
Iris News
June 3, 2025 at 11:16 AM
🗳️ CENI yemereye imigwi y’abantu bamwebamwe gutorera aho batiyandikishirije
Kubw’Itegeko No 006/CENI/2025, ryo kuwa 02 Ruheshi, Umugwi ujejwe gutegura amatora (CENI) washikirije ko bamwe mu bantu bafise amabanga canke boba bari mu ngendo ku musi w’amatora bashobora gutorera mu bindi bibanza atari aho biyandikishirije.
🧾 Abahawe ubwo burenganzira ni :
1. Abagize CENI, CEPI na CECI hamwe n’abadereva babo n’ababacungerera umutekano;
2. Abakozi ba CENI barungitswe mu gikorwa co kugenzura amatora;
3. Abacungera umutekano (abapolisi, abasirikare) aho amatora azobera;
4. Abacungera umutekano w’abategetsi bakuru n’abadereva babo;
5. Abandikiwe hanze y’igihugu ariko batahutse mu gihugu;
6. Abandikiwe mu gihugu ariko ubu bari hanze;
7. Abagenzuzi b’amatora bahawe uburenganzira na CENI;
8. Abamenyeshamakuru bakurikirana ibikorwa vy’amatora;
9. Abaserukira abakandida (mandataires);
10. Abadereva b’abantu bahawe uburenganzira na CENI canke CEPI;
11. Abasirikare n’abapolisi bari mu bigo vy’inyigisho.
Abo bantu bazotora bamaze kwerekana ikarata y’itora hamwe n’ibibaranga. Amazina yabo azandikwa ku rutonde rw’inyongera rwemezwa n’abagize biro y’itora, rukabikwa hamwe n’urundi rutonde rusanzwe.
Buri biro vy’itora ntibishobora kwakira abarenze 25 batandikiwe ng’aho. Mu gihe bazoba barenze, bazokwiragizwa mu bindi biro biri muri ako karere.
#irisnews
https://web.facebook.com/share/p/16TkghRJS6/