
FOCODE Magazine
June 12, 2025 at 07:47 PM
https://www.facebook.com/share/1LmQdW5gvF/
🔴 #komanteri z'iyi ndwi ni agakura !
Muri benshi muriko muragira ico muvuze ku matora yo ku wa 05.6.2025. muri benshi mwiyamiriza ubusuma bw'akamaramaza bwayaranze. Bamwe mukoresha imvugo zitwenza, abandi mukerekana agahinda. Runo rubuga ruraha agaciro ivyo mushikiriza. Reka dusangire zimwe muri komanteri zakunzwe cane.
🔴 CNDD-FDD yama yivye amatora, ariko uyu mwaka ni agahebuza.
1. Orly Olivier Irakoze agira ati :
"Jewe nkiri umwana, muhira batetse imfungurwa nkunda (akarorero inyama), mu kuziba, nimba bakase ama morceaux nka cumi, nafata hamwe nkakata gatoyi ahandi uko nyene nkabandanya. Nubwo babibona ko nazikaseko, bambajije naraharira kuko vyaba biboneka ko ata morceau nimwe yavuyemwo,. Rero aba DD nabo, hakwiba make make, baradaha umenga bara...."
2. Kuva yumvise ko CNDD-FDD yihaye 100%, Syndu Syndu yagize ati :
"Guhera ubu, umwana wanje ndamwise NDUMIWE. Kandi nta n'umwe ambuza 😏😏, umwana wanje mfise uburenganzira bwo kumuhindurira akazina kajanye n'iterambere turimwo😷"
3. Bruce Nambazimana yaciye umugani w'igiswahili ati:
"Umuswahiri niwe yaciye umugani ati : ngoma ikivuma Sana inapasuka ! (Ingoma ivugijwe cane iraturika)
99%, isigaje 1% kugira iturike. Reka turindire 2027, izoca yuzurana iciturika !"
🔴 Intwaro yananiwe, yoronka gute 100% ?
4. Théophile Ishimwe yagize ati :
"None udatoye CNDD-FDD wotora nde ?
Umuntu bagarukanye siporo yo kuva Gatumba, Kamenge, Kanyosha gushika ville n'amaguru, moto ugakurako itangi ugatondesha.
Ipacu y'igitoro [igurwa] 20.000 Fbu, maze ikindandariza ba ntuzeye, bakayifatira hariya ikadandarizwa hariya, nako ica iseswa kugira ntihumanye ikirere !
Igiturire caraciwe burundu !
Kwa muganga imiti iruzuye, na serumu ni nywa nawe.
Ifaranga riduza agaciro, na Pacifique arikugura naho yagenze henshi !"
5. Fiston Niyuburundi ati :
"Mu ncamanke Abarundi ati barashimiye aba DD ko babamajije imyaka itanu ata gitoro babaha, babica bongera banyuruza abababo, babicisha inzara kubera ibiciro v'yibintu vyose vyaduze. Bisigura ko abarundi ibice 99% ari abakehabwenge canke barwaye mu mutwe ? Hama baba CNL biba umugambwe bahendwa ngira barabonye impembo : ntawukorana na shetani DD ngo aroranirwe. Aho bukera buca batunganya igikorane co gushimira Imana ko yabafashije kwiba amatora ko kandi bayishize Imbere.
BARUNDI BENE WACU NIMUHUMURE IYI DD MUBONA NI IKIBAZO C'IGIHE, INTWARO ZOSE Z'IGITUGU ZITWAZA UMUKAZO ZIRAGENDA, KANDI ZIGENDA NABI. Imana irakunda Uburundi n'ababubamwo, ntiyaduhevye, buraca bugacana ayandi."
6. Ntare ya Rugamba ati :
"Na 2010 bitoje bonyene hari isukari n'ibitoro, nt'ayo majwi baronse. Ubu badukenesheje, badushinze mu nzara no mu bwoba niho twobizera🤭. Eka nyene biba nk'ibijuju. N'iyo biha 40%, naguma navuze ko bivyeee kuko nabone ntibitora ubu."
7. Adrien Nimpagaritse atinya ko na Yezu Kristu agarutse boca bamwiba :
"Turasavye imbabazi YESU Ntazoshikire mu BURUNDI, bazohava bamwiba. Naho yavuze ko azoza nk'igisuma, nabe arabangira.
Birababaje kwiba ijwi ry'umupfakazi akorera 3000 Fbu ku musi, akaca aza kugura 1kg y'inyama 30 000 Fbu, 1kg c'umuceri 5000 Fbu, isukari 8000 Fbu, inkoko y'isake 190.000 Fbu....
Turasavye Ekleziya Katorika itangure gucungera bikomeye arya masanamu ya Yezu n'aya Bikira Mariya, aba bantu ntibazohave bayiba.
Nibagombe bije 1000%, umuti wabo ugiye kuboneka, n'umuti wa SIDA warabonetse !"
🔴 Hari abiteguriye gufasha iperereza kurondera Nestor Girukwishaka !
8. Nancy Blonia Kubwayo yagize ati :
"Ahubwo nibaduhe numero ku buryo n'uwumubona aho anyegeye amutange. Igihemu camana ibibazo igihe cose. Bari kumwe na Makurata n'akarwi k'abandi bashingamateka bahemukiye Rwasa, bibagira igihe abakura mw'iyarara, birangira bamusenyuye, bararyoherwa. Nibamurondere (...) kuko nawe yimye umunezero abantu benshi, bari inyuma ya Hon. Rwasa. Impembo yoba iyo nyene."
9. Prince Paracetamol Nsenge ashavuriye Nestor Girukwishaka :
"Jewe nk'umusesanguzi yigenga, aba DD ntaco, dupfa ivyiza n'ibibi vyama bishikira uwariwe wese. Ariko umwansi wambere (...) nabonye yazimije imbono y'abarundi benshi, n'ubu hariho abatabona kazoza kabo, ni Nesto kuko atumye n'abahora bavuga ijambo mu Nama Nshingamateka y'ibitagenda neza, niwe yayizimije. Ivyo yiririsha amenye ko hari abarize bahoze, ivyo rero ntiyibaze ngo biratuma baca bamubabarira, niwe mwansi wambere w'abarundi, kuko intambwe bariko vy'ukuri barabona ko nabo bafise icizere none yarakibatse. Areke kubesha umuntu bamwiba icafise, none amajwi avuga ko bamwivye yari yayahaweeee na bande ?"
🔴 Prosper Ntahorwamiye agiye kuba rurangiranwa.
10. Mu gahemo kenshi, Ivanovich Bujumbura agira ati :
"Uburundi twahora turi abanyuma, none 2025 tugiye twaronka ico amakungu azoza araturonderako ngo tubigishe. Ibihugu vyose kw'isi bizotegura amatora bizoza gusaba impanuro ku Burundi kuko nico gihugu cambere kw'isi gishoboye gutegura amatora meza, umugambwe uri ku butegetsi ugatsinda bitawugoye. Niharambe Prosper Ntahorwamiye."
11. Turangirize ku matohoza ya Syndu Syndu :
"- OPJ😎: Gasupari wewe rero icaha co kwiba igitoke kirakwagiriye, uciriwe umunyororo w'imyaka 2
- Gasupari🥺: Jewe muramboneye, none abivye amatora bobo ko ataco mubavugako ?
- OPJ😎: uwobagutuma wobazana ?
- Gasupari🥺: ntabo nobazana kubera ..."
----------------------------
🔴 Musomyi, hari komanteri nawe wakunze cane ?
🙏
❤
👍
😂
❤️
😢
🥹
18