Iris News
Iris News
June 17, 2025 at 01:30 PM
🙏 Umuryango w’Umukuru w’Igihugu uriko urategura igikorane co gushimira Imana ku myaka itanu Prezida Evariste Ndayishimiye amaze arongoye Uburundi. 📍 Ayo masengesho yo gukenguruka, agiye kubera i Gitega kuva kw’itariki 19 gushika ku ya 21 Ruheshi 2025. 👥 Ayo masengesho, aba buri mwaka, vyitezweko azokwitabwa n’abategetsi bakuru bakuru bo mu nzego zitandukanye, hamwe n’isinzi ry’abanyagihugu bazova imihingo yose y’igihugu. 🕊️ Mu mwaka uheze, ayo masengesho yabereye i Nyabihanga, mu ntara ya kera ya Mwaro. ✍️ Prezida Evariste Ndayishimiye yarahiriye kurongora Uburundi ku wa 18 Ruheshi 2020. #burundi #irisnews https://www.facebook.com/share/v/1AZumWazgm/

Comments