URUGENDO NEWS
URUGENDO NEWS
June 9, 2025 at 08:12 PM
_*Ibintu bimwe bimwe abana bubu bazumva bakibaza ngo bimwe vya bibiliya ngo muri irya misi:*_ 1. Kuzirika impene mugahinga ukibagira kuja kuzizitura. 2. Kuja kuvoma munkono ugaca umena ugatahana injo 3. Kuja gusyesha ingano kure yo muhira abana bakazihekenya ugatahana agafu ide 4. Kuja gusoroma ibijumbu, imvura ikakunyagira uvyikoreye, ikabironga ugashika uteka gusa. 5. Kuja gusenya mu kibikira bakazikwaka ugwijije ugasubira gusenya izindi 6. Kuja kw'iwese mw'ijoro umurikisha igishirira, wumvise imbwa ukabicira hagati 7. Gusaba umunyu mumihana 10 ukabura mukaruhira kurya ibitarunze 8. Kudubura muri 6eme incuro 5 canke zirenga 9. Kuvuka ukamara imyaka 10 utarambara ibirato, bakabikugurira utanguye amashure y'isumbuye 10. Gufungura umuceri ku nweli canke k'ubunane gusa. 11. Kuryama impande y'impene ikarara irakurigata mwijoro 12. Kwaha icayi muri cumi mugishoye bagaca bagisesa ngo mwacashe nabi 13. Kurya ibituri, intumbaswa, inkere, amufe, gukubita ibundi, guteteza, kujabura, kujiga, .... 14. Gukubitwa inkoni kwishure zihuye n'amavunja bagufatanye 15. Kunywesha umusururu igihubahuba wabuze ikiyiko 16. Kuryama k'uburiri ukifuka ikirago 17. Intebu, kotsa ibigori, ibijumbu, ibiyoba mukiyigira 18. Inka guca kumabarabara acamwo imiduga, 19. Inka zona mumirima yabarundi 20. Kuja kuvoma utevye bagahita bayagusukako ugaca usubirayo 21. Bakagutuma ikintu bagacira amate kukibabi ngo usange atarakama 22. Kuja kuragira impene ugaca wonesha imirima kugira zihage ningoga 23. Kwicara kugicaniro musokozanya canke muvuga ibitito 24. Mama wawe akagutuma kuja kuramutsa abiwabo , urumuhungu akaguha inkoko ugenda wikoreye ubagemuriye.

Comments