
FOCODE Magazine
June 10, 2025 at 01:42 PM
https://www.facebook.com/share/p/193N2buFtz/
🔴 #amatora CNDD-FDD yihaye amajwi 99% mu ntara nshasha ya Butanyerera !
CEPI Butanyerera irahejeje gutangaza ivyavuye mu matora y'abajenama b'amakomine mu ntara nshasha ya Butanyerera. Amajwi yifashe gutya :
CNDD-FDD : 99%
UPRONA : 0.58%
CNL ya Nestor Girukwishaka : 0.32%
Uwigenga Viateur Ndayishimiye : 0.014%
FNL ya Jacques Bigirimana : 0.006%
Muri iyo ntara, CNDD-FDD itahukanye intebe 200 / 200 z'abajenama b'amakomine. Ubu bazotwara ata n'umwe abavangiye.
Tubibutse ko intara nshasha ya Butanyerera igizwe n'intara zahahora zitatu: Kirundo, Ngozi na Kayanza.
🔴 Mu ntara ya Burunga, CNDD-FDD yihaye intebe 174 kuri 176 zitegekanijwe !
Ahandi bimaze kumenyekana ivyavuye mu matora y'abajenama b'amakomine ni mu ntara ya Burunga. CNDD-FDD yihaye intebe 174 ku ntebe 176 zitegekanijwe. Ni ukuvuga intebe 98,9 % !
Intara nshasha ya Burunga igizwe n'intara zahahora zine : Rumonge, Bururi, Makamba na Rutana.
🔴 Aya majwi arahuye n'intahe twaraye duhawe n'umunywanyi wa CNDD-FDD yahagarariye amatora mu gisagara ca Bujumbura, aho yatumenyesheje ko ibiro vyose vy'itora vyari vyahawe itegeko ryo kwiba amatora kugeza ku rugero rwa 99% !
----------------------------
Mubandanye gusoma iyi nkuru, tuza turongerako ibiharuro vyo mu zindi ntara.
👍
🤔
4