🇧🇮VOIX DU PATRIOT🇧🇮
🇧🇮VOIX DU PATRIOT🇧🇮
June 11, 2025 at 07:39 PM
🔴Uburundi ni bwo bugiye kurongora umuryango w'ibihugu vyo muri Afrika yo hagati "CEEAC" mu kiringo c'imyaka 5 kuva muri myandagaro 2025. __________________ Ivyo vyashikirijwe kuri uwu wa 9 Ruheshi 2025, n'Icegera c'Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Prosper Bazombanza, aganutse avuye i Malabo mu gihugu ca Guinée Equatoriale, aho yari yaserukiye Umukuru w'igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye mu nama igira 26 yahuza Abakuru b'ibihugu n'ama Reta ahurikiye mu muryango w'iterambere w'igihugu vya Afrika yo hagati #ceeac, Prosper Bazombanza yamenyesheje ko muri iyo nama y'Abakuru b'ibihugu n'ama Reta yabereye muri Guinée Equatoriale, hasabwe ko amategeko agenga uwo muryango yo kurikizwa ku bijanye no kuja harahanahanwa kurongora uwo muryango. Icegera c'Umukuru w'igihugu c'Uburundi yaciye ashikiriza ko uwurongoye uwo muryango azoheza ikiringo ciwe c'imyaka itanu mu kwezi myandagaro 2025 ndetse ngo Uburundi bukaba bwiteguye guca burungika izina z'uwuzoca aja kurongora inzego zigize uwo mu ryango wa #ceeac mu kiringo c'imyaka itanu, ngo kuko hazoba haramukiwe igihugu c'Uburundi, ndetse ngo ico ciyumviro kikaba caremewe muri iyo nama yahuza Abakuru b'ibihugu n'ama Reta bigize umuryango wa #ceeac. Nkuko icegera c'Umukuru w'igihugu c'Uburundi Prosper Bazombanza yabandanije abishikiriza, ngo ikindi cafundikiwe muri iyo nama, ni uko ibihugu vyose vyoshiramwo inguvu kugira birabe uko vyoriha ibirarane vy'intererano bisanzwe biheranye, kugira mu kwezi kwa Nzero 2026 hazoce hatangura intererano zizoba zizofasha kugira ngo ibihugu vyose bigize uwo muryango bijane ku ntambwe imwe y'iterambere bifatanye mu nda. #burundi #ceeac #iterambere #rtnb. https://www.facebook.com/100076373131508/posts/745723541316744/?app=fbl

Comments