihugu, Prosper Ntahorwamiye yavuze ko Prezida Nkurunziza yari yinjiye ibitaro ku musi wagatandatu, igenekerezo rya 06.6.2020; yavuze ko bukeye amagara y'umukuru w'igihugu yari yifashe neza aranaganiriza abantu ; hanyuma ku wambere umutima uca urahagarara giturumbuka ; yaravuze ko abaganga bagerageje ubuhinga bwose ngo umutima usubire gutera, biranka.
Itangazo rya Leta ryagumije ibibazo vyinshi mu barundi. Prezida Nkurunziza yari agwaye iki ? Abantu bose mu gupfa umutima urahagarara, none uwa Prezida Nkurunziza wahagaritswe n'iki ? Prezida Nkurunziza yari akiri muto (imyaka 55), yari umugabo akomeye akora siporo nyinshi, uru rupfu giturumbuka rwaje gute ?
Mu mwanya muto, mu butegetsi, harakwiragijwe igihuha ko Prezida Nkurunziza yahawe ishano na bamwe mu batutsi bari bamwegereye cane (chef-adjoint du protocole d'Etat, chef de l'intendance du Président). Ivyo bihuha vyahagaze kubera Umupfasoni w'umukuru w'igihugu ubwiwe yasavye ko boreka kwambika ibara abizigirwa ba Prezida Nkurunziza. Yavuze ko abo bariko barabesherwa aribo nyabuna bamuryamyeko mu bihe bikomeye.
Uru rupfu rwashitse umupfasoni w'umukuru w'igihugu, Deniza Nkurunziza, ari kwivuza muri Kenya. Ibinyamakuru vya Kenya vyamenyesheje ko Deniza Nkurunziza n'abagiye bamuherekeje babasanze bafise koronavirusi (COVID-19). Ivyo vyatumye benshi bibaza ko na Prezida Nkurunziza yoba yishwe na koronavirusi. Ico gihe Leta y'Uburundi yavuga ko ikirere c'Uburundi gikingiwe, umuvugizi wa Nkurunziza yavuga ko Imana bashize imbere yakingikiye Uburundi koronavirusi.
Prezida Nkurunziza yapfuye inyuma y'imisi 19 hatowe umusubirizi wiwe : Evariste Ndayishimiye yari asigaje amezi abiri ngo yimikwe. Imbere gato y'amatora, Prezida Nkurunziza yari yatoje itegeko ridasanzwe rimwita "Guide Suprême du Patriotisme" (Imboneza yamaho). Iryo tegeko ryamuha icubahiro kidasanzwe n'ubushobozi butabaho mw'ibwirizwa shingiro : hariho ibibazo bihambaye vy'igihugu yogumye abazwa imbere y'uko bifatwamwo ingingo, muri ivyo harimwo ibijanye no gucukura ubutare. Prezida Nkurunziza yari yategetse Evariste Ndayishimiye abantu ategerezwa kugena mu mabanga ahambaye. Ubutegetsi bwa Prezida Ndayishimiye bwaboneka ko buzoba buboshwe kandi bucunzwe cane na Nkurunziza.
None Prezida Nkurunziza yishwe n'iki ? Uburozi canke koronavirusi ? Ni nde yungukiye mu rupfu rwiwe ? Hano ndabasangiza intahe nahawe n'abantu batandukanye. Kubera imvo z'umutekano, hariho abo ntaza kuvuga amazina.
(Iyi nkuru si nshasha, yakozwe muri ruheshi 2024).
🔴 Intahe y'umugenzi wa Prezida : "Nkurunziza yaransezeye" !
Umwe mu banyapolitike bakomeye bari begereye cane Umukuru w'Igihugu yambwiye ati :
"Ku musi wambere, igenekerezo rya 01.6.2020, Prezida Nkurunziza yarantumyeko (...). Naramwitavye, mu biro vyiwe. Nshitse, hariho icantangaje, ntiyanguye mu nda nkuko yahora abikora. No mu kwicara yagiye kure yanje bukebuke, sinamukozeko. Yambwiye amajambo atangaje cane. Yambwiye ko ampamagaye kugira anshimire ivyo namufashije. Yaranyibukije ibihe vyinshi twaciyemwo, hanyuma mu kunsezera, yambwiye ko tutazosubira kubonana. Ico kintu nagumye ndaciyumvirako igihe kinini. Mu bisanzwe, Prezida Nkurunziza yari agisigaje amezi hafi atatu yo kurongora igihugu, sinumva impamvu yari kunshimira ataraheza gutwara. Ivyo kunsezera vyo nari nibajije ko tutazosubira kubonana akiri Umukuru w'igihugu. Uko yabivuze niko vyagenze, ntitwigeze dusubira kubonana, mu ndwi imwe gusa yari apfuye. Iyo ndavyiyumviriyeko, mbona umengo yaramenye ko yimirije gupfa."
🔴 Umuganga w'i Karusi : "ibipimo vyarerekana ko afise koronavirusi ku rugero runini, ariko twarabonye n'ikindi kintu tutatahuye icarico".
Naraganiriye n'abaganga bafise ico bazi ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza. Umwe ni umugenzi w'uwahamagawe gutabara Nkurunziza ahejeje gucikana. Uyu muganga twaganiriye nawe yaragwaye koronavirusi mu gihugu ca kure. Yagize ati :
"Jewe ndemeza ko Nkurunziza yishwe na koronavirusi. Jewe naragwariye koronavirusi mu gihugu ca kure ariko gifise uburyo bukwiye. Umaze kuremba wagira ikibazo co guhema, bakakwambika ico uhemeramwo bita respirateur. Carazira kwambura respirateur. Iyo banyambitse yari ifise umugozi muremure ku buryo nava ku gitanda nkaja kwihagarika, nkaja kwoga ata nkomanzi. Umaze kwambara respirateur waca wumva umerewe neza mu mubiri ukamengo wakize, ugatangura kwandikira abantu kuri telefone. Ndavye uko bavuga ivya Nkurunziza vyagenze, numva bihuye cane n'ivyabaye ku bari bagwaye koronavirusi.
Nkurunziza nawe yarambaye ikimufasha guhema, ni nayo mpamvu ku musi w'Imana (07.6.2020) yari yumva ameze neza, akanavugisha abantu. Ariko, nkuko navyumvise, ico bamwambitse cari gifise akagozi kagufi cane, ntiyashobora kwiyunguruza acambaye. Aho ku wambere mu gatondo, Prezida Nkurunziza yarakeneye kuja kwihagarika bisanzwe, aca arambura kimwe kimufasha guhema, agenda mu cumba carimwo toilette. Abamucunga bari hanze, imbere y'icumba agwariyemwo, bagiye bumva urwamo ngo : giiii ! Umukuru w'Igihugu yari aguye hasi. Uko bimeze, wiyambuye kirya cuma kigufasha guhema, mu minota idashika n'itatu oxygène iraguheramwo yose, iheze uca ucikana ubwo nyene. Niyo mpamvu yaguye bwarumye. Abamucunga barashoboye kwinjira barashika aho yaguye, yari yamaze gucikana. Ministre Thaddée Ndikumana niwe yategetse ngo bakore ivyo kumufasha gusubira guhema, ariko kari kabaye. Niho batumako vyihuse umuganga w'umuhinga i Bujumbura, banamuha indege ya kajugujugu imujana i Karusi. Ashitse, abonye uko Nkurunziza ameze n'ivyo bariko barakora vyo kumufasha gusubira guhema, yarumiwe ! Niko kubwira Thaddée Ndikumana ati : Mushikaranganji, ko wewe uri muganga, ntubona ko umuntu yacikanye kera ? Mushaka mumuvunagure imbavu ngo muriko muramufasha ? Aho hari haheze amasaha arenga atatu Nkurunziza yacikanye. Jewe ndemeza ko yishwe na koronavirusi, ibindi sivyo."
Uwundi twaganiriye ni umwe mu bahinga bakora muvyo gupima ingwara (laboratoire) ku bitaro vy'i Karusi. Yagize ati :
"Twebwe baraduhishije umurwayi uwariwe. Ico bikoze twarabona ko ari umuntu ahambaye cane kuko bari bamuhebeye igice kinini c'ibitaro, twarabona abajejwe umutekano benshi, vyari ibintu bidasanzwe. Ariko kubera ari ibitaro vyari bisanzwe bivura abakuru, ntitwashoboye kumenya ko ari Nkurunziza. Baratuzaniye ibipimo vy'uwo murwayi ngo tubisuzume. Vy'ukuri koronavirusi yaraboneka ko ari nyinshi. Ariko rero turiko turapima twarabonye ko amaraso yiwe arimwo ikindi kintu tutazi. Kugeza ubu ntitwigeze tumenya ico kintu kindi cari muri ayo maraso. Ikindi cadutangaje nuko mu nyuma batubwiye ko ikiziga ciwe cononekaye mu kanya gato, ariko vyo ntaco ndabiziko kuko sinakibonye jewe."
🔴 "Nkurunziza yapfuye !"
Inkuru ivuga urupfu rwa Prezida Nkurunziza nayironse isaha umunani aho ku wambere igenekerezo rya 08.6.2020. Niyo nkuru natinye kwandika kuri runo rubuga.
Uwayimpaye yari uwukorana na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Uwo musi nyene, ku mugoroba, nahawe ubutumwa n'umwe mu bacungera Umukuru w'igihugu, nawe nyene yambwiye ko bo bamaze no kuva i Karusi kubera Umukuru w'igihugu yari yapfuye. Umwe mu ba jenerali bahoze bagwana muri CNDD-FDD yampaye ubutumwa bukeye mu gatondo ka kare ati : "n'ikiziga ciwe caraye muri morgue, Nkurunziza ntakiri muzima".
Izo nkuru zari zitangaje kubera ubutegetsi bwo bwaguma buhakana. Ku mbuga ngurukanabumenyi cari igipfungu.
Bukeye, ku wa 09.6.2020, umuyobozi wa RPA, Bob Rugurika, yaravyubahutse kuvyandika, ariko abavugira Umukuru w'igihugu bakamera nk'abamubeshuza. Hafi isaha icumi z'umuhingamo niho Prosper Ntahorwamiye yahava atangaza urupfu rwa Prezida Nkurunziza. Ni ukuvuga ko haciye amasaha ashika 30 Leta itarabwira Abarundi ko ata mukuru w'igihugu bafise.
🔴 Intahe y'umwe mu nzego zijejwe umutekano
"Urupfu rwa Prezida Nkurunziza rurafise ibinyegezwa bikomeye. Hariho abari bajejwe umutekano wiwe, cazira ko habura n'umwe muri bo aba ari hafi yiwe mu gihe Umukuru w'igihugu yaba ari mu Burundi. Abo ni nka Colonel Ndundi yari ajejwe bataillon ya mbere yakingira Umukuru w'igihugu, hari na Major Noël Banyiyezako yari ajejwe iperereza ku kirimba c'umukuru w'igihugu. Icantangaje ni ingene urya wagatandatu 06.6.2020, Prezida Nkurunziza yari i Ngozi bose bakaba bari i Bujumbura. Hari inyifato bagize zitangaje uwo musi. Sinipfuza ko uzobivuga ubu vuba, ariko ni vyiza ko ubimenya. Nimba hazobaho amatohoza ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza, abazoyakora ntibaze bareke gutohoza inyifato z'abari bajejwe kumucungera, uko bigenjeje hagati y'amagenekerezo ya 6 na 8 ruheshi 2020. Vyaraboneka ko bari bamuhevye, kandi ko hari ikintu bari bazi kiza kuba."
Kubw'imvo z'umutekano w'abatanze inkuru, hari ivyo ntashimye kwandika hano. Hazobaho igihe ciza co kubivuga.
🔴 Général Niyombare : "twebwe twari twipfurije Nkurunziza ko ava ku butegetsi akaruhuka afise icubahiro, abandi bo bamwihishijeko bamutegurira urupfu !"
Aya majambo nayaganiriwe na nyeneyo. Général Godefroid Niyombare aremeza ko yafata Prezida Nkurunziza nk'umuvukanyi wiwe kandi ko yari yaramuhanuye nk'umuvukanyi nyene, aramwereka ko ikiringo ca gatatu kizokwegera igihugu, kikanakwegera Prezida Nkurunziza. Général Niyombare yibutsa ko, bakiva mw'ishamba, yabaye muhira kwa Nkurunziza, kandi ko bari bakundana cane. Avuga ko urwo rukundo arirwo rwamutumye kuvugisha ukuri naho yari azi inkurikizi zavyo. Aho ahanuriye Nkurunziza, Général Niyombare yaciye akurwa mu mabanga mu misi ibiri gusa.
Kuba yagiye imbere mu gutembagaza Prezida Nkurunziza ku wa 13.5.2015, Général Niyombare avuga ko yabikoze nk'uburyo bwa nyuma yari asigaranye bwo gukingira Uburundi, gukingira Abarundi bariko baricwa, no gukingira umuvukanyi wiwe Petero Nkurunziza. Yagize ati : "twari twipfuza ko avaho, ko habaho amatora meza, hanyuma Nkurunziza akaruhukana iteka nk'uwahoze arongoye Uburundi. Ivyakurikiye mwarabibonye. Abandi bo bahisemwo kwiyorobeka, biyegereza Nkurunziza ngo baramukunda, baca bamutegurira urupfu. Ni nde yohenda abarundi ? None barya ba généraux bose sibo bari bamwandikiye rya kete ry'umucanwa muri munyonyo 2014 ? Barya bose ntabwo bari bashigikiye ko abandanya ikiringo ca gatatu, ariko bahisemwo kwiyorobeka !"
Igihe Prezida Ndayishimiye yarungika intumwa z'abasirikare kuraba Général Niyombare mu Rwanda muri 2023, amakuru dufise yemeza ko icambere Général Niyombare yabwiye intumwa z'aba jenerali bagiye kumuraba kwabaye kubibutsa ko bari basangiye abansi batatu, ati : "ndabona mwarakoze ivyatunaniye, babiri mwabashize mu kuzimu, umwe nawe mwamushize mu buroko" !
Aya majambo ya Général Niyombare asa n'ayo Gaston Sindimwo (yari icegera ca mbere ca Prezida Nkurunziza) yatangaje mu kiganiro yahaye Umukubito TV muri 2024. Gaston Sindimwo yemeza ko ikibazo ca 2015 cari hagati ya Prezida Nkurunziza n'akarwi k'aba CNDD-FDD bari buzuye inyota yo gukura Nkurunziza, Adolphe Nshimirimana na Alain Guillaume Bunyoni. Gaston Sindimwo nawe nyene yibukije iryo kete ry'aba généraux ba CNDD-FDD ryo muri munyonyo 2014. Ariko Sindimwo ntavuga icishe Prezida Nkurunziza, we avuga ko Nkurunziza yamuherutse akomeye hanyuma akubitwa n'inkuba yumvise ko yapfuye.
🔴 Bob Rugurika : "Nkurunziza yishwe n'isumu yahawe n'abamwegereye" !
Iyi si inkuru y'ibanga kuko umuyobozi wa RPA yabivuze ku mugaragaro muri munyonyo 2023. Bob Rugurika yaremeje ko Prezida Nkurunziza yishwe n'isumu, yaravuze ko afise ivyemezo bikwiye, aranavuga ko iryo sumu ryazananye muri Tanzania.
Bob Rugurika ntiyahengeshanije kuvuga ko ibanga ry'urupfu rwa Prezida Nkurunziza ariryo rivugwa mu mwiherero w'urubunza rwa Général Bunyoni iyo hageze kuburanisha Général Alain Guillaume Bunyoni ku caha co kugerageza kugandagura Prezida Ndayishimiye hakoreshejwe amangetengete. Kugeza ubu nta rwego na rumwe rw'Uburundi rurabeshuza Bob Rugurika.
🔴 Intahe y'umupfumu Emmanuel Ntikazohera
Hari ibanga rikomeye ryabaye mu rubanza rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, na canecane mu gihe cose yaburanywa mu mwiherero. Général Bunyoni yaba ariko yagirizwa ko yarondeye umupfumu wo mu Ruyigi yomwicira Prezida Ndayishimiye. Uyu mupfumu ntiyigeze atumwako mu butungane, mu gihe we aniyemerera ibijanye n'urupfu rwa Nkurunziza. Muti bimeze gute ?
Narivuganiye n'uwufise ibanga ry'uyu mupfumu kandi ndamaze kuvyandika kenshi. Sinkekeranya ko bimwe muvyo mfise na Sentare itabihawe. Bunyoni yagirizwa ko yahaye impera umupfumu Emmanuel Ntikazohera batazira MUHUZI kugira yice Prezida Ndayishimiye akoresheje uburozi. Ariko Sentare ntiyemera gushira ahabona ukugene umupfumu wo muri komine Butanganzwa mu Ruyigi yari gushikira Prezida Ndayishimiye. Mbega yoba ari umupfumu asanzwe akorana na Ndayishimiye ku buryo bimworohera kumushikira ? Sentare ntiyigeze yemera gushira ahabona imigenderanire yoba iriho hagati ya Emmanuel Ntikazohera na Prezida Ndayishimiye.
Sentare ntiyigeze yemera no gushira ahabona impamvu Général Bunyoni yemeye ko Emmanuel Ntikazohera afise ubushobozi bwo gushikira Prezida Ndayishimiye.
Amakuru dufise yemeza ko Emmanuel Ntikazohera yiyemerera ko afise uruhara mu rupfu rwa Prezida Nkurunziza hakoreshejwe uburozi. Nawe nyene yemeza ko ubwo burozi (yoba yarakoresheje) bwavuye muri Tanzania.
Twibaze ko Umupfumu Emmanuel Ntikazohera yoba yaribesheye kugira hafatwe Bunyoni ? Ntaco ndabiziko. Yamara nguma nibaza impamvu Sentare itigeze irengutsa uyu mupfumu. Ndibaza impamvu umuntu yiyemerera ko yari kwica Prezida Ndayishimiye, akanemera ko afise uruhara mu rupfu rwa Prezida Nkurunziza, we nyene adakurikiranwa ? Ni nde akingiye umuntu yiyemerera ivyaha bikomeye gutyo kwose ?
🔴 Ni nde yungukiye mu rupfu rwa Prezida Nkurunziza ?
Iki nico kibazo cama kibazwa mu matohoza y'ivyaha bikomeye ? Nimba Nkurunziza yarishwe ni nde yashobora kubironkamwo inyungu ?
Hariho imirwi myinshi yari yanka Prezida Nkurunziza, haba mubo bahoze bagendana muri CNDD-FDD, haba no mu bamugwanya. Abo bose bari gushobora kwipfuza ko Nkurunziza apfa. Ariko yapfuye ubutegetsi bwiwe busa n'ubuheze, yapfuye hamaze gutorwa umusubirizi wiwe. Muri ico gihe, abatavuga rumwe na Nkurunziza ntacari gutuma aribo barondera ko apfa.
Uyu musubirizi wa Nkurunziza ntiyari agiye kworohewe na gatoya. Prezida Nkurunziza yasa n'uwugiye atagiye. Nk'imboneza yamaho, Prezida Nkurunziza yari afise ububasha ata wundi mu bahoze batwara Uburundi yigeze agira. Itegeko rigenga Imboneza Yamaho ryavuga ko, mu kwezi kw'indwi, azohora ashikiriza ijambo Abarundi bose, inyuma y'irivugwa n'umukuru w'igihugu ku musi duhimbaza ukwikukira. Kwumva hari umuntu aha ijambo Abarundi bose mu gihe nk'ico, biboneka ko yasa n'uwuri hejuru y'umukuru w'igihugu. Itegeko ryavuga ko hari ibisata bihambaye Imboneza Yamaho yotegerejwe kubazwa imbere y'uko bufatwamwo ingingo Prezida Nkurunziza yogumye abazwa imbere yuko bifatwamwo ingingo, aho ni nko mu gisata co gucukura ubutare. Aha twibuke ko mu ngingo za mbere Prezida Ndayishimiye yashitse afata habayemwo gufuta amasezerano yose yo gucukura ubutare Prezida Nkurunziza yari yarasinye. Nk'iyi ni ingingo itari gushoboka Imboneza yamaho ikiriho.
Prezida Nkurunziza yari yagiye aboshe Prezida Ndayishimiye mu kumutegeka abo azogena mu mabanga ahambaye y'igihugu. Nkurunziza yaramubwiye abashikiranganji adashobora gukura : Domitien Ndihokubwayo, Deo-Guide Rurema, Thaddée Ndikumana, Aimée Laurentine Kanyana. Yaramubwiye ko ategerezwa kugumiza Général Gabriel Nizigama mu mabanga y'umuyobozi mwishikira mu biro vy'umukuru w'igihugu (chef du cabinet civil), Général Prime Niyongabo mu mabanga y'Umukuru w'igisirikare, Emmanuel Sinzohagera mu burongozi bw'Inama Nkenguzamateka na Gélase Ndabirabe mu burongozi bw'Inama Nshingamateka. Harimwo kugena Général Bunyoni nk'umushikiranganji wa mbere no gutoza Reveriyano Ndikuriyo nk'umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD.
Hagati aho Prezida Nkurunziza niwe yari kuguma arongoye Inama y'inararibonye (conseil des sages) ya CNDD-FDD. Uwo mwumvikano wavuga ko Reveriyano Ndikuriyo azorongora CNDD-FDD imyaka itanu, bakamwongera ibiri kugira atoze Prezida Ndayishimiye mu kiringo ca kabiri. Inyuma, Général Alain Guillaume Bunyoni niwe yorongoye CNDD-FDD imyaka itanu, bakamwongera ibiri mbere bakaca bamutangaza nk'umu candidat wa CNDD-FDD mu matora y'umukuru w'igihugu yo muri 2034.
Uwaduhaye iyi ntahe y'ibanga yatubwiye ko Prezida Ndayishimiye yasinyishijwe bino bintu imbere y'ivyabona bitandatu bifise ipete rya Général.
Mu mwanya wambere Prezida Ndayishimiye yarakurikije aya masezerano, ariko gahoro gahoro yagiye arayasambura, ubu hasigaye bike cane muvyo yemereye Nkurunziza.
Muri Leta nta mushikiranganji n'umwe wa Nkurunziza asigaye. Indoto yo kuzosubirirwa na Général Bunyoni itera iba umuzi w'ibuye. Umugambwe yarawifatiye, ubu na Reveriyano Ndikuriyo afise ububasha buke cane ku mugambwe kubera amategeko ntunganyamugambwe yahinduwe. Ndayishimiye arashobora gukura Ndikuriyo aho ashikiye hose. Prime Niyongabo aracari mu mabanga. Gabriel Nizigama ntakiri umuyobozi mwishikira mu biro vy'umukuru w'igihugu. Amasezerano yose ajanye no gucukura ubutare yarafuswe. Société Interpetrol yazana igitoro, inavugwa ko Nkurunziza yoba yari afisemwo umutahe, yarirukanywe muri ico gisata, isubirizwa Prestige ivugwa ko ari iya muka Ndayishimiye. Ni gutyo ikena ry'igitoro ryabaye ndanse. Vyinshi muvyo Nkurunziza yari ahagazeko vyarafuswe.
🔴 None ni nde yungukiye mu rupfu rwa Prezida Nkurunziza ? Nkurunziza yishwe na koronavirusi, yishwe n'uburozi canke vyose vyamuhuriyeko ? Kazoza karacatubikiye amabanga menshi.
Intwaro ya Nkurunziza yishe benshi ntihigera havugwa ukuri. N'urupfu rwiwe niko rumeze. Kugeza ubu Abarundi bazi ko umutima wiwe wahagaze gusa.
Pacifique Nininahazwe, 09.6.2025
👍
❤️
🇧🇮
🙏
😂
😄
😡
😢
🤦♂️
🫣
17