
FOCODE Magazine
June 11, 2025 at 04:28 PM
🔴 *CNDD-FDD ihejeje kwiha intebe zose zo mu Nama Nshingamateka !*
CENI ihejeje gutangaza ko umugambwe CNDD-FDD ariwo wenyene wakwije amajwi 2% asabwa kugira umugambwe usase mu Nama Nshingamateka.
Uburundi bwaheruka kugira Inama Nshingamateka yiharijwe n'umugambwe umwe mu matora yo mu 1982 !
Hari ku ntwaro y'umugambwe umwe.
🔴 *TUBIYAGE !*
Mu kanya, kuva isaha icumi na zibiri (18h) ku masaha yo mu Burundi, FOCODE yabateguriye ikiganiro kidasanzwe kijanye no kurabira hamwe aya matora ico asigura.
Kubera iki CNDD-FDD ihisemwo kwisangiza inzego z'igihugu ? Ibi bigiye kugira izihe ngaruka ku gihugu ?.
Abatumire ni :
1. *Frédéric Bamvuginyumvira* yatowe nk'umushingamateka mu 1993, akaba yarabaye Icegera c'umukuru w'igihugu.
2. *Kefa Nibizi,* Icegera c'umukuru w'Urunani Burundi bwa Bose rwari rwitavye aya matora.
3. *Pacifique Nininahazwe* arongoye FOCODE.
🔴 Ikiganiro kiza guca ikibiriraho kuri Twitter (canke X) na Facebook za FOCODE
Kiremeshwa n'abamenyeshamakuru Gilbert Niyonkuru na Alice Hakizimana.
*Mufyonde ngaho kugira mukurikire kuri Twitter:* https://x.com/focode_/status/1932808602873418107?s=48&t=a0xdkJMgpMPc8Nlvc8oWjQ
😢
❤️
🤮
7