FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 14, 2025 at 12:58 PM
https://www.facebook.com/share/p/1CGLdd5uNX/ #agafoto : Uko ikinyamakuru Iwacu gishushanya #amatora y'uno mwaka. Inkona iboneka ikwakuye isaho y'amajwi abanyamigambwe n'abandi bakandida bariko baragwanira, bose basigara baratembagara, nayo ica irigira. Hari uwaguye bwarumye ataboneka neza, Nestor Girukwishaka aboneka aboroga yamaze gushika hasi, babiri bandi baracakoroka... Umutwe w'inkuru, uri mu gifaransa ariko ufise insiguro zibiri. Ijambo "vol de l'aigle" rishobora gusigura "ukuguruka kw'inkona" canke "ubusuma bw'inkona'. Umuntu ashobora guhindura mu kirundi ati : "Ntakibuza inkona kwarara" canke "Ntakibuza ubusuma bw'inkona" 🔴 Abahinga mu gucupa bamenya kuvuga vyinshi mu gicapo. Musomyi, uyu mucafyi umuhaye amanota angahe kw'icumi ?
😂 4

Comments