FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 12, 2025 at 03:26 PM
https://www.facebook.com/share/1B9XxShj1p/ #amatora Ikiganiro gitangaje nagiranye n'imboberakure yo mu Gisuru, aho CNDD-FDD yihaye amajwi 100% ! "Hamwe twotora CNDD-FDD 100% twoba turi imburabwenge !" Ku musi w'ejo, hari igicapo nashize kuri statut ya Facebook cerekana ingene CNDD-FDD igiye kwiganza mu Nama z'amakomine, uwagikoze yari yongeyeko ko n'Imana yitoje vyogorana ko ironka amajwi 100%. Imwe mu mbonerakure yo muri komine Gisuru yaranyishuye (inbox) imeze nk'iyikara. Wamengo yashavujwe n'ivyo nanditse, yo yavyita ko ari "inzigo". Yanditse iti : "Reka inzigo ! Amatora yatanguye. Uyu ni umwanya w'ikivi, dutangure ayandi !" Nanje nti : "ni nde ababujije ga yemwe, jeko !" Ya mbonerakure yaregutse iratwenga. Ivyo yanyishuye vyanyumije. Nsigara ndibaza umukino uri mu Burundi uko usigaye umeze. Reka ndabasangize ivyo yansiguriye. (Ivyotuma iyi mbonerakure imenyekana, vyose twabikuyemwo). Twoba turi imburabwenge... "🤣🤣🤣🤣🤣Womengo ndabishigikiye !Ni ugukiza igufa gusa mutama, nta matora yabaye mu Burundi, habaye impinyanyuro ! Wewe igihugu kitagira ibitoro, amazi, isukari, inzoga zahora ziduteramisha, umuyagankuba, ibiciro bishingwa uko vyishakiye, .... Ivyo vyose vyatanguye kuboneka ku ntwaro y'abaDD. (...) Umuntu aba aashka gukiza akagufa ! Kuko usanga bakuzi, wosanga bakugiriye nabi canke bakakunyuruza (...). Ntitwobura ivyankenerwa vyose hama ngo amatora ace agende kurya ! Birya vyoba vyerekana ko tutagira ubwenge ! Jewe mvuka muri komine Gisuru, kandi yarimwo umugambwe umwe wahiganywe, ndazi neza ko amajwi menshi habaye abstensions et nulles, mugabo ngo [CNDD-FDD ] yatsinze 100%." Uko amatora yagenze mu Gisuru "Muri komine Gisuru hitoje umugambwe CNDD-FDD gusa. Muri 2020,nari nabikurikiye, Rwasa niwe yari yatsinze arenurira Ndayishimiye, ariko amatora yaribwe,batangaza ko hatsinze CNDD-FDD. Uyu mwaka kubera CNL ya Rwasa bayikuyemwo, ntihabobenetse uwundi yitoza kiretse CNDD-FDD. Amatora narayakurikiranye. Mu Gisuru biragoye rwose kumenya abari kumwe na CNDD-FDD n'abatayirimwo. Hariho abanywanyi benshi ba Rwasa bahitamwo kwitwa Imbonerakure kugira bakize agatwe. Ntimwibagire ko ari n'ikomine ya Moise Bucumi, umu frondeur yahunze. Abantu babaho biteze ko CNDD-FDD bazoyihanira mu matora biherereye. Ariko ku mugaragaro usanga ari aba CNDD-FDD. Jewe ndi Imbonerakure ariko nta jwi nahaye CNDD-FDD. Jewe nakurikiranye amatora kuri centre de vote yo kuri Lycée communal Nyarumanga. Nari umwe mu ba membres ba bureau de vote. Ama bureaux de vote yose yarahinyanyuye yandika ko CNDD-FDD yaronse 100%. Ariko sivyo abanyagihugu batoye. Twasanze abavyonzi aribo benshi, twaciye duhinyanyura. Kuko benshi bitoreye ahatariho kugira ijwi ribe impfagusa, abandi twasanga ata na kimwe bashirako, barazinga inkaratasi ataco banditseko canke ngo bashireko ikinkumu. Mu mategeko, iyo ni abstention. Ariko ayo makarata yose twaciye tuyahindura twemeza ko batoye CNDD-FDD. Atavyo kubesha, kuri bureau de vote yacu, hatsinze ABSTENTION ! Kandi no mu yandi ma bureaux de vote niko vyagenze. Iyaba muri CENI hariyo abantu bafise ubwenge bupanze neza, umuntu yobabaza ikibazo kimwe gusa : birashoboka ko mw'ikomine yose habura umuntu n'umwe yihenda mu gutora, ku buryo bemeza ko CNDD-FDD yaronse 100% ? Nta jwi na rimwe ryabaye impfagusa ? Nta abstention n'imwe yabayeho ? Harya niho bihinyuza, bakerekana ubujuju bakoresheje mu kwiba." Ntaciza nabonye muri CNDD-FDD. "Mutama ntubone tugutuka ngo nuko tutibonera ivyo wandika ko ari ukuri. Nta muntu yize atabona ukuri. (....) Nta ciza ca CNDD -FDD kuko vyose vyarayangaye, bose ni abanyamadili, nta gisata na kimwe batashizemwo idili. Nibo batuma baburisha ibintu kugira bironkere inyungu mu kubigurisha mu kinyegero !" Hari vyinshi iyi mbonerakure yanditse tutashimye ko bija ahabona kubera vyoca bimufatisha. Ikintu gishasha kiboneka cane mu matora y'uno mwaka ni ishavu aba CNDD-FDD bo nyene bafise ariko badashima gushira ku mugaragaro kubera ubwoba bwo kwicwa. Ikindi kiboneka nuko ubutegetsi bubizi ko hasi budashigikiwe, akaba ariyo mpamvu bwategetse bose gutora ku mugaragaro. Ikibazo c'iyi mbonerakure kirahambaye : koko mw'ikomine nzima, nta jwi na rimwe ryabaye impfagusa ?
😂 👍 ❤️ 😮 8

Comments