
🇧🇮VOIX DU PATRIOT🇧🇮
June 16, 2025 at 10:59 AM
Mushobora kwibaza impamvu ntavuga LUMITEL❌❌❌❌❌❌❌❌Lumitel Ntabwo ari Umuhora W'igihugu,Nabashoramari ,bivuzengo abokutwiba biri muvyabazanye,abo twidoze ntaco vyobatwara mugihe barimwo kubona ayabo,..............Ariko ONAMOB Ninyivuga mwumveko mbandikubabonamwo *manque du Patriotisme* ndabivuze nshake mbizire.✍🏽I am not afraid of saying this,Kuberako Ukobotanga Services nziza Niko boba barimwo kwubahisha Igihugu.Ukobubahisha Igihugu ninako baba bubahishije Indongozi zaco ninako baba bubahishije Umugambwe uri k'ubutegetsi.Ivyo sindabivuga kuri ONATEL gusa ndabivuga nokuri mwebwe mwese muserukira ibisata bikurubikuru vya Reta,.......Services mutanga nizo gisobanuro caho mugeza gukunda Igihugu✍🏽 Nkabenegihugu,Ntabwo Tuzokwamira gufukamira buri musi abatugezako services duhabwa n'Igihugu nkaho womenga ni KUBASEGA canke KUBINGINGA oya namba;Nimba Igihugu kigushikirije ibikorwa bikore n'Umutima wawe wose n'ubwenge bwawe bwose Wumveko ukoze ikintu kizanye Impinduka mugisata urimwo.✍🏽Nivyo Abenegihugu bashobora kubabara ntibavuge ariko imitima yabo igahorana kwidoga.Ivyo vyica umutima bikamunga amagufa bikagabanya kuramba.Banyakwubahwa mujejwe Amabanga y'Igihugu,Ntabwo arikibazo ko abansi b'Igihugu bavuga igihugu cacu nabi mugihe Abenegihugu turonswa services dufitiye uburenganzira nk'Abenegihugu,Ahubwo biba Ikibazo igihe bavuze bimwe Umwenegihugu afyonderako akanka kuvuga,kuko ashobora kwisanga mumakosa yokwizera adashishoje ngwamenye nibihe biganza bije kumuhoza amarira,Akenshi abenegihugu bakarwa mwikosa ryogutega amaso abayamenamwo Ipilipili.✍🏽 ✍🏽✍🏽✍🏽