URUGENDO NEWS
URUGENDO NEWS
June 13, 2025 at 10:45 AM
🇧🇮 "Reta mvyeyi ntigaragarira mu migambwe, Reta mvyeyi igaragarira mu gutunganiriza abenegihugu" --------------------- 🎙️ Bishikirizwa n'Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca mu kiganiro ku banyagihugu n'abamenyeshamakuru kuri uno wa 13 Ruheshi 2025 mu ntara ya #cibitoke, abajijwe ku biheruka kuva mu matora y'abashingamateka n'abajenama ba komine, aho umugambwe CNDD-FDD waronse intebe zose zahiganigwa mu nama nshingamateka. Ku makenga y'abamenyeshamakuru ko ari ikimenyetso ko Uburundi busubiye mu ntwaro y'umugambwe umwe, Ndirakobuca we siko abibona ✍🏿 Agira ati: "Abenegihugu batoye neza. Vyerekana ko babonye ibikenewe, batora imigambi ya CNDD FDD: amahoro, umutekano n'iterambere. Rero abavuga ko tugiye mu ntwaro y'umugambwe umwe, ivyo bivugwa n'abanyamigambwe ata migambi bashize imbere abanyagihugu batore. Bishinze gushira imbere " Cengetos" 🤝 Yongeyeko ati: "Ubu ibiranga imigambwe myinshi ni ibwirizwa nshingiro, kandi ayo mabwirizwa ntarahinduka. Nimba uyu mwaka batoye CNDD FDD, hari icobuza ko mu myaka itanu iri imbere batora imigambwe ine canke irenga, mu gihe boshira imbere imigambi iteza imbere abanyagihugu?" 🤌🏿 Gervais Ndirakobuca amenyesha ko Reta izobandanya itunganiriza abenegihugu, kuko ngo: "Reta isukurira abenegihugu" #daniel_mugisha
Image from URUGENDO NEWS: 🇧🇮 "Reta mvyeyi ntigaragarira mu migambwe, Reta mvyeyi igaragarira m...

Comments