
FOCODE Magazine
June 10, 2025 at 08:28 AM
https://www.facebook.com/share/p/16aax22tMk/
🔴 #amatora Umukenyuro mushasha wa Prosper Ntahorwamiye ?
Ivyavuye mu matora y'abajenama b'amakomine biza gutangirwa mu ma CEPI.
Twahora tumenyereye ko umukuru wa CENI atumako ikiganiro kidasanzwe gica ku maradiyo n'imboneshakure zose, maze Abarundi bakamenyeshwa ivyavuye mu matora. Gutyo vyaca biboneka neza umugambwe wose ikibanza uzoba ufise mu Nama z'amakomine, bikaboneka ku rwego rw'igihugu cose uko imigambwe irushanya inguvu mu nama za komine. Niko n'ahandi bikorwa.
Nkuko tubibona muri rino tangazo rya CEPI Bujumbura, umurwi ujejwe amatora mu ntara ya Bujumbura niwo uza gutangaza ivyavuye mu matora y'abajenama b'amakomine mu ntara ya Bujumbura gusa. Biza kuba isaha icenda ku biro vya CECI Mukaza biri kuri Centre Jeunes Nyakabiga.
Kumbure no mu zindi ntara niko bigenda.
Uyu mwaka ntavyo tutazobona !
😌
👎
😢
😭
🙃
🙏
🫢
🫣
9