Iris News
Iris News
June 6, 2025 at 06:23 AM
📆 Turi kw’igenekerezo rya 06 Ruheshi 2025.Umunsi ugira 157 mu mwaka hasgaye iminsi 208 ngo umwaka urangire. Twipfurize umunsi mukuru mwiza w'intama aba Islamu hamwe n'isabukuru nziza ku bavutse kuri rino genekerezo ⤵️ Bimwe mu vyaranze iri genekerezo muri Kahise 🇧🇮 1903 - Mu Burundi, umwami Mwezi Gisabo yarasinye amasezerano y'i Kiganda (Traîté de Kiganda) ⛪ 1961- Mu Burundi, Diyoseze ya Bururi yaravutse 🇨🇩 1993 - Muri RDC, harabaye amatora agira kabiri y'abashingamateka ⛵ 1944 - Normandie yaratewe n'ingabo zije kugwana 🇺🇸 1882 - Muri Amerika, ipasi igorora impuzu (fer a repasser) yambere ikoresha umuyagankuba yarashizwe ahabona 📅 Twibuka kandi abafise amazina ya ba Norbert ❓ Hari ico nawe iri genekerezo rikwibutsa ? #burundi #kahise #irisnews https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=pfbid02PjaksdYf2BSjhYuWRfou2Fy8a7WjRom6xSBWFVyRRrvQAFB4eH2vyQAo5xcAjm7l&id=100056436835117&mibextid=Nif5oz
❤️ 👍 🥳 4

Comments