
Iris News
June 18, 2025 at 12:25 PM
🔴 Isasa ry'Inama nshingamateka ryari ritegekanijwe uyu munsi ryasibijwe ku munota wa nyuma
🗓️ Kuri uyu wa 18 Ruheshi 2025, isaha zitatu (09h), hari hategekanijwe Inama nshingamateka yari gukoranira mu ngoro yayo yo mu Kigobe
👥 Umutumire yari yitezwe yari umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi, Prosper Dodiko. Ubwa mbere vyari bitegekanijwe ko bakirirwa hamwe n'uw'ubudandaji, amahinguriro n'ingenzi , Marie Chantal Nijimbere, yamara uyu nawe ari mu rugendo rw'akazi mu Buyapani
🔴 Uko vyagenze uyu munsi:
Mu gihe abashingamateka bari bamaze gushika mu ngoro y'amakoraniro mu Kigobe barindiriye umushikiranganji Dodiko ngo yishure ku bibazo vyabo, urwo rubanza rwahavuye rusiba. Umushikiranganji yitabiriye ibindi bikorwa vy'ikiyago catunganijwe n'Umukuru w'igihugu, Evariste Ndayishimiye kuri Stade Ingoma mu ntara ya Gitega nk'uko abajejwe gutunganya inama (service protocole) babimenyesheje
🔙 Si irya mbere bibaye. Kamwe mu turorero twa hafi ni akarorero ko muri Ndamukiza igenekerezo rya 17 uyu mwaka nyene. Ico gihe inama nshingamateka yarasivye nk'uko vyabaye uyu munsi, mu gihe hari hitezwe umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi hamwe n'ubw'ubudandaji nyene.
#burundi #amakuru #irisnews
https://www.facebook.com/100056436835117/posts/pfbid02YVaDmGABaFsFqvMEhQMEdunFNcKE1LHuiDb19vc2EyKdiv927oQ59ca6rwcY8tFkl/?app=fbl
😮
😳
2