🇧🇮VOIX DU PATRIOT🇧🇮
🇧🇮VOIX DU PATRIOT🇧🇮
June 10, 2025 at 02:15 PM
#burundi Turibuka kandi turazirikana iragi rya Sogokuru wacu, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Imboneza yamaho mu gukunda no gukundisha igihugu: « Imana ifise ikibanza ca mbere. Mu gihugu cacu c’Uburundi no mu mugambwe wacu wa CNDD-FDD » « Dusenga, dukora. Dukora, dusenga. » Ko basokuru rero badusigiye amakanda y’Urukundo n’Ubumwe, nta cobuza ko iyo nzira baciyemwo ikaberera twoyicamwo natwe, mbere tukayinoza gusumba. « Ndabamenyesheje ko ata ntambara izosubira kuba mu Burundi, Imana yo mw’ijuru ni yo cabona » Murame muzirikana wa mwibutsa wa basokuru ngo: Mpemukendamuke yagambaniye uwamuhaye inka.Ntihagire uwuhemukira igihugu, ntihagire uwuhemukira Abarundi » Muze twubake Uburundi, tubwubake tugavye kuko abansi bamaho. Ntimuryame umukondorazosi ngo mwikangure mwicuza!Barayamaze ngo uwuhenzwe n’agahengwe acana inkinzo. Ntimusamazwe,mwame mwibuka ko inkoko mu guhona zicudika n’ibisiga. *_Abarundi,cane cane urwaruka, tubasavye kwima amatwi imburakimazi zibura ico zitumarira zitabura ico Zidukoza_*🇧🇮✍🏽
Image from 🇧🇮VOIX DU PATRIOT🇧🇮: <a class="text-blue-500 hover:underline cursor-pointer" href="/hashtag...

Comments