FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 14, 2025 at 08:31 AM
https://www.facebook.com/share/p/14q4P3L4js/ 🔴 Israel na Irani : isi yoba igira yinjire mu yindi ntambara ikomeye ? Ku musi w'ejo haheze Israël yarakoze ibitero bikomeye muri Irani. Indege z'ingwano 200 zagumye zisubiriza gucucagira amabombe na za misile mu bibanza bishika 300. Harakoreshejwe kandi ama drones yatewe n'imirwi y'abanya Israël yari ku butaka bwa Irani. Muri ivyo bitero, Israël yarasambuye ibibanza vy'igirikare ca Irani, ibibanza bikoreshwa mu gutegura ikorwa rya bombe atomique ya Irani. Israel yarishe indongozi zikomeye z'igisirikare ca Irani. Abajenerali bashika 20 barishwe. Abandi bishwe ni inzobere mu bijanye n'ubuhinga bwotumye Irani ikora bombe atomique. Ku mugoroba w'ejo nyene, Irani yaragerageje kwihora, irungika missiles zitari nke ku butaka bwa Israel. Vyinshi muri ivyo bisasu vyarasamburiwe mu kirere,hariho bike vyashitse hasi birica abantu bashika batatu. 🔴 Kubera iki Israël yateye Irani Imvo ni zitatu : 1. Guhagarika umugambi wa Irani wo gutunga bombe atomique. Uyu mugambi urateye ubwoba kandi wari ugeze kure. Irani yararahiye ko itegerezwa gufuta Israel kw'ikarata y'isi. Aho vyumvikana ko irinze ironka bombe atomique, ibara ryoba riguye. Israël yarononye ibibanza bihambaye bikora ico bita "enrichissement nucléaire", yongera irica abahinga 9 barongoye uwo mugambi. 2. Kwica indongozi z'igisirikare ca Irani zama zivuga ko zishaka gufuta Israel. Mu basirikare bishwe harimwo aba jenerali bane bakomeye cane bahora bavuga ko Israel isigaje gato bakayifuta : - Général Hossein Salami, umugaba mukuru w'igisirikare kidasanzwe ca Irani bita Gardiens de la Révolution. - Lieutenant-Général Mohammad Bagheri yari umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Irani. - Lieutenant-Général Gholam Ali Rashid, yatwara icicaro gikuru ca Gardiens de la Révolution. - Général de brigade Amir Ali Hajizadeh, yatwara ingabo zijejwe ikirere muri Gardiens de la Révolution. Havugwa abajenerali barenga 20 bishwe, canecane hakoreshejwe drones, bamwe zabasanga muhira. 3. Gusambura ibibanza bihambaye vya gisirikare, birimwo ibicungera ikirere ca Irani be n'ibikoreshwa mu gutera Israel ' Umushikiranganji wa mbere wa Israël, Benjamin Netanyahou, avuga ko ivyabaye ejo ari intango, ko Irani igiye kubona amahano idashobora kwibaza. 🔴 Irani itewe mu gihe itorohewe. Irani yari yarashizeho mu karere ibisirikare biyifasha kugwanya israël. Itewe mu gihe ivyo basirikare vyose bigeze habi : - Hamas muri Gaza ntaco igishoboye, yarasambuwe na Israël - Hezbollah muri Libani igeze habi cane, mu mwaka uheze yaratabaguwe na Israël. - igisirikare ca Bashar al-Assad muri Syria caratembagajwe muri kigarama 2024. - abaroberi b'aba Houthis muri Yémen bageze habi. Uburusiya ntibushobora kuza gufasha umukunzi wayo Irani kubera intambara itoroshe burimwo muri Ukraine. Irani isanzwe ifise abakeba benshi mu karere, nka Arabia Saoudite na Turkiya. Ibihugu vy'abarabu, naho vyiyamiriza iyo ntambara, bisanzwe vyari. Irani irafise ikibazo gikomeye co kwivuna. Irazi ko Israel ishigikiwe na Amerika, ariko ihirahiye igatera ibirindiro vya Amerika mu karere izoba ihamagaye Leta zunze ubumwe z'Amerika muri iyo ngwano. Nivyashika Irani ikonona vyinshi muri Israël, izoba ihamagaye ibihugu vyinshi kuza gutabara Israël muri iyo ntambara. 🔴 Israel irashigikiwe bikomeye Iyi ntambara itanguye ntisanzwe. Ibihugu vyinshi vyari bisanzwe biyikeneye, haraciye imyaka myinshi. Prezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yaraye atangaje ko n'igihugu ciwe kibangamiwe n'umugambi wa Irani wo gutunga bombe atomique. Aho ni ukuvuga ko Ubumwe bwa Bulaya buri inyuma ya Israel muri iyi ntambara, iruhande ya Amerika n'ibindi bihugu. Nkuko vyama muri benizi ntambara, Ubushinwa buraziyamiriza ariko ntibuzijamwo. Hamwe bwokwinjiramwo, intambara y'isi yose yoba itanguye. Intumbero nyamukuru y'iyi ntambara, naho itavugwa icese, ni ugusenyura intwaro y'aba Mollahs muri Irani. Intwaro imaze imyaka 46, ikaba ifise n'abanya Irani batayerekwa. 🔴 Intambara ya Dawidi na Goliati ! Uravye uburinganire bwa Israel (22.500 km²) n'ubwa Irani (1.648.000 km²), iyi ngwano womengo ntishoboka. Abanyagihugu ba Israël bababa imiliyoni 10, abanyagihugu ba Irani barenga imiliyoni 90. Irani iri ku birometero 1700 uvuye muri Israël. Israël ifise abasirikare 178.000 hamwe na 460.000 b'aba "réservistes". Irani ifise abasirikare 610.000 hamwe n'aba réservistes 350.000. Ariko rero amafaranga akoreshwa mu vya gisirikare aratanga ubudasa : hafi imiliyaridi 10 z'amadolari kuri Irani mu gihe Israël ikoresha ayarenga imiliyaridi 40. Ivyo bituma Israel ikoresha ibirwanisho bigezweho mu gihe hari vyinshi Irani igikoresha ivya kera. Israël ni igihangange kandi mu bijanye n'iperereza, ku buryo yama izi ibintu vyose bibera muri Iran. Urwego rw'iperereza rwa Israël bita Mossad ruratinyitse mw'isi yose. Iyi ngwano twogereranya n'iya Dawidi na Goliati muri Bibiliya, izogira ingaruka kw'isi yose. Ibiciro vy'ibitoro vyaraye bisubiriye kuduga. Irani isanzwe yimbura igitoro kitari gike. Ingaruka zizoba mbi mu bihugu vyinshi. 🔴 Mu ncamake intambara yaraye itanguye hagati ya Israel na Irani ntawuzi aho izogarukira. Ibihugu bitayifashemwo neza, ishobora guhinduka intambara y'isi yose, na canecane mu gihe Ubushinwa n'Uburusiya vyoshaka kuyivangamwo. Israël irafise impamvu zumvikana zo gukora iyo ngwano kubera ni ukwivuna uwarahiye gufuta Israel kandi akaba ariko araronka uburyo bwo kubikora.
😂 😢 🙏 🇧🇮 😕 13

Comments