Iris News
Iris News
June 13, 2025 at 07:08 AM
[13RUHESHI] #umunsinkuyu muri kahise... Turi kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2025. Umunsi ugira 164 mu mwaka, hasigaye iminsi 201 ngo umwaka urangire. Twipfurize isabukuru nziza abavutse kuri rino genekerezo bose 🥳 ⤵️ Ng'ibi bimwe mu vyaranze iri genekerezo muri kahise.. 🇧🇮 2020 - Mu Burundi, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yarasinye mu gitabu c'iteka mu kwibuka Umuhisi Petero Nkurunziza 🇨🇫 2005 - Muri Centrafrika, Elie Doté yaragenywe kuba umushikiranganji wa mbere 🇨🇲 2023 - muri Cameroun uwutavuga rumwe na Reta John Fru Ndi yaritavye Imana 🇵🇹 1917 - Muri Portugal, Bikira Mariya yariyerekanye ku ncuro igira kabiri 🇪🇨 2019 - Muri Equateur, sentare yubahirizwa ibwirizwa shingiro yaremeje ubugeni bw'abana basangiye ibitsina ❓Nawe iri genekerezo hari ico rikwibutsa? #burundi #kahise #irisnews https://www.facebook.com/100056436835117/posts/pfbid0LBfXnzsuNpBBfvshAnodtF5Cew1w2BAm7d4p8TaJYVhwVY661kg3pTNeLLMf7mSvl/?app=fbl

Comments