
FOCODE Magazine
June 10, 2025 at 06:20 AM
https://www.facebook.com/share/v/1QeT11gCKX/
Umugambwe CNL - Ishami rya Nestor Girukwishaka ririyamiriza ubusuma budasanzwe bwaranze amatora yo ku wa 05.6.2025. Nestor Girukwishaka avuga ko umugambwe arongoye utazemera ibizova muri ayo matora.
Kuva ubutegetsi bwa CNDD-FDD bufashije iri shami kwigarurira CNL, ni ubwa mbere ryubahutse kuvuga ibitagenda neza mu gihugu. Ubundi aba bahora baboneka nk'imperekeza za CNDD-FDD. Boba bahemukiwe ?
Ntibazoba ari abambere babikorewe mu bahoze muri FNL. Ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwama burondera akarwi bwonkora kuri Agathon Rwasa igihe cose himirije amatora. Ako karwi karakundwakazwa akanya gato, ariko inyuma y'amatora CNDD-FDD ica igata. Harabaye Emmanuel Miburo n'abamukurikiye imbere ya 2015, ubu ntawukimwibuka. Imbere y'amatora ya 2020, harabaye Adolphe Banyikwa n'abamukurikiye, ubu ntibacibukwa. Imbere ya 2025, tubonye Nestor Girukwishaka na bagenziwe, none nabo barahakwa kugirwa nk'abambere.
Ikindi cama kiboneka, nuko uko bigenda kwose, abanywanyi ba CNL baguma inyuma y'Agathon Rwasa. Uwabonye CNL mu matora ya 2020 yarumiwe abonye uko vyari bimeze mu matora aheze.
Naho biri gutyo, mu bice bimwebimwe vy'igihugu, nko muri komine Rugazi mu ntara ya Bubanza, abanywanyi ba CNL barankiwe kuja gutora. Imbonerakure zarashize bariyeri mw'ibarabara, zirategera abanywanyi ba CNL ngo ntibashike ku bibanza vy'itora. Ni akamaramaza.
😂
👍
🫣
👎
🙏
🤔
10