
🇧🇮VOIX DU PATRIOT🇧🇮
4.5K subscribers
About 🇧🇮VOIX DU PATRIOT🇧🇮
Burundi Country,Burundian Daughters Beauty,Patriotism,Music ,film,Entertainment, Business management,Content creator. Twerekana Ishusho nziza y'Igihugu,Duhimiriza abantu gukunda igihugu cabo nokucigura,twamamaza ubwiza bwabana babarundikazi,duterera ivyiyumviro abakeneye gukora projects zabo mugihe bavyipfuza,Dushigikira umuziki w'Uburundi na Films,Dukorera mw'itangazamakuru kubavyipfuza. Wipfuza kugira ivyo wamamaza,turagukorera publicité muburyo bwiza. Dukora videos za Marriage,dotes,.... Dukora photoshop In collaboration with Afrigift TV and Bullywood industry. Ukeneye kuduhamagara ni Whatsapp:+25777833917 Direct call; +25777833917 +25761470788 Email:[email protected]
Similar Channels
Swipe to see more
Posts

*Urumuri wakije Ntanumwe tuzemerera kuruzimya,Abarundi Turagukunda.*


*Ngo mu Burundi Igihugu cambere gikenye kw'isi, mwasaze???mwacomye???canke muvuga ivyo mutazi???* *Kuki mwizera kwandikirwa amateka nabandi bantu,kuki mwizerako abandi ba google ari abamalayika intumwa z'Imana z'Imana kw'isi???kuberiki???* Afrika 💔🥺😭

```TUZOBIGENDERA``` ```ABANYAMAHORO,TURYA DUKARAVYE,UDUTEYE TURIVUNA,KANDI TUKIVUNA NEZA```

#Burundi Turibuka kandi turazirikana iragi rya Sogokuru wacu, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Imboneza yamaho mu gukunda no gukundisha igihugu: « Imana ifise ikibanza ca mbere. Mu gihugu cacu c’Uburundi no mu mugambwe wacu wa CNDD-FDD » « Dusenga, dukora. Dukora, dusenga. » Ko basokuru rero badusigiye amakanda y’Urukundo n’Ubumwe, nta cobuza ko iyo nzira baciyemwo ikaberera twoyicamwo natwe, mbere tukayinoza gusumba. « Ndabamenyesheje ko ata ntambara izosubira kuba mu Burundi, Imana yo mw’ijuru ni yo cabona » Murame muzirikana wa mwibutsa wa basokuru ngo: Mpemukendamuke yagambaniye uwamuhaye inka.Ntihagire uwuhemukira igihugu, ntihagire uwuhemukira Abarundi » Muze twubake Uburundi, tubwubake tugavye kuko abansi bamaho. Ntimuryame umukondorazosi ngo mwikangure mwicuza!Barayamaze ngo uwuhenzwe n’agahengwe acana inkinzo. Ntimusamazwe,mwame mwibuka ko inkoko mu guhona zicudika n’ibisiga. *_Abarundi,cane cane urwaruka, tubasavye kwima amatwi imburakimazi zibura ico zitumarira zitabura ico Zidukoza_*🇧🇮✍🏽


MENYA UKURI ```MENYA GUTANDUKANYA PRESIDENT WUMU COMMISSIONERI N'UMU PRESIDENT WUMU HARD WORKER, HUSTLER``` *Abarundi bikuramwo ubwenge mukurikirane....* *Voix du Patriote Nkibisanzwe*

*TUZIRIKANE #IMYIBUTSA 20 UMUHISI SOGOKURU PETERO NKURUNZIZA YADUSIGIYE*: 1) Inkoko muguhona zicudika n'ibisiga. 2) Ibihengeri mu ruhongore bitera imfyisi ameru. 3) Intambara y'ibihori iryohera ibisiga. 4) Uwaborejwe n'agahengwe acana inkinzo. 5) Agakono katetse uburozi ntikozwa rimwe. 6) Agasaho katekeye itabi ntigashira imvunji. 7) Urwangara rw'umwungere ruhaza imfyisi. 8) Ifuku itazi agaheza ishora umutwe umushibuka. 9) Ikigutwaye umutima nico kigutwara agatwe. 10) Inkware y'ikijuju iteramana n'umuhigi. 11) Impfizi y'indangare irisha ku macuniro. 12) Akavyino k'igisiga kabera inkoko. 13) Ugaburira intahaga, igahaga ikumize 14) Uwo imizimu itaracira munsi y'urugo yibaza ngo niwe azi guterekera gusumba abandi. 15) Uwutazi ikizira yamura ikizinu camereye mu mbari. 16) Ntarataze wa Ntarataze yaburanye na Ruvyironza ngo ni umwaba wa se. 17) Agasozi kabaye indahiro ntikaba indagiro. 18) Akabande kabaye imanga ntikaba indagiro. 19) Uhambara cane ugahambwa kare. 20) Igikona cumvira umunyu mu mbeba