
FOCODE Magazine
June 10, 2025 at 01:43 PM
https://www.facebook.com/share/p/1Kv6bjRW8n/
🔴 #amatora Intahe y'umunywanyi wa CNDD-FDD yahagarariye amatora muri zone Gihosha, quartier Taba.
Turabandanya kuronka intahe z'abahagarariye amatora yo ku wa 05.6.2025. Bose baremeza ko ari abanywanyi ba CNDD-FDD, bavuga ko badashigikiye ubusuma bwabaye.
Iyi ntahe ni iy'uwahagarariye amatora muri zone Gihosha, quartier Taba, mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura. Ico ata'dukanirako n'uwutanze intahe ejo haheze, nuko we yemeza ko mu gutangura berekanye ko amasandugu agaragara. Ariko ubusuma bwabaye co kimwe n'ahandi. Intahe yiwe twagiye turayigabura mu duce kugira yorohe kwumvikana.
🔴 Nahagarikiye amatora mu Gihosha / Taba.
“Tugire amahoro. Jewe nari mu bahagarikiye amatora muri zone Gihosha, quartier Taba. Nsanzwe ndi umunywanyi wa CNDD-FDD. Aho twakoreye twari dufise amabiro y’itora
(bureux de vote) 10. Jewe aho nakoreye, twese twari imbonerakure. Harabayemwo umu mandataire umwe gusa yavuye mu wundi mugambwe (…).
Narasomye intahe mwatanze ejo yo ku Mukaza, aho uwatanze intahe avuga ko amabiro yose atigeze yerekana amasandugu y’itora mu gutangura. Twebwe twarabikoze, abaje imbere
twaraberetse ko ata kirimwo mu dusandugu tw’itora. Ariko ubusuma na twebwe twarabukoze nk’abandi bose. Kumbure integuro niyo yari itandukanye.”
🔴 Abarongoye ama bureaux de vote bari baraye baratora
« Mw’ijoro ryo ku wagatatu (04.6.2025), bamaze kuronka ibikoresho, abarongoye ama bureaux de vote yose baciye baja hamwe, begeranya amakarata y’amatora, barara barashira igikumu imbere ya CNDD-FDD. Bose bari abanywanyi ba CNDD-FDD. Twebwe ntabwo baraye bayashize mu masandugu y’itora nkuko numvise ahandi vyagenze. Twebwe twatanguye
neza. Kugira ayo makarata bari baraye bashizeko ibikumu bayinjize mu masandugu, barondeye ingene basamaza wa mu mandataire yavuye mu wundi mugambwe. Hari uwamuhenze ikintu aja kumuzanira, ako kanya vya bikarata vyose baca barabishira mu
masandugu y’itora. Uko babikoze muri bureau de vote iwacu, n’ahandi niko vyagenze. Aha rero muca mwumva ko kirya co kubanza kwerekana ko isandugu igaragara ataco cahinduye mu bijanye no kwiba amatora. Mu gihe aba mandataires b’iyindi migambwe
badakoze neza, biguma ari co kimwe n’ahandi hose. »
🔴 Guharura amajwi
« Hageze guharura amajwi, uwurongoye bureau de vote yahamagaye umunywayi wa CNDDFDD aba ariwe asoma amajwi. Wa mu mandataire yaratinye kuja imbere ngo yibonere ko ibiriko birasomwa arivyo biri ku makarata. Uwusoma we yaguma asoma CNDD-FDD, kumbe atarivyo ariko arabona. Jewe nagiye kubibona turiko dutandukanya amajwi yatowe n'ayabaye impfagusa. Nasanze CNDD-FDD yoba yari yaronse ya majwi bayibiye gusa be
n’ayandi y’imbonerakure zagumye zigaruka gutora incuro nyinshi. Nasanze Mkombozi ariwe yari yatowe ku bwinshi, hakurikira CNL na UPRONA. Iyo amatora atibwa CNDD-FDD nta na
2% yari kuronka muri bureau de vote iwacu ! »
🔴 Impanuro
« Ico nohanura aba mandataires barungikwa n’iyindi migambwe nuko bokwama barikanura ntibemere kuva mu ma bureaux de vote umunota n’umwe amatora adaheze. Ikindi naco, iyo hariko harasomwa amajwi, aba mandataires boja imbere bakirabira ko ibisomwa arivyo biba biri ku makarata y’abatoye. Ibi vyabaye bikwiriye kuba ivyigwa ku matora azokurikira.
Ico nohanura imbonerakure bagezanje, twebwe twemera guhemuka mu kwibira amajwi abategetsi, twomenya ko amagorwa umwenegihugu azobona (inzara, ubukene n'ibindi) kubera intwaro mbi, ko na twebwe tuzoba mu bambere bizokorako, mu gihe abo twibiye amajwi bazoba bariko baduza amazu y'amagorofa nk'ibizinu !
Jewe ibi bintu nabikoze mbabaye, kugira nkize agatwe gusa. Nivyo ndakunda umugambwe wacu, ariko ndamaze gutahura ko bihambaye kwubaha ijwi ry'umunyagihugu. Umutegetsi azi ko azoguma ku butegetsi mu kwiba amajwi ntaco azotumarira, yopfuma atsindwa hanyuma akihanura.»
👍
😂
4