
FOCODE Magazine
June 13, 2025 at 07:08 AM
https://www.facebook.com/share/p/18pvwEF7Qe/
🔴 #amatora Martin Niteretse yoba agiye gupfunga abasenyeri b'Uburundi ?
Umushikiranganji Martin Niteretse yaraye atangaje ko ata munyapolitike arekuriwe gusubira kugira ico avuze ku busuma bwaranze amatora yo ku wa 05.6.2025. Martin Niteretse avuga ko ikibazo c'amatora gifatanye n'ubwigenge bw'Uburundi. Ko, kubw'ivyo, umuntu wese azohirahira agasubira kuvuga nabi ivyavuye mu matora, azohanwa bikomeye hisunzwe "amategeko" !
Aho bikomereye, ejo nyene, Inama nkuru y'abepiskopi Katolika yarasohoye itangazo rikomeye ku vyaranze amatora aherutse. Abepiskopi barashima ko amatora yabaye mu mutekano. Ariko baradoma urutoke ku makosa akomeye yaranze ayo matora :
1. Hari Ibiro vy'Amatora vyuguruwe amasaha y'itora ataragera, ata baserukira abiyiza n'abarorerezi bahari.
2. Hari ibiro vy'Amatora vyuguruwe kw'isaha ariko abaserukira abitoza n'abarorerezi babanje gutaramurwa, binjiye naho bagasanga amasandugu ari mu kwuzura ku buryo butangaje.
3. Hari abahagarariye amatora batubahirije ukudahengama kwategerezwa kubaranga, mu guhatira abantu aho batora, kubatorera ku gahato canke bakabasanga mu bwiherero bw'amatora.
4. Hariho abarekuriwe gukoresha amakarata menshi, gutora bisubiriza no gutorera abatabatumye.
5. Hari abarorerezi batswe uburenganzira bahabwa n'amategeko, hari abarataramuwe, hari abankiwe kwinjira mu biro vy'amatora, hari abatehetswe gushira ibikumu ku vyegeranyo.
6. Haraho batemereye abaserukira abitoza gukurikirana ingene amajwi aharurwa.
Abepiskopi babona ko intambwe ikiri ndende mu bijanye no gutunganya amatora, mbere baribaza nimba ivyo bintu bitatosekaje ibiharuro vyatangajwe.
🔴 Mbe yemwe aba bo Martin Niteretse ahava abagenza gute ?
Amatora niwo mwanya uhambaye cane abanyagihugu bahabwa ijambo ku kugene igihugu cabo gitwawe. Kubabuza kugira ico bavuze kuvm vyavuye mu matora ni ikimenyetso kitabesha ko ubutegetsi buzi neza ko ivyavuye mu matora atari vyo abanyagihugu batoye. Ubundi bwari kunezerwa n'ukwumva ingene abanyagihugu bishimiye ivyo batoye.