FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 14, 2025 at 06:36 AM
https://www.facebook.com/share/p/1ZC17TiwvQ/ 🔴 #kahisekacu Ibihe bikomeye vyerekana abagabo n'abatari bo. Amateka y'abamaze kurongora CENI ! Ku wa 05.6.2025, Abarundi baritavye amatora y'abashingamateka ku ncuro y'icenda. Muri ino nkuru turibukanya ivyaranze abagabo batandatu bagiye bararongora imirwi itegura amatora. Ntidufise amakuru y'aboba bararongoye umurwi ujejwe amatora mu 1961, mu 1965 no mu 1982. Uwoba afise ayo makuru arayadusangiza. 🔴 Térence Sinunguruza yatunganije amatora yo mu 1993. Amatora yo mu 1993 ntiyari asanzwe. Bwari ubwambere haba amatora ahuza imigambwe myinshi kuva mu 1965. Uburundi bwari buvuye mu ntwaro y'umugambwe umwe rudende UPRONA, bwinjiye muri demokarasi. Yari ingendo yeze muri Afrika nka yose. Mu bihugu vyinshi vy' Afrika, umugambwe uri ku butegetsi ntiwatsindwa, wariba amatora. No mu Burundi, benshi bari biteze ko UPRONA yari igiye kwiba amatora nkuko vyari bimeze ahandi hose, kandi yari ibishoboye. Umurwi ujejwe amatora ntiwari wigenga, watwarwa mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu. Ni ukuvugwa ko umurwi ujejwe amatora wahabwa amategeko n'umushikiranganji François Ngeze, yari ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu. Umurwi watwarwa n'umucamanza, Térence Sinunguruza, yari Icegera c'umukuru wa Sentare Ntahinyuzwa. Imbere y'uko haza imigambwe myinshi, abacamanza bari abanywanyi ba UPRONA, nk'abandi bakozi ba Leta. Uyu murwi waratunganije neza amatora,. Ibiharuro vy'amatora vyatanzwe inyuma y'umusi umwe gusa amatora abaye. Ico gihe nta telefone ngendanwa zabaho, nta internet yabaho, nta Facebook, nta WhatsApp. Ariko mu musi umwe igikorwa c'iteka carakozwe. Umugambwe UPRONA wari ku butegetsi waratsinzwe, umugambwe FRODEBU utavuga rumwe n'ubutegetsi utahukana intsinzi. Inyuma y'amatora, Térence Sinunguruza yarashimiwe n'intwaro nshasha, arungikwa guserukira Uburundi muri ONU i New-York muri Amerika. Mu nyuma, yararongoye ubushikiranganji butandukanye (imigenderanire ya Leta n'Inama Nshingamateka, Ubutungane, Imigenderanire y'Uburundi n'amakungu). Ku ntwaro ya CNDD-FDD, Térence Sinunguruza yarabaye Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu. Yari umuntu yubashwe. Térence Sinunguruza yavutse mu 1959 muri komine Kayokwe mu ntara ya Mwaro, yitavye Imana muri rusama 2020. 🔴 Professeur Paul Ngarambe yatunganije amatora muri 2005. Muri 2005, umurwi w'amatora warigenga, watunganijwe hisunzwe Amasezerano y'Arusha n'ibwirizwa Shingiro. Uyu murwi warimwo abagabo n'abakenyezi bazwi nk'abantu b'ijambo kandi bubahwa n'imirwi itandukanye y'Abarundi. Umukuru wawo, Professeur Paul Ngarambe, yari umwigisha wa Kaminuza, yari yarakoze amabanga akomeye, yari azwi nk'umugabo w'ijambo. Ico gihe ntacari coroshe. FRODEBU yashaka kugumana ubutegetsi uko bigenda kwose. Ariko hari haje CNDD-FDD ivuye ku rugamba. Mu migambwe igwiriyemwo abatutsi naho ihiganwa ryari rikomeye hagati ya UPRONA, PARENA ya Jean-Baptiste Bagaza na MRC-RURENZANGEMERO ya Colonel Epitace Bayaganakandi. Mu ntahe yiwe, Professeur Paul Ngarambe yaravuze ko Prezida Domitien Ndayizeye hoba hari ivyo yamusavye aravyanka, n'aba CNDD-FDD hoba hari ivyo bashaka ko abakorera arananira. Paul Ngarambe yarahatswe kugandagurwa muri ivyo bihe, ariko yagumye ahagaze rugabo. Niyo matora vy'ukuri yakozwe yongera aharurwa ku mugaragaro. CNDD-FDD itahukana intsinziAbarundi bose barorera. N'ico gihe, bukeye amatora yaraye abaye, ibiharuro vyariko biratangwa ku maradiyo. Inyuma y'umusi, vyari bizwi ko intsinzi ari iya CNDD-FDD. Kugeza uno musi, Paul Ngarambe arubashwe cane kubera ubushingantahe n'ubutwari yerekanye muri 2005. Professeur Paul Ngarambe yavutse mu 1951, muri komine Busiga mu ntara ya Muramvya. Ni muzima. 🔴 Pierre - Claver Ndayicariye yatunganije amatora ya 2010 na 2015. Muri iyo myaka naho nyene CENI yafatwa ko yigenga. Umukuru wayo, Petero Karaveli Ndayicariye, yari umuntu yakoreye intwaro zose. Mu gihe c'intwaro ya Prezida Ntibantunganya (FRODEBU), Ndayicariye yari umuhanuzi mukuru mu biro vy'umukuru w'igihugu. Ubutegetsi bwa Ntibantunganya butembagajwe mu 1996, mu gihe uwo yahora abereye umuhanuzi mukuru yari anyegeye muri Ambassade y'abanyamerika, Petero Karaveli Ndayicariye yaciye yinjira muri Leta ya Prezida Buyoya yari ahejeje gutembagaza ubutegetsi. Ndayicariye yari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, yongera aba umuvugizi wa Leta ya Prezida Buyoya. Mu nyuma Ndayicariye yarakoze imyaka nk'umuhinga yigenga. Ku ntwaro ya Prezida Nkurunziza naho, Petero Karaveli Ndayicariye yabonetse nk'uwegamiye cane CNDD-FDD. Amatora yose yarongowe na Petero Karaveli yamye yiyamirizwa. Ndayicariye yagumye yerekana uguhengamira ku nyungu za CNDD-FDD. Mu matora ya 2010, hari imigambwe ititoje mu makomine amwamwe ariko igahabwa amajwi muri ayo makomine. Akarorero gakunze gutangwa ni aka MSD muri komine Kabarore. Muri 2015 ho habaye agahebuza. Ubutegetsi bwari bwaratse imigambwe FNL na UPRONA indongozi zayo, Agathon Rwasa na Charles Nditije. Ariko ubwo butegetsi bwaremereye izo ndongozi kwitoza nk'abigenga, bunabemerera gukora urunani "Amizero y'Abarundi". Kubera indyane zijanye n'ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, runo runani ntirwiyamamaje, ntirwemeye amatora ya 2015, ariko muri CENI bararuhaye intebe zitari nke mu Nama Nshingamateka. Nkurunziza yari akeneye ko biboneka ko habaye amatora kandi ko CNDD-FDD itisangije ubutegetsi. Ni gutyo CENI ya Ndayicariye yagabiye amajwi urunani rutahiganywe. Bamwe mu bagabiwe intebe mu Nama Nshingamateka bahisemwo kuja kwicara muri izo ntebe, abandi baravyanka. Mu ncamake CENI za Ndayicariye zisa n'izarakoze ibitangaza ! Kuva muri munyonyo 2018, Petero Karaveli Ndayicariye arongoye umurwi CVR ujejwe kurondera ukuri ku mabi yaryanidhije Abarundi muri kahise no kunywanisha Abarundi. Birumvikana ko ari igikorwa atoshobora mu gihe asanzwe atizewe n'imirwi itandukanye y'Abarundi. No muri uwo murwi, imyidogo imukurikira nkuko vyari bimeze agitwara CENI. Petero Karaveli Ndayicariye afatwa nk'umusirikare w'inyungu za CNDD-FDD gusa. Pierre Claver Ndayicariye yavuze muri ntwarante 1960, muri komine Bugenyuzi mu ntara ya Karusi. 🔴 Dr Pierre-Claver Kazihise yatunganije amatora ya 2020. Amatora ya 2020 yari amatora akomeye, kuko yarimwo gutora umukuru w'igihugu asubirira Petero Nkurunziza. Muri aya matora, harabayeho ihiganwa rikomeye gushika ku munota wa nyuma wayo. Ariko ni amatora yabonetsemwo ubusuma buhambaye hageze guharura amajwi. Hari Abarundi batari bake bemeza ko Agathon Rwasa ariwe yaronse intsinzi, hariho n'amaraporo y'abahinga avyemeza. CENI ya Kazihise yatangaje intsinzi ya Evariste Ndayishimiye n CNDD-FDD. Umukuru wa CENI, Dr Petero Karaveli Kazihise yari asanzwe azwi ko ari mu mashirahamwe yitwa ko yigenga ariko ahabwa amategeko muri CNDD-FDD. Yari n'umuyobozi mukuru w'ishure Kaminuza rya Leta INSP, ikibanza gihabwa abayoboke ba CNDD-FDD. Amazina y'abagize CENI yari yatanzwe giturumbuka mu Nama Nshingamateka, baca batorwa abashingamateka bo mu runani Amizero y'Abarundi basohotse. Ikintu benshi batazibagira kuri Dr Kazihise nuko ariwe mukuru wa CENI yubahutse gushira ahabona ibiharuro vy'amatora bitari vyo, mu nyuma akabihindura ngo yari "brouillon". Kuri Kazihise niho hatanguye ingendo yo kubuza abamenyeshamakuru kuvuga ibiharuro babonye. Ni naho hatangura kuboneka cane amatora amara imisi myinshi hadashizwe ahabona ivyayavuyemwo, maze ingingo z'ibiyavamwo zigafatirwa muri CNDD-FDD. Pierre-Claver Kazihise avuka mu ntara ya Mwaro. 🔴 Prosper Ntahorwamiye ariko atunganya amatora ya 2025. Igenwa rya Prosper Ntahorwamiye nk'umukuru wa CENI ryabaye ikimenyetso kitabesha ko Evariste Ndayishimiye yari yiteguriye amatora adahumuriza. Ntahorwamiye yari umunyamabanga mukuru wa Leta ya Ndayishimiye, muri 200 na 2015 naho yari umuvugizi wa Petero Karaveli Ndayicariye, mu matora atigeze yizerwa. Mu bagize CENI ya Ntahorwamiye harimwo nka Sylvestre Nyandwi, umu Procureur Général de la République yatoteje bidasanzwe abatavuga rumwe na CNDD-FDD mu kiringo c'imyaka indwi. Ivyo iyi CENI ya Ntahorwamiye yakoze ni akataraboneka mu mateka y'Uburundi kuva bwikukiye. Niyo CENI yubahutse gukumira uwabaye uwakabiri mu matora yaheruka (ni ukuvuga mu gifaransa la deuxième force politique du pays). Agathon Rwasa n'abo bari kumwe ntibemerewe kwitoza. Intwaro y'abakoroni mu mpera za 1960 yarakoze ibisa nk'ivyo mu matora y'abajenama b'amakomine, ibanza gupfunga Rwagasore n'izindi ndongozi za UPRONA. Ariko n'abakoroni ntibashikiriye urugero rwa Ntahorwamiye kuko UPRONA ya Rwagasore barayiretse iritoza ico gihe, gusa babuza indongozi zayo kuyamamamaza. Ntahorwamiye we yarabujije burundu Rwasa n'abiwe kwitoza. Amatora yo ku wa 05.6.2025 azinjira mu mateka y'Uburundi nk'amatora y'akamaramaza. Amatora yahagarikiwe n'imboberakure mu gihugu cose, abanyagihugu batora ku gitsure, bamwe bagatora amenya bari imbere y'imbonerakure, abandi bagasanga bamaze kubatorera. Amatora yakozwe mu gicugu, abazindutse gutora bagasanga amasandugu y'itora yamaze kwuzura. Amatora abanywanyi ba CNDD-FDD bihaye amajwi bashatse ata nkomanzi. Birangira bihaye 100% mu Nama Nshingamateka ! Nkuko vyagenze kuri CENI ya Kazihise, CENI ya Ntahorwamiye yaharuye amajwi mu kiringo c'indwi yose, ibikora mu kinyegero, abamenyeshamakuru barabuzwa kuvuga ibiharuro babonye. Bitangaje kubona, mu gahugu gato cane nk'Uburundi, mu myaka dufise ubuhinga bwa none, guharura amajwi bitwara umwanya ungana gutyo kwose ! Imbere yo kuja kuba umuvugizi wa CENI yo muri 2010, Prosper Ntahorwamiye nta mabanga akomeye cane ya politike yari azwimwo. Ico gihe yafatwa ko ari umunywanyi wa FRODEBU. Inyuma yarabaye umunyamabanga mukuru wa Leta, aranaba umuvugizi wayo. Prosper Ntahorwamiye avuka mu ntara ya Makamba. 🔴 Gusozera Hari intwari zibiri rikomeye zabonetse mu gutunganya amatora mu Burundi : Térence Sinunguruza na Professeur Paul Ngarambe. Amatora batunganije mu 1993 no muri 2005 yarizewe, yongera atuma haba ihinduka ry'umugambwe utwara igihugu. Muri abo babiri, Professeur Ngarambe niwe wenyene akiri muzima. Arakwiriye kwambikwa umudariw' iteka. Hari abandi batatu batukishije izina rya CENI ihinduka umurwi utacizewe. Ariko muri abo batatu, Prosper Ntahorwamiye niwe abaye agahebuza mu gutunganya ubusuma bukorwa ku mugaragaro. Arakwiriye umudari w'akamaramaza ! Iyi nkuru yerekana ingene ingene umuntu atwara CENI aba ahambaye cane. Igihe cose hazogenwa umuntu atizewe na bose bizogora kuronka amatora meza. Birahambaye ko muri kazoza higwa neza ingene abagize CENI batorwa, ku buryo bataza bakorera uruhande rumwe rw'abitoza.
🙏 😮 ❤️ 😁 😂 10

Comments