Iris News
Iris News
June 12, 2025 at 07:11 AM
[Inkuru Nyamukuru] - 🗳️ Umugambwe uri ku butegetsi mu #burundi, CNDD-FDD, ni wo watsinze amatora y’abashingamateka yabaye ku wa 5 Ruheshi 2025, nk’uko vyashikirijwe n’umugwi ujejwe gutunganya amatora, #ceni. 📊 Nk’uko bishikirizwa n’umukuru wa CENI, Prosper Ntahorwamiye, ku majwi 5.859.238 yaharuwe, CNDD-FDD yaronse 5.654.807, ni ukuvuga ibice 96,51%. 📌 Ivyo biharuro bituma uwo mugambwe uronka intebe zose 100 mu Nama Nshingamateka, kuko nta wundi mugambwe washoboye gushika ku rugero fatizo rw’ibice 2% vy’amajwi yasabwa kugira aronke umwanya mu nama nshingamateka. ⚠️ Naho biri uko, bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe na CNDD-FDD, baramenyesha ko batemera ivyo biharuro, bavuga ko amatora yaranzwe n’utunenge tutari duke. #burundi #irisnews https://www.facebook.com/share/v/1FS54LVhot/
💩 😮 2

Comments