
URUGENDO NEWS
June 12, 2025 at 08:50 PM
🍒 Bamwe mu barimyi b'ikawa mu ntara ya #makamba bavuga ko bibatwara uburyo bwinshi mu kuyikorera, kuyisasira n'ibindi
-------------------------
💰 Mu gihe umukozi wo ku munsi bamuhemba hagati ya 5.000 na 8.000 Fbu, ubwatsi bwo gusasira nabwo ngo bukaba butakiboneka, hake buri bukagurwa hagati ya 2.000 na 3.000 Fbu, bashikiriza ko n'imiti yo gupompa itaborohera kuronka
🚿 Bashikiriza ko kenshi imiti yo gupompa iboneka itevye, bigatuma hari udukoko tuba twamaze kwonona ikawa, ibituma umwimbu ugabanuka, canke ikaba ibihumbwa nk'uko vyigaragaje ahatari hake muri uno mwaka
👨🏿🌾 Bakaba basaba ko boronswa abafundi b'indimo babafasha kugira umwimbu wongerekane na rirya bashima ko yadugijwe ibiciro
#daniel_mugisha
