
FOCODE Magazine
June 11, 2025 at 05:18 AM
https://www.facebook.com/share/p/1CJdDbYpSG/
🔴 #ndondeza Ari hehe Jean-Claude Bigirimana batazira Toto !
Hari umurundi atabarizwa. Yitwa Jean+Claude Bigirimana, bamwe bamutazira Toto, abandi Ndege. Avuka muri Komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza. Akazi kiwe ni umworozi. Arubatse kandi arafise abana.
Haraciye imyaka itatu Jean-Claude Bigirimana yimukiye ahitwa Luvungi muri RDC, aja kubandanya ubworozi nw'inka. Abamuzi bavuga ko afise inka zitari nke aho Luvungi.
Muri rusama 2025, Jean-Claude Bigirimana yaragize ivyago. Abasirikare b'Uburundi bari muri RDC boba baramwiketse ko ari umusumyi w'urusaku wa M23. Yarafashwe ajanwa gupfungwa ahitwa Uvira. Ariko abamutohojeko barabonye ko yera.
Abagenzi biwe bavuga ko Jean-Claude Bigirimana yakuwe aho yari apfungiwe muri Uvira itariki 15.5.2025. Abagenziwe bavuga ko Jean-Claude Bigirimana yajabukanywe mu Burundi. Ariko nta n'umwe afise agakuru ku kibanza yoba yarajanywemwo.
Abafatirwa muri RDC n'igisoda c'Uburundi bakajabukanwa mu Burundi, kenshi bapfungirwa mw'iperereza rya gisirikare (G2). Abajejwe urwo rwego, nimba aribo bafise Jean-Claude Bigirimana, bohumuriza umuryango.
🔴 Uwomenya amakuru ya Jean-Claude Bigirimana yotwandikira muri Ndondeza kuri WhatsApp +32465651905.
😢
2