
FOCODE Magazine
June 14, 2025 at 05:09 PM
https://x.com/FOCODE_/status/1933909780197695620?t=KXsLeNAzDS0UgPLyYmMNkw&s=19
#burundi Bapfungiwe iki?
Umupfasoni Florence RUTAMUCERO aserukira ishirahamwe ry'abanyeshure b'abacikacumu yapfiriye mu Kibimba na André BIZOZA aserukira ishirahamwe ry'abanyeshure bacitse kw'icumu kw'ishure ry'i Buta baraye baragaritswe ku kibuga c'indege citiriwe Melchior NDADAYE ejo hahise 13/06/2025, igihe bari yafashe urugendo rw'akazi rwabashikana mu gihugu ca Kenya. Abo babiri bahagarikiwe hamwe n'umuhinga yitwa Elvis asanzwe ari mur'iryo shirahamwe ry'abacikacumu b'i Buta.
Ejo nyene , André BIZOZA na Elvis baciye batwarwa gupfungirwa mu gasho ka PJ Jabe nayo umupfasoni Florence RUTAMUCERO aca atwarwa gupfungirwa mu gasho ka BSR (kuko muri PJ Jabe ata gasho k'abakenyezi kahari).
Gushika ubu ntiharamenyekana impamvu bapfunzwe, ariko ikigaragara n'uko ipfungwa ryabo rifitaniye isano n'uko leta iri ku butegetsi iguma ishaka ko ivy'abo bacika cumu bitabandanya bivugwa mu gihugu c'Uburundi, eka iyo leta nyene ikaba yaramaze kwankira bene abo bacikacumu kubandanya babibukira hamwe.
Abo bapfunzwe baratabarizwa ubona ko ata caha bakoze cotuma bapfungwa.
Ni inkuru ikibandanya
@GeneralNeva, @NtareHouse, @CNIDH_Bdi, @MiniJustice_BDI, @nshingamateka, @Burundi_senat, @Burundi_Police, @LigueIteka, @FOCODE_, @SOSTORTUREBDI, @Acatbdi, @VisionUmucoBI, @EsddhA, @hrdburundi
Organisation King Umurundi Freedom, Le 14/06/2025