
FOCODE Magazine
June 11, 2025 at 08:26 AM
https://www.facebook.com/share/1AH3otMSvT/
🔴 #amatora Kubera iki y'abagumyabanga ba CNDD-FDD bategetswe gutora ku mugaragaro ? #intahe yo muri komine #nyabiraba.
Hari abanywanyi benshi ba CNDD-FDD batwandikiye bavuga umubabaro bagize kubona bategekwa gutora ku mugaragaro canke bakabaha amakarata avivuye (ni ukuvuga ko baba bamaze kubatorera). Iyi ntahe y'umutegersi w'umu CNDD-FDD avuka muri Nyabiraba ashinga intahe y'ivyamushikiye. Aremeza ko iperereza rya gisirikare ryagunduye ko benshi mu bagumyabanga batari gutora CNDD-FDD !
Uyu mutegetsi aravuga umutumba avukako. Twawukuyemwo kugira ntahave amenyekana.
🔴 Intahe
"Mwaramutse neza. Ndi umwenegihugu w'u Uburundi aba mugisagara ca Bujumbura ariko avuka mu ntara ya Bujumbura ya kera, commune Nyabiraba ya kera (muri commune Rwibaga y'ubu). :Nagomba kubaha intahe y'ivyo niboneye mu matora aheruka kuba kuwa 5/6/2025 mu gihugu cacu. Nsanzwe ndi umunywanyi w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, ndi mubo bita aba cadre bivanye n'ama contributions dutanga mu mugambwe. Nkuko tubisabwe, aba cadres dutegerezwa gutorera aho tuvuka . Nsanzwe mvuka ku mutumba wa (...) muri zone (...).
Ku musi wakane nazindutse nduga nvuye mu gisagara ca Bujumbura. Kubera kwiyunguruza bigoye, naratevye gatoya, nashitse nka 8h00. Niho nahura na mukurwanje, arambwira ati : ivyo mwakoze ni akamaramaza, erega nta muntu atora, urya atanga amakarata ayaguha yamaze kuvivura (gushirako vu), ngo kandi nta kazu ko kwiherera kahari ! Nca ndabandanya, nkibwira nti : kumbure ni umukenyuro kuri abo bantu batize. Narabandanya, ngeze haruguru mpura na mutoyi wanje wewe yize (yahejeje ....), ambwira vya bindi ngo mwakenyuye, ngo : narinzi ko ntora urunani ariko bantegetse gutorera mu maso yabo nca ndatinya nti sinoronka aho nca, nca ntora kuri Cndd fdd ! Nuko ndabandanya ndinjira mu biro vy'itora.
Ncinjira, ku muryango nasanze hahagaze imbonerakure Nko kuri BV1 hari hahagaze uwitwa Melance azwi mu mabi menshi muri commune Nyabiraba. Indani haba huzuye abatwara amanama shingiro n'imbonerakure kugira ngo barabe uwo bazi yotora uwundi mugambwe. Icantangaje nta muntu n'umwe bashobora kwizera, kuko nanje barampaye ikarata z'itora, ariko nta vu banshiriyeko. Uwari arongoye iyo bureau de vote yambwiye ngo : erega ugirira aha nyene muta ! Nca ndashira vu kuri CNDD-FDD, ndazinga nshira mu masandugu ndasohoka. Ariko iyo bampa akaryo ko kwiherera, sinari gutora CNDD-FDD kuko, burya n'abazwi ko turi muri uwo mugambwe, turipfuza ko ibintu bihinduka .
Naciye nihuta nca ndamanuka kugira ngo simpave ngira uwo tuyaga ngasanga navuze ko ntashinye ukwo vyakozwe nkabizira."
🔴 Iperereza rya gisirikare ryaragunduye ko tutazotora CNDD-FDD !
"Ico namenye rero nuko ubwa mbere bari bipfuza ko anatora aba ku mugaragaro nkuko Umukuru w'igihugu yari yabivuze bagitangura imyiyamamazo. Bamaze kwigizayo CNL ya Rwasa bari bibaza ko atawundi bazoba bariko barahiganwa, kandi bakaba bafise abanywanyi benshi. Ariko imyiyamamazo igiye kurangira, bararonse amakuru avuye mw'iperereza rya gisirikare ko Abagumyabanga benshi batazotora CNDD-FDD, ahubwo bazotora iyindi migambwe. Ni gutyo haciye hatumwako amanama, hatangwa amategeko ko bazotorera ku mugaragaro kandi ko uwurongoye inama shingiro azotegerezwa gukurikirana abo atwara ko batoye neza. Rero nta matora yabaye, jewe nababajwe n'uburyo bwanje nakoresheje mu kwitaba iyo nkinamico y'amatora."
--------------------
Iyi ntahe irahuye cane n'ivyo twabwiwe na wa mutegetsi w'i Bujumbura yatwibira akabanga k'ingene ubusuma bwari buteguwe guhera mw'ijoro ryo ku wagatatu rishira ku wakane (4-5.6.2025). Mwibuke ko yavuze ko hari amakuru ko 70% y'abanywanyi ba CNDD-FDD batari kuyitora. Ikind yatubwiye ni ihiganwa rishirwa ku batwara CNDD-FDD mu turere dutandukanye. Bababwira ko mu kugena abakuru bava mu karere kanaka bafatira ku majwi baronka, akarere karonse amajwi menshi ni nako gahabwa abategetsi benshi. Mwibuke ko mu nyuma naho yaduhaye itegeko vyahawe bureau de vote yose ko, mu guharura, itegerezwa guhinyanyura ikaronka amajwi 99% iha CNDD-FDD.
🔴 Turashimiye cane bano banywanyi ba CNDD-FDD bubahuka kuduha izi ntahe, turazi ko bitoroshe. Natwe uko dushoboye tugerageza kubakingira mu gukuramwo ivyotuma bamenyekana.
👍
👏
😢
🤔
4