URUGENDO NEWS
URUGENDO NEWS
June 8, 2025 at 08:05 PM
🔴 Kahise kacu : Amaherezo y'abatwaye Uburundi. Kuva Uburundi bwikukiye muri mukakaro 1962, bumaze kurongorwa n'abagabo 11 (abami 2 n'abaperezida 9). Mu gihe uno musi imyaka 5 irumanye Prezida Nkurunziza asandavye, twashimye kugaruka ku vyagiye birashikira abatwaye Uburundi mu mpera y'ubutegetsi bwabo. Abadakunda ibisomwa birebire mwihangane. Abafise ico batwunganira namwe turabahaye ikaze. 🔴 Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge (1911-1977) Igihe Uburundi bwikukira ku wa mbere mukakaro 1962, bwari burongowe n'Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge. Mwambutsa yari asanzwe ari Umwami kuva se, Mutaga IV Mbikije, atanze ku wa 30.11.1915. Ariko, mu myaka 46 yambere y'ingoma yiwe, Uburundi bwari mu buja bw'abakoloni b'abadagi mu nyuma haza ababiligi. Mwambutsa yabaye Umwami yuzuye ikiringo c'umyaka ine gusa : kuva Uburundi bwikukiye ku wa 01.7.1962 gushika akuwe ku Ngoma ku wa 08.7.1966. Ivyago bikomeye vy'Ingoma y'Umwami Mwambutsa vyatanguye mw'ijoro ry'uwa 18-19 gitugutu 1965. Ikirimba c'Umwami caratewe n'abasirikare b
Image from URUGENDO NEWS: 🔴 Kahise kacu : Amaherezo y'abatwaye Uburundi.  Kuva Uburundi bwikuki...

Comments