
FOCODE Magazine
June 12, 2025 at 08:49 AM
https://www.facebook.com/share/p/1EFs3AgESV/
🔴 #amatora Hoba hariho umugambi wo guhagarika Nestor Girukwishaka ?
Ejo haheze twararonse ubutumwa butabariza abakozi bane bakorera ku ngoro y'umugambwe CNL (ishami rya Nestor Girukwishaka). Isaha zitanu z'umurango, iyo ngoro yari ikikujwe n'abapolisi bacungera inzego, zica zigenda zitwaye abo bakozi. Uwabatabarije ntiyasubiriye kuboneka ku murongo.
Amakuru dukesha King Umurundi Freedom avuga ko abapolisi batwaye abo bakozi bari babanje guca ku rugo rwa Nestor Girukwishaka, basanga serugo siho ari. Niko kuza kuri Permanence ya CNL naho nyene basanga siho ari. Baca bavuvudikira abakozi.
Ayo makuru avuga ko iperereza ririko rirondera Nestor Girukwishaka ngo rimufate, kubera amajambo aherutse gutangaza yo kwiyamiriza ubusuma bw'akamaramaza bwaranze amatora yo ku wa 05.6.2025. Nestor Girukwishaka yoba anyegeye.
Ivyo Nestor Girukwishaka yavuze ni ukuri kwuzuye, ni navyo iyindi migambwe yindi itavuga rumwe na CNDD-FDD iriko iratangaza. None ni kubera iki hoca haronderwa Nestor Girukwishaka ?
🔴 Uruhigi rwahindukiye ?
Burya indya ya CNDD-FDD ni indyankurye ! Igihe haba ikoraniro ryo kwegurira CNL Nestor Girukwishaka, umugambwe bakawaka Agathon Rwasa ku nguvu, indongozi za CNL ziyiboka Rwasa zarahizwe buhongo n'iperereza, bamwe baranyuruzwa bajanwa mw'iperereza. Ico gihe, kwa Nestor Girukwishaka yari amarame, babona ko ariko gukomera mu gihe iperereza ryariko riracuranguza abo bahora basangiye urugamba rwa politike. None uyu musi niwe ashikiriwe.
Iki cigwa carananiye abanyapolitike benshi kugitahura. Mugenzi, ntuze unezerererwe akarenganyo gakorewe mugenzawe ngo nuko ako kanya ubonamwo inyungu. Ejo nawe uburenganzira bwawe buzohonyorwa atawamira.
🔴 Uburenganzira bwa Nestor Girukwishaka nibwubahirizwe !
Ibwirizwa Shingiro riramuha uburenganzira bwo guserura iciyumviro ciwe. Nk'uwitavye amatora, arafise uburenganzira bwo gushira ahabona ingene yarenganijwe.
😢
🙆♀
🙏
🫣
4