Iris News
Iris News
June 15, 2025 at 04:32 PM
🎙️ Mu Burundi, ngo umuntu wese ashaka kwitwa "Président" gushika no k'uwutwara ''Groupe Whatsapp". Bivugwa na Martin Niteretse, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati. 💬Agira ati :”Usanga umuntu arongoye association ngo nyita president,uwundi afise akandi kantu, club ngo ndi president”. 🤔Kubwiwe ngo Prezida akwiye kuba umwe mu gihugu ari we mukuru w'igihugu, ngo harakenewe guhinyanyurwa amategeko n'amabwirizwa abigenga kuko benshi barondera iryo zina ivyo abona ko biteye ingorane. 👉 Martin Niteretse akabonako iryo jambo ryari rikwiye gukingirwa. umukuru w’igihugu wenyene ariwe yarakwiye kwitwa "Président". Akabona ko abandi bari bakwiye kwitwa aba “coordinateur” canke “rassembleur”…. 🥱 Kubwiwe ngo n’ikibazo kubona hari umuntu yiyita "président" adafise na komite nyobozi (comite éxécutif). #burundi #amakuru #irisnews https://www.facebook.com/share/v/1LWbeJdpuB/
💩 😂 😢 🥱 4

Comments