Iris News
Iris News
June 16, 2025 at 07:47 AM
[16RUHESHI] #umunsinkuyu muri kahise... 📆 Turi kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2025. Umunsi ugira 166 mu mwaka, hasigaye iminsi 199 ngo umwaka urangire. Twipfurize isabukuru nziza abavutse kuri rino genekerezo bose 🥳 ⤵️ Ng'ibi bimwe mu vyaranze iri genekerezo muri kahise... 🇧🇮 1963 - Mu Burundi, Umwami Mwambutsa IV yagenye Pierre Ngendandumwe ngo abe Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi. 🇷🇺 1963 – Mu Burusiya, Valentina Terechkova yabaye umugore wa mbere yinjiye mu kirere. 🪖 1916 - Ababiligi baromoye abadagi mu burongozi bw'igihugu c'Uburundi 🇪🇸 1779 – Muri Espagne, haratanguye intambara mu bwongereza (Itangura ry’intambara ya Gibraltar) 👀 Tubwire nawe ico uzirikana kuri rino genekerezo ? #burundi #kahise #iris News https://www.facebook.com/100056436835117/posts/pfbid0goje1ZJ2EtCDJZnvQvP4KhS98a9gBtq5RAk1oMY8x2GyWvg1rUU7YG98VAvXTZYal/?app=fbl
1

Comments